Basomyi bahire, murabizi ko tutandika kuri poritike, muri Jimbere. N’ubwo ivyo dukorerako, nk’indero, ukubana, ubutunzi, amagara, uburimyi canke imicokama, arivyo poritike yubakiyeko,...
Mu gihe mu Burundi abakenyezi ari bo benshi kuko barenga 51%, kuri rino genekerezo rya 8 ntwarante aho isi yose ihimbaza umunsi...
Kuri uwu munsi w’Imana ushitse mu bihe vyiza vyo mw’ikarema, aho abakirisu bose bitegurira guhimbaza umunsi mukuru wa pasika, « Njeba »...
Mw’ikete rya kabiri, Njebarikanuye yaramutse yidodombera « itituka » ry’ururimi rw’ikirundi mu mvugo canke mu nyandiko, na cane cane mu bimenyeshamakuru. Majambere,...
Mu Burundi, umuco wo gukwa umugeni wamyeho kandi ibirori vy’urwo rubanza vyaba bifise uko bitunganijwe bihuye n’akaranga k’abarundi. Ariko aho bigeze ubu,...
Mu Burundi, imyambaro y’abigeme n’abakenyezi yagiye irahindagurika bivanye n’iterambere igihugu kiba kigezemwo. Muri ino nkuru turabereka inyambaro zagiye ziraranga ibihe bikurubikuru vy’Uburundi....
Ikete rya mbere rya Njebarikanuye ryerekeye ubusuma n’ubunyonyezi bwigize ndanse mu bisagara. Banyagisagara benewacu nkunda cane, Mbaje kubaramutsa ndabifuriza umwaka mushasha wa...
Abantu benshi babona icapati mu mazu y’uburiro abandi bakazibona mu tudobo bariko barazitembereza bakazigura bazifungura ariko batazi uko zitegurwa ndetse n’ivyo bavangamwo...
Mu kibano aho duherereye turamaze kwumva imvugo igira ngo « nta mugabo atavyara ». Ikinyamakuru Jimbere caregereye umuhinga mu mico n’akaranga aratuyagira...
Mu bisagara, ingo nyinshi usanga zifise imboneshakure zifasha imiryango guterama, kumenya amakuru, kwigisha abana ivy’indimi n’ibindi . Ariko rero zirashobora no kubangamira...