Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Banyagisagara, be maso !

Ikete rya mbere rya Njebarikanuye ryerekeye ubusuma n’ubunyonyezi bwigize ndanse mu bisagara.

Banyagisagara benewacu nkunda cane,

Mbaje kubaramutsa ndabifuriza umwaka mushasha wa 2020. Ndabandikiye iri kete ndabamenyesha ko aho muba hari ibimwenyi n’ibisiga bishonje biryamiye amajanja. Bamwe babita abanyamitwe abandi bakabita abatuwuneri, mugabo baragisibije benedata ! Bakoresha amayeri n’amanyanga akomeye kugira mwikore mu mifuko mubahe ivyo mwabiriye akuya. Ndabasavye n’ukuri kwose, mwirinde abo basuma babahenda ngo bashaka kubatungisha mu mwanya muto. Bamwe data ngo zana amahera make ngo bayagwize muronke menshi, abandi ngo natomboye nyereka kuri Lona duca tugabura kuko sindahazi nd’uwaruguru.

Benshi muri mwebwe baramaze kwisopa amahera n’amaterefone bakayakorera ivyo bipfamutima, siko none ? Benshi muri mwebwe bagiye kwibuka kwambara bwakeye kera, bakikangura izo mbura kimazi zabasahuye zagiye kera. Eee !! Abakongomani bati : « Kebanayo » ! Nanje nti :  Be maso !

Ehee, bagenzi banje kanura, aho mubisagara harakurya hatakubariye ! Uburyo bwiza bwo kwirinda abasuma bo mu gisagara, ni ukwima amatwi n’amaso abo bose bakwereka ko barajwe ishinga no kugutungisha kandi batakuzi. Barafise ba se na ba nyina. Barafise bashiki babo na ba inarume eka barafise imiryango. Baratungisha abo b’iwabo mwebwe mubiyime. Abo ni imbobo zo mu muji.  N’ijisho borigutwara ukanabaherekeza.

Muti « mbe ivyo uvuga urabifitiye ivyemezo » ? Cane nyene ndi na vyo. Umvurize bagenzi ndabayagire ivyashikiye umwigeme Niyonsaba Anita avuka mu ntara ya Kayanza. Uwo mwigeme yashitse i Bujumbura aje kwiga muri kaminuza y’Uburundi. Ntahejeje ? Burya yaciye aja mu vyo kwikorera utwiwe. Yadandaza ama inite ya Lumicash na Ecocash. Umunsi umwe avuye gutora amahera muri Interbank yo kudandaza, aca ahura n’umutama amusaba ko yoja kumutorera amahera imiriyoni 7 yatomboje muri Lona. Maze amwemerera kumuhamwo imiriyoni 2.

Kugatima, wa mukobwa ati : « Ahwiii ! Ndaronse amafaranga yo kwongereza umutahe ntavunitse » !Ngabo baragiye, ntibahageze ? Wa mutama amuhaye impapuro ngo aje kumutorera za miriyoni. Ngaho aba amusavye gusiga ivyo afise vyose imbere yo kwinjira. Agira ati: « Bagenzi, yambwiye kwataco binjirana bagiye gutora za miliyoni ». Erega yahavuye asiga isakoshi irimwo ibihumbi amajana atandatu na terefone 2 harimwo n’iyo yakoresha kuri WhatsApp. Wari kugira ngo yarozwe. Yarinjiye ashitse aho yatumwe, baratwenga baruma abo ahasanze bamubwira ko yibwe kuko tike ya Lona yarafise yari iya magendo. Yasubiye inyuma yiruka asanga ahari ihene hasigaye ikiziriko. Yikubise hasi avuza induru. Umutama fye! Yari yahise kera.

Si uwo gusa hari n’uwitwa Niyonkuru Eric, wewe n’umushomeri. Ngo yagize gutya abona ubutumwa bugufi muri terefone bumubwira ko aronse akazi muri UNHCR ariko asabwa kurungika amafaranga 250.000Fbu kuri terefone yo guhiga impapuro zituma atangura akazi. Erega yahavuye agurisha agaparasera kiwe kari ruguru. Yakize guheza kuyarungika terefone y’uwo ayarungikiye yazimye nk’ejo. Ubwenge bwagiye kugaruka akanyoni kamaze kuguruka.  

Banyamuji ndabarahiye, ivyo ndiko ndababwira ni ukuri kutagabanije. Ahantu no mu gipolisi babizi ! Naratiye agashambara nterefone na Pierre Nkurikiye umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi kuri ico kibazo maze ambwira ati : « Abasuma ni benshi mu gisagara. Baguma bahindura uburyo bwo kwiba. Batakwivye bakoresheje ikarata bakina ku mabarabara bakwiba biyambitse ishusho y’abategetsi mu kwishira ku mbuga ngurukanabumenyi. Hari abazokubwira uje kubatorera amafaranga batomboje kuri Lona. Abandi baze mw’ishusho y’abavuga butumwa, uri abigira abaserukira amashirahamwe akomeye bashaka kuguha akazi, abadandaza amahera ku mbuga ngurukanabumenyi n’abandi ». Murahabere maso !   

Uwo Nkurikiye avuga ko n’ubwo abo basuma bahanganye n’igipolisi mbere n’imikwabu ikorwa, bamwe bagafatwa bagapfungwa bagakorerwa amadosiye ngo baguma biba bakoresheje ubutumwa bugufi bibereye mu mabohero.

Banyamuji namwe basilimu, umve akamo k’uwo muvugizi abasaba mwebwe muba mu gisagara ko mwofashanya nyabuna n’abapolisi mugatuza abo ba « Escrocs ». Wawundi ati abambuzi nta bara bafise. Bagutera utiteguye bakagusiga urukombamazi. Gabe mwe batawuneri mwese nay’ubundi bazobasiga imbokoboko. Nti mumere nka ya mbeba yakurikiranye ivya gusa ihasiga agatwe.

Ncuti zanje, ndangije ndabibutsa ko n’ubwo imbeba ihabwa urudagara rukaranze neza, si uko umutezi aba ayikunda. Zénon Manirakiza ni we yivugiye ati : « Ivya gusa biri ku mutego ». « Ikibwirwa n’icumva ! »

Njeribakanuye

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top