Mw’ikete rya kabiri, Njebarikanuye yaramutse yidodombera « itituka » ry’ururimi rw’ikirundi mu mvugo canke mu nyandiko, na cane cane mu bimenyeshamakuru.
Majambere, mwananje nkunda cane,
Mbanje kukuramutsa ndakwipfuriza kurambira mu kazi ko kumenyesha amakuru numvise usigaye ukora. Uzokaronkere mwo ivyiza wipfuza, kandi niwigenza runtu nta nkeka uzobishikako.
Kibondo canje, urazi ingene nakureze. Wakuriye mu ndero y’ikirundi kandi ikirundi ni rwo rurimi rwaduhuza. Ego ni ko, narakujanye kw’ishure kugira ntidusigare inyuma y’amajambere kandi sinkekeranya ko wahigiye vyinshi n’indimi mva mahanga ziri mwo. Ubu rero kari akaryo keza ko gushobora kuyagira abantu bose, umwe wese mu rurimi atahura neza. Ariko ivyo nsigaye numva uvuga, ni agahomerabunwa!
Ni ukuri kwose mwananje, ndagusavye wikebuke amazi atararenga inkombe. Reka kwica indimi. Geza aho reka gukoresha indimi zitaratorerwa amazina ngo muri mu gihe c’amajambere. Mpora niyegereza akaradiyo muri kirya kiganiro ukunda kuremesha. Ni ukuri kwose ndamaramara nkabura iyo ndagikwirwa iyo numva ingene uriko urica ikirundi kandi ari co karanga karanga abarundi. Mwananje, ko numvise utavuga ikirundi, ntuvuge igifaransa, icongereza canke igiswahili, zose ucangatiranya, ubwo uramenya abo ubwira ?
Ehe, ejo bundi, naje mu gisagara ca Bujumbura nje gushigikira umushingantahe Zénon Manirakiza aho yar’ariko arashira ahabona igitabo ciwe gishasha «Ijambo ryubaka», mu muduga narimwo nagiye numva umwe mu rwaruka rwariko rurinjira rwinamura ngo: « Sogeya hiyo vieux uno mubebi tujane ». Bugingo umuduga ugiye numva uwundi ngo: « Braza, stop! Harasigaye bengine ba sto bawili dehors acha ba entrer kwanza ».
Ni ibara. Ikirundi muriko muracica. Uzi ko n’umushingantahe Zénon mu gihe yariko aravuga ibijanye n’igitabu ciwe canditswe mu Kirundi gusa, yateye ivyatsi abantu mutitura urwo rurimi ? Yagize ati: « Birababaje! Ni gake umuntu yize n’aho yoba atahejeje ishure yovuga canke yokwandika ikirundi kirunzwe amayagwa ayaga ico abarundi bagona adasobetsemwo amajambo y’izindi ndimi no mu gihe yoba ariko avugana n’uwuzi ikirundi gusa ».
Mwananje, ehe sha ndaguhanure. Niwige kubungabunga ururimi kavukire. Ntumere nka ba bandi bavuga ngo: «Ikirundi conyene kiragoye kuvuga», canke ngo: «ikirundi kirakenye». Ndibuka hari ikinyamakuru nasomye, aho umwigisha wo muri kaminuza y’uburundi Dénis Bukuru ku munsi wahariwe ururimi kavukire yavuga ko abantu benshi bica ikirundi bitwaje ngo kirakenye. Ariko yarabibeshuje aho yagira ati: «Haba na mba, ikirundi si ururimi rukenye! Ahubwo nyabuna ukutitaho kumenya ivya kera ngo tubivuge mu kirundi no kutamenya ivy’ubu mu Kirundi ni vyo vyonona ururimi.Erega abakiri bato bica urwo rurimi babikura ku bakuze, mu nsamirizi, mu binyamakuru,n’ahandi ».
Rero Majambere mwananje, mu kurangiza, ndagusavye guhera ubu, wige guhitamwo ururimi rumwe ushaka gucishamwo inkuru ni ho n’ivyo uzoshikiriza bizogira akanovera gutyo abakwumviriza canke abasoma ivyo wandika bazogutahura neza wongere ubabere icitegererezo kandi n’ururimi rugume rukingiwe. « Mbwire gito canje, gito c’uwundi cumvireho »!
Njebarikanuye




