Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Gukwa mu Burundi: karashize ingani twice umuco ngo ni ibirori?

Mu Burundi, umuco wo gukwa umugeni wamyeho kandi ibirori vy’urwo rubanza vyaba bifise uko bitunganijwe bihuye n’akaranga k’abarundi.  Ariko aho bigeze ubu, abategura izo manza bashaka kuryosha ibirori bisunze ibibera hanze bakibagira umuco barazwe n’abasokuru.

«Uwutaye akaranga aba ataye ibanga» abo ni ba sokuru babivuga, Ernest Nahimana yize ivy’imico n’akaranga nyafrika yongera ko ati«Sinzi ko urwaruka rubikora rubizi canke ari ukutamenya mugabo ni vyinshi bakora bititura umuco». Tutabeshanye ibihe birahinduka bigatuma havuka ubundi buryo bwo gutunganya imanza ku mvo z’uburyo umwanya, canke ibigezweho ariko hari n’utuntu dutoto dufise insiguro ikomeye mu muco w’ikirundi ataco vyotwara  twubahirijwe.

Aho itituka rihagaze

Urubanza rw’ugukwa ruratanguye, umuryango uje gusaba urashitse utasavye n’irembo, ukumva ingoma ngo dundurindunduri, imvyino n’intambo bagashirako, Ernest Nahimana akibaza ati: «Mbe wovugiriza imirisho uwo utazi hama usubire umubaze ikimugenza? Ni nko kwivuguruza kuko ntuba uzi ikimuzanye ko ari amahoro gusa womuha ikaze n’akavyino kavuga amakenga ufise bikunze ukagatera hama mugaheza mukayaga». Uretse ivyo hari naho bicarika abashitsi hatuma wibaza ibibazo vyinshi kuko n’intebe y’umuhungu aje gukwa ishirwa ahateretse uruhimbi, igisabo ngico, ivyakunze mu gushariza ikibanza ngo ni wo muco ariko mu bisanzwe ivyo ntaho vyakabonetse kuko ni nkogushikiza umukwe mu nzu kandi ivyo ari ibidakorwa.

Ernest abandanya agira ati: «Hari n’ibindi vyiharajwe umukobwa agahonga umuhungu ku munsi wo gukwa, utuganuke akamuha amasaha, ibirato akamukura akamwambika agahebuza rero, ni uko aca amuha n’icumu n’inkizo tuzi neza ko icumu umuhungu arihabwa n’umuryango ata wundi vyagenewe, noneho umukobwa arahongwa ntahonga». Ariko hari n’igihe inyuma yo guha agashimwe uwimirije kuba umugabo wiwe asubira akagaha sebukwe canke inabukwe. Ivyo bigasa nk’ukwikundwakaza kuko agashimwe gahabwa nyina w’umwigeme, se w’umuhungu yaza nk’umusavyi ntakaganuke yaba akeneye na gato. 

Ikosa none rigaruka kwa nde?

Yaba abakuze canke urwaruka, bose batanako amakosa. Nanette Inamahoro ni umwigeme akiri muto akora ivya décor muri Village Market. N’ugutangara kwinshi agira ati:  « N’iryambere numvise ko gushira uruhimbi mu vyo nkora bidahuye n’umuco ariko ahubwo jewe narinzi ko mba ndiko ndawugarukira kuko mba nshaka ko bicara ahatunganije neza».

Antoinette Nahimana ni umupfasoni asa n’uwukuze yimirije imyaka 66 we ngo ikosa ni iry’urwaruka rwirukira ivyo rubonye vyose kuko ku gihe cabo bagerageza gusubiramwo uko bashoboye ingene babikora  kera. Na yo Cybelle Kaneza, umwana yakuriye aha mu gisagara we nta kibazo na kimwe bimuteye n’agatwengo kenshi ati: «Les choses changent, dutegerezwa gutera imbere ivyo abakuze babimenye».

Leila Mutoni wewe asanzwe yikundira imvyino z’ikirundi agira ati:  « N’ubundi twagerageza, kuki abadukurira batatuvunira akagohe? Turabikora baraba bakihorera bigateba bikamenyerwa kuburyo n’abana bakura babibona uko».

Nanette kubera ko atari azi ko ivyo akora aba ariko arica umuco asaba abajejwe ivyo kubungabunga umuco kwikebuka bakavyigisha kuko uburyo bwo kwigisha bwaragwiriye. Bakoresheje nk’ubuhinga ngurukanabumenyi mu mwanya muto vyoba vyumviswe n’urwaruka kuko ariho rusamarira.

Inkuru yatororokanijwe na Kathia Gretta Iradukunda, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
2 Comments

2 Comments

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top