Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Kuki kera bavuga ko abagore aribo gusa baba ingumba?

Mu kibano aho duherereye turamaze kwumva imvugo igira ngo « nta mugabo atavyara ». Ikinyamakuru Jimbere caregereye umuhinga mu mico n’akaranga aratuyagira inkomoko y’iryo jambo eka ndetse n’uko abantu babifata muri kino gihe ca none. Mbega koko ni vyo nta mugabo aba ingumba?

Ku bwa Ernest Nahimana umuhinga mu bijanye n’imico n’akaranga ukutamenya hamwe n’ugushaka gukingira icubahiro c’abagabo hamwe n’ic’umuryango biri muri bimwe bituma bavuga ngo « Nta mugabo atavyara ». Aha rero umuntu aca yibaza ati none vyagenda gute?

Uwo muhinga mu mico n’akaranga abisigura avuga ati : « Kera iyo umugabo azanye umugore, atavyaye yaca amwirukana. Uwa mbere, uwa kabiri bikagenda uko. Ku wa gatatu umuryango waba wamaze kubona ko ikibazo gifise umuhungu wabo kugira bikingire baca barungika uwo mugabo gushengera. Muri ico gihe murumuna w’umugabo mukuru canke mutoya yaca aja kuryamana na wa mugore. Uyo mugore aciye avyara baca bemeza ko umuhungu wabo ariwe afise ikibazo. Umugabo agarutse yasanga umugore afise inda akibaruka uwa mbere uwa kabiri gushika no kuri minani muri ubwo buryo azi kw’abana ari rwiwe kandi atarivyo ariho baca bavuga ngo ntamugabo atavyara ».

Muri iki gihe ca none hoba hariho abacemeranya n’abo bakurambere?

Bamwe mu bo twayaze baremeza ko ata mugabo atavyara abandi na bo ngo habe namba bishikira bose. Umusore Célestin Niyorurema twayaze aho twamusanze aha mu gisagara ca Bujumbura agira ati: «Erega abagabo tuvuka twarahezagiwe. Abagore ni nk’umurima. Jewe nteragiye ikiba gisigaye ndaba umurima umwimbu uzotanga. Kuko imbuto ziba zisanzwe zikomeye. Nta mugabo ashobora gutera imbuto z’ibijabija ntibibaho». Olivier Nahayo na we asa n’uwuvuguruza ico ciyumviro we agira ati: «Ivyo jewe sindavyemera kuko ubu ubuhinga bwaraje batevye kuvyara bitura abaganga. Ahubwo jewe novuga ko ubu abagabo benshi aribo batavyara kuko bishinga kunwa zirya nzoga zikaze cane kandi amatwi ansumira zoba na zo zitera ubugumba». Umwigeme Diane n’akajwi gato ngo: «Sha jewe nta co ndabiziko! Ntavyo ndabona! Ivyo bizi Imana».

Ingaruka zibonekeza mu miryango iyo hari ico kibazo

Uguharikwa, ugukubitwa eka ndetse no kwirukanwa mu rugo yagirizwa ko ariwe yaje guhonya umuryango ni bimwe mu bikunda gushikira umugore mu gihe hatabonetse ikibondo mu mu ryango wiwe. 

Umuhinga m’uvyimico n’akaranga Ernest Nahimana akunze kwiturwa n’imiryango myinshi ifise ico kibazo ngo impanuro ya mbere atanga ni kwitura abaganga hama bamaze kubona ingorane batari buyitorere umuti ni kwihangana kuko ngo ntawushobora kuronka vyose: « Ni ukwihangana maze ico wiyemeje ukacumako. Ntawuronka vyose ni nkuko hari abo Imana iha ubutunzi abandi ibaha ubukene, hari abo yahaye ukuvyara abandi ibaha ubugumba. Kuko hari n’igihe uja kuvyara hanze abo bana bagapfa canke bakakubera gito ».

Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top