Inyuma y’aho Olègue azwi nka « Délégué Général » afatiwe n’igipolisi kubera amasanamu y’indirimbo yiwe yerekana inyifato itabereye, ubu na ho wa « muvumbuzi » Landry Promoter (Mutananirwa) ari mu minwe y’igipolisi. « Uyu nawe yagirizwa ko be na boss wiwe (Akes Don) bakoresha ivyuma n’impano bafise mu gucafuza abasani bagenzi babo kugira hagume havuma ibikorwa vyabo. Ivyo navyo bakabikora muku viola vie privée y’abandi ba artistes. Dossier yiwe iriko irakorwa hamwe niya Olègue », vyavuzwe na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi, aho be na Olegue bari bariko basaba ikigongwe Uburundi bwose.
En tout cas, ngira bamuvumbuye nawe ahejeje kuvumbura uwundi musani, Ismaël Gasore. Kuko aho bamufata, isaha zitatu, yarahejeje gushirako aka video kanyuma. Iradukunda Pacelli ( amazina yiwe ya vrai) yihaya nk’umutananirwa n’umwe mu ba youtubeurs b’abarundi bakaze cane. Waka Light TV akorera n’imwe mu ma médias en ligne akurikiranwa cane n’aho itazwi n’amategeko. Nimba abandi ba paparazzi bari barananiwe, uyu mu brother wewe n’imwe mu ngabire ziwe kabisa. Muti rero bamuziza iki? Nta kindi atari ukuvumbura abasani bibereye muvyo aba fans batabazigamwo, ico police yise « violation de la vie privée ». Intandaro, ni ya vidéo yavumburamwo Aubin Lux, nawe agaca amukubita. Promoter ikosa yagirizwa araryemera: « Ubwambere tukibikora twabona ari ibintu bisanzwe, ariko twasanze harimwo udukosa twari dukwiye kudukosora. Nkuko Olègue yabivuze turasavye imbabazi abadutwara, abarundi ndetse naba jeunes bagenzi bacu badukurikirana ku bwinshi .Ndabemerera ko ivyo bintu bitagiye gusubira »
Abo basani bavumburwa bo bakiriye gute iyo nkuru gute?
« General » Fizzo abajijwe kuri phone uko yakiriye ifungwa rya Landry Promoter, yabanje kudutera ikibazo: « Wewe uraba ubona a mérita igihano ? ». Natwe tuti twabonye bamufata. Aca arabandanya ati: « Je ntakosa ndamubonako kuko ivyo akora bose barabikora. Ikosa urya mu petit afise, abuze professionalisme. Abaza utubazo tudakenewe, ubona ko ata respect yashizemwo. Miye haja nivulia adhabu, umusi yopima nomwikosorera».
B. Face nawe ati: « Yoo, vyahaye, uyu mupeti bamufunze kweli ? Muri Entertainment, ukuvumbura abantu ni kawaida, hose birakorwa. Sema tu, nibaza ko yagize ikibazo ca police idatahura ukuntu music industry ikora bigaca bicangana n’uyu musani wacu ata experience n’ubumenyi abifisemwo ».
Duca turabaza Aubin nawe ati: « Urya mu type afise target nziza. Mutaricarana ngo muyage, wokwibaza ko ashaka kuguponda, ariko au fond il est bien intentionné seulement, n’ikintu yaguyemwo atize, donc, asanga yaguye mu tu erreur hapa na pale ». Aho abandi bariko baramushigikira, igitangaje boss wiwe Akes Don tumubajije kuvya Landry Promoter, yamwihakanye: « Uwo nuwahe ? Ntawenzi. ». Ariko tumubajije ko Waka Light TV ari iyiwe, yavyemeye imbere yuko adu coupirako téléphone.
Mbese abamenyeshamakuru babigize umwuga, babivugako iki ?
Umuntu abifashe uko abikora, yohava yiyumvira yuko uyu musaza atazi icakora, ariko ku nzobere mu mwuga w’ukumenyesha amakuru, Landry Promoter ngo ni « uwo gushigikira mu kumugirira encadrement ». Nkuko tubisoma kuri page yiwe ya facebook, Yann Santanna, umumenyeshamakuru kuri RFM agira ati« C’est un des grands passionnés du metier, un « Paparazzi » tout fait comme il en existe des milliers dans le monde entier. après Jojo paparazzi de l’ancienne radio Bonesha FM, Landry Promoter de Waka Light TV l’un des « Paparazzi » à succès… ».
N.F. nawe amaze imyaka irenga itanu muri uwo mwuga ati « Landry Promoter ntiyari kuba blamé kubera yashize akantu kuri compte yiwe. Seulement, il a abusé avec ivyo yita imivumburo, il l’aurait fait d’une manière polie. La police, ntiyari kwihutira ku mufunga, yarakeneye encadrement. »




