
Kur’uyu wa 23 Mukakaro 2026, mu gisagara ca Ngozi mu nyubakwa za hoteri BELAN niho haba ibirori vyo gushira ahabona ico gitabu canditswe n’Umwigisha w’amakaminuza Marc Ngendahayo, inyuma y’ubushakashatsi yegeranije ku giterwa ca « millet »
Abari bitavye ibirori nibo boshinga intahe ingene nya giterwa co mu bwoko bw’uburo, ari ngirakamaro mu nkono: imbuto zaco ziseye, zitanga ifu ivamwo umutsima, icapati, za « gâteaux », ubuyi, imikate, n’ibindi bishobora gutekwa nk’umuceri…
Ashimangira nya gitabu cerekana ko igiterwa ca « millet » ari ikidasanzwe, Pr Marc Ngendahayo ati: « Hamwe cohurumbirwa mu Burundi, comara runini haba mu kurwanya inzara, ubukene, ihindagurika ry’ibihe, inkukura hamwe n’ingaburo nziza kuri benshi. »
Uyo mwanditsi, ni imvukira ya komine Marangara mu ntara ya kera ya Ngozi. Yavutse mu 1948, akaba afise imyaka irenga 50 nk’umwigisha n’umushakashatsi mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi.
Asigura ko « millet » itazwi mu Burundi: n’ikimenyamenya, nta zina ry’ikirundi nya kinyantete kiraronka. N’ubwo biri uko, mu bindi bihugu ho kirazwi, kuko kiri muri Afrika y’uburengero haciye imyaka hafi 5.000, nayo mu Bushinwa canke mu Bugiriki kikaba cabonetseyo haciye imyaka 8.000.

« Cofasha ingo n’igihugu »
« Millet » kugira ishike hano mu Burundi, ngo yaje iva muri Tanzaniya, izanywe na Déo Guide Rurema akiri umushikiranganji w’uburimyi. Niho Umukuru w’Igihugu Évariste Ndayishimiye yaca nawe ayirima i Gitega, Deo Guide Rurema akayirima mu Kayanza, nayo Domitien Ndihokubwayo yahoze ari Umushikiranganji ajejwe Ikigega ca Reta ayirimira i Ngozi.
« Millet » ngo ntitinya rero kumera ahantu humye, kuko ifise imizi ishobora gushika ku metero zibiri umanuka mw’isi. Muri ya fu iva mu ntete z’ico giterwa, harimwo ingaburo zishobora kubera ngira kamaro abana n’ingo mu gihugu. Vyongeye, ngo « millet » irabana neza n’ibiharage, ivyema canke ubushaza mu ndimo zikurakuranwa, igakinga akanovera k’isi.
Pr Marc Ngendahayo akabona rero ko yogirira akamaro kanini Uburundi mu gihe yokwizwa hose, abenegihugu bayakayironka babifashijwemwo n’intwaro n’abasanzwe basahiriza mu gisata c’uburimyi.
Ni mur’iyo ntumbero nyene indamurabitabu Gusoma yasohoye ico gitabu ca Pr Marc Ngendahayo yashize mu mareresi bimwe mubikigize, kugira ngo ubumenyi kuri « millet » bushikire benshi, na cane cane abadashobora gusoma igitabu.
Ku bashaka kugura nya gitabu, kikaba kiri kuri Librairie Saint Paul ku mahera 30.000Fbu, canke kuri Amazon.




