Mu gihe yari asigaje ukwezi kumwe gusa ngo ikiringo yahawe co kurongora Amicale des Musiciens du Burundi vy’imfata kibanza ngo kirangire, Freddy « Botchum » yaraye abogojwe n’inama y’inararibonye. Ubu ishirahamwe riramutswa uwitwa Haruna Ikoriciza. Muti vyatanguye gute ? Bigeze he ? Ido n’ido.
Urusaku rw’uko mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi (« Amicale des musiciens ») hari ingorane, rwatanguye kuduma mw’ijoro ry’uwa 26 z’uku kwezi. Vyari bivuye ku majambo Cedric Bangy yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho yagize ati : « Inararibonye z’ishirahamwe Amical des musiciens zihejeje gufata ingingo yo kubogoza mu mabanga yiwe uwahora ayirongoye ivyimfata kibanza , uwitwa Freddy Kwizera. Ubu Amicale des musiciens iramutswa ivy’imfata kibanza umukuru mushasha yitwa Ikoriciza Haruna (Ikoh). »
Icatashizeko, ntituzi ko yabigize nkana, canke yavyibagiye, nuko atikeje ko agarutse mw’ishirahamwe, inyuma y’imyaka itatu yari iheze yirukanywe muri iryo shirahamwe n’uwaritwara ico gihe umuhisi Simbavimbere Bruno ( «Member» ). Ahubwo na cane cane, ko agarutse nk’umwami kuko yashikiye muri iyo comité nyobozi nshasha aho yagizwe umunyabanga wayo.
Muti none iryo bogozwa ryatewe n’iki? Inkwezi y’amarere s’iyindi, ngo ni ikete iyo nama y’inararibonye yandikiye « Botchum » mu ndwi iheruka, aho yamubaza aho agejeje gutegura amatora y’indongozi nawe ntihagira ico abivugako. Sindakira Leonidas Gema ati « Botchum yagaye urwego rwamushizeho. Ntiyigeze atwishura canke ngo anatumenyeshe ko yanaribonye. Vyaciye bisongwa nuko twari tumaze igihe tubona ko igihe cose yaramaze ata kintu kigaragara yamariye ishirahamwe. Mu ntumbero yo guha umurongo ishirahamwe, twahisemwo kumubogoza duca duha ikiringo c’amezi 6 Ikoriciza Haruna (Ikoh), Cedric Bangy na Ininahazwe Romeo, ngo badutegurire amatora. Bibananiye tuzobagira nk’uwundi. »
Ku kibazo c’uko hoba harakurikijwe amategeko muri ukwo kubogozwa, Gema agira ati: « Mu kumushiraho nta tegeko twisunze no kumukura ntarikenewe kwisungwa. Wanashaka ntanamategeko ishirahamwe rifise kuko kuva igihe cose imaze, hamye hari intwaro z’imfata kibanza. »
Uwundi ati : « Iyo ni coup d’état mu zindi »
Twibukanye. Muri 2016, « Member » yarirukanye Cedric Bangy, amwagiriza ko yashatse gusenyura inzego zari zirongoye Amicale des musiciens ico gihe. Mu ntumbero yo kuguma aterera mu rugamba rwo kwubaka umuziki ndundi, Bangy yaciye atanguza ishirahamwe ryiwe yise « Coopérative des musiciens ». Kuco kubogozwa mu mabanga, Kwizera Freddy, wewe avuga ko abafashe ingingo ata bubasha bamufiseko, kandi n’uburyo vyakozwemwo ntibwemewe.
Wewe yagiriza izo ndongozi nshasha ko zishaka gutembagaza ubutegetsi. Agira ati « Baragiye bizeza ivyo nabonyene ubwabo bazi neza ko batazoshobora kugira babakoreshe bikunde babashe gusenyura uburongozi bwanje. Kiretse ko inama y’inararibonye ata bubasha bufise bwo kumfatira ingingo, iyo nama nyene ntiyatahuye ko iriko irakoreshwa kugira ako kagwi gashike kuco bifuza. Ico naco si ikindi, nugufata ubuyobozi bwa « Amicale des musiciens » kugira bikunde abe aribo barongora imigambi myishi yayo bazi ko yamaze kwemererwa gushigikirwa n’abarwizatunga. Vyanse ko aribo bayarya batume badutobera kuba bailleurs basi tuyabure twese kuko bazi ko bene amafaranga badakorana n’amashirahamwe afise ibibazo vy’uburongozi. »
Gema, ari nawe mukuru w’inama y’inararibonye, ati : « Wanguha, Freddy mu gihe amaze ntaco yamariye ishirahamwe. N’ikimenya menya, ntiyigeze akoranya abaririmvyi ngo banayage, n’amatora yari yashizweho ngo ategure, igihe kinini kirarangiye atanagakuru kayo. »
Icuko iyo nama yoba yahenzwe n’izo ndongozi nshasha, ko zoba ziriko zisotera imigambi yaramaze gushikako, Gema yongera ati : « Ibihe ishirahamwe ririmwo, ahubwo nivyo kuwuha. Amahera azoza ishirahamwe rihari. » Ku c’ukuntu Bangy yagarutse mw’ishirahamwe, kandi ata nama ya bose ikoranye, na Freddy kwizera ubwiwe yaramutswa ishirahamwe atabizi, yishuye ati « N’’umwana mu bandi agarutse mu muryango. »
Abaririmvyi nabo, bati : « Inzego zose, nta nar’umwe twemera. »
Abaririmvyi twegereye bose tubabaza ico biyumvira kuri iyo ngingo inama y’inararibonye bose batubaza bati : « Iyo nama y’inararibonye igizwe na nde ? Ni nde yabatoye ? ». Yamuremye Jean Claude (« Dr Claude ») wewe ntabica kubiri : « Yaba « Botchum », canke « Ikoh », mbere n’iyo nama ibashiraho ikanabakura, twe nta numwe adutwara, kuko ntan’umwe tuzi uko yashitse mu kibanza avuga ko arimwo. »
Arabandanya atanga iciyumviro c’ukuntu ikibazo cotorerwa umuti. « Kuba tumaze imyaka irenga 20 tutava aho turi, nuko twamye turongorwa nabatababaye iterambere ry’abaririmvyi. Umuririmvyi ntagira aho avugira, kuko ugize ngo uravuze ikitagenda neza, baca bakwirukana. Ubu abaririmvyi twumvira « Amical des musiciens »mu binyamakuru, kuko gushika ubu nta biro ifise. Igikenewe n’uko ubushikiranganji budutwara, bwokwifatira ico kibazo mu minwe, yonyene ubwayo ikegeranya abaririmvyi, ikadufasha tukitorera indongozi twiyumvamwo. »




