Mu gihe ikiringo c’amezi 18 yahawe kizorangira kuri uyu wa 4 Gitugutu adakoresheje amatora abamwizeye bari bamutumye, induru zirasubiriye gusekera hagati ya Freddy Kwizera Botchum asanzwe arongoye Amicale des Musiciens du Burundi hamwe na Aruna Ikoriciza, icegera ciwe. None ubwo biraherera he hagati ya Botchum na Aruna n’abo bari kumwe ko umenga ifurufumbi yabo igeze kuri « combat ya mwisho » ?
Wumvirije amajambo akoresha, Botchum agaragaza ko ata migambi yo gusubiza ubutegetsi ababumuhaye afise. Ku rundi ruhande, Aruna n’abo bari kumwe umenga nta migambi yokumuha agahengwe bafise. Botchum ati : « Nashizweho n’inama ya bose, si akagwi k’abantu batatu canke cumi kazonkuraho. Inama ya bose yonyene ni yo imfiseko ububasha. » Aho ni mu gihe mw’ikete yandikiye inama y’inarararibonye yemenga ko azi ko ako yita akagwi ariko kamushizeho. Icegera ciwe na co bamaze iminsi banyinyurana ati :« Twebwe turindiriye itariki 4 Gitugutu igere, ico comité des sages izotubwira dukore ni co tuzokora. »
Ayo majambo akurikiye iyemezwa ry’amategeko agenga iryo shirahamwe ry’abaririmvyi ryabaye kuri uyu w’Imana itariki 27/8/2020. Amatora benshi mu bakurikiranira hafi ivya Amicale des Musiciens bavuga ko yoba yateguwe mu buryo budashemeye. Excellent Nimubona yahoze ari umumenyeshamakuru akunze kuba hafi ya Amical des Musiciens agira ati :« Inama ya bose irafise uko itumwako n’umwanya bisaba kugira ikorane . Iyo nama ya bose yabaye ntiyamenyekanishijwe bikwiye. Botchum ntiyisunze amategeko mu kuyitumako. »
Aruna na we, nk’icegera c’umukuru w’ishirahamwe, abona ko bitangaje kuko atamenyeshejwe iyo nama. Agira ati :« Naravyumvise nk’igihuha nca mbaza muri groupe ya WhatsApp dusanzwe tuvuganiramwo. Inyishu nahawe, yabaye iyo gukurwa muri groupe. Iyo nama yateguwe indwi imwe ihamagarwamwo abo Botchum we nyene yihitiyemwo. Uko ni ko dutwawe, ntitwigera tugishwa inama. »
« Botchum yarateye akagere impanuro z’abahanuzi »
Mu gihe vyari bimaze kugaragara ko amatora atari agishoboka mu kwezi kumwe yari asigaje ivyanamuviriyemwo kubogozwa n’urwego rwari rwamusizeho, impande zose zibiri zahavuye zumvikana ku bahuza bari bagizwe na Goreth Habonimana ari mu Bubirigi, Astère Jonathan Kampayano ari Canada, Bonaventure Habonimana (Kaka Boney) ari muri USA na Excellent Nimubona ari ngaha mu gihugu. « Tubumvirije tukumva ko uruhande rwa Aruna ruri mu kuri mu vyo rwagiriza umukuru w’ishirahamwe ariko na rwo rukaba rutisunze amategeko, impanuro twabahaye kwari uko izompande zibiri ziyongera ikiringo c’amezi atatu yo gutegura amatora aho bazogabura uburongozi, uruhande rumwerumwe rugatwara ukwezi n’inusu. Iyo mpanuro yafashwe mu gihe urahande rwa Aruna n’umugwi w’inararibonye bavuga ko batizera amatora Botchum yotegura. Uyu na we yaravyanse ko ata wundi mugwi uzojaho ngo uriko utegura amatora», nk’uko tubimenyeshwa na Excellent Nimubona yari mu bahuza.
Botchum abajijwe igituma yanse izo mpanuro agira ati : « Simbona ico Aruna yoba aje guhindura mu ndwi imwe ivyo atakoze mu mezi cumi n’umunani. Inyuma y’itariki 4 Gitugutu, inama ya bose yonyene ni yo izotanga intumbero y’ikibazo. Niyasubira kunyizera nzotegura amatora. » Aruna Ikoriciza wewe abajijwe ingorane abibonamwo hamwe Botchum yokwongerwa ikiringo co gutegura amatora agira ati :« Inama y’inararibonye niyamwizera kandi, jewe ntangorane n’imwe ndabibonamwo. Maze kumutumako intumwa nyinshi ndamusaba ko twokwicara hamwe tugatora umuti urama ku neza y’ishirahamwe ariko yaranse kumpa umwanya. Jewe ikindaje ishinga ni uko ishirahamwe rironka amahoro, rigatwarwa n’indongozi zizwi. »
Umuririmvyi arakumirwa mw’ishirahamwe ryiwe
Mu gihe Freddy Kwizera avuga ko ishirahamwe ry’abaririmvyi ririmwo abarenga 3000, biratangaje ukuntu mu nama yo kwemeza amategeko ngenderwako hotumirwa abantu 18 mu gihe ata nama ibagena yabayeho. « Duheruka inama ya bose kuri Ngabo Léonce. None abo bavugwa ko batowe ngo baduserukire batowe mu buryo ubuhe, hakurikijwe itegeko irihe ko ariryo bari baje kwemeza ? Inama rukokoma ni yo yari ikenewe mu bihe nk’ivyo. » Uko ni ko Aruna wewe abibona. Freddy Kwizera we agira ati: «Dufatiye ku kibazo c’uburyo butari ikirenga, ntivyari gukunda ko dutumako inama ya bose. Uguserukirwa n’abarongozi b’ama antennes ni bwo buryo bwonyene twabona bushoboka. » Ku cerekeye ko ata muririmvyi azwi yagaragaye muri iyo nama, yongeye ati : « Muri Amicale ntidukorera ku mazina kandi nta mwana n’ikinono. Abaserutse na bo ni abaririmvyi n’ubwo badafise amazina akomakomeye. »
Ku muti w’ingorane, Excellent Nimubona agira ati : « Botchum yari akwiye kwisunga amategeko mu vyo akora vyose. Abemeje amategeko nta wuzi ko bari bakwije ibisabwa kandi ntituzi ko n’ibiharuro bisabwa (quorum) vyari bikwiye. » Bizoherera he ? Ni inkuru tuzobandanya tubatohoreza.




