Mu gihe havugwa iyakirwa ridasanzwe ry’umuririmvyi azwi kw’izina rya The Ben ava mu gihugu c’Urwanda, yari aje mu giteramo co kuri uyu wa 30 Nyakanga n’uwa 1 Gitugutu 2023 mu Burundi, hari abakunzi b’umuziki basigaye baravuga ko mu Rwanda ata muririmvyi w’Umurundi yakiranwa urweze nk’urwo beretse The Ben. Ido n’ido.
« Ntibitahuritse kubona hano iwacu umuririmvyi avuye mu kindi gihugu yakirwa nk’umwami, ariko umurundi yaja mu bihugu vyabo kakaba akamizwe n’ingoma, ntitubone n’ifoto y’abaje kumwakira. Nta n’umumenyeshamakuru ahonyorayo kiretse uwarishwe amafaranga, icibagiwe co ni umuririmvyi aja ku kibuga c’indege kubakira. Ariko aha mu Burundi, abamenyeshamakuru barurira ibiti abandi bagahekana ku migongo batanguranwa amasanamu y’abaririmvyi bavuye mu bindi bihugu! » Ayo ni amwe mu majambo bamwe mu bakunzi b’umuziki bavuga inyuma yo kubona ingene umuririmvyi The Ben yakiriwe nk’umwami mu Burundi, bamwe bavuza ingoma abandi bavyina.
Cédric Nigaba batazira Mr Homboyamenyerewe mu biganiro bica ku maradiyo atandukanye avugira abaririmvyi hamwe n’umuziki mu Burundi avuga ko bibabaje kubona abamenyeshamakuru b’abarundi badashigikira bimwe biboneka abaririmvyi b’iwabo ariko bakaboneka ku bwinshi iyo haje abanyamahanga.
Agira ati : « Twama twabonye Big Fizzo canke Sat B n’abandi baja gukora ibiteramo canke ibindi bikorwa vy’umuziki mu gihugu c’Urwanda. Ariko ntitubona abanyamakuru canke abaririmvyi baho babashuhiye nk’uko twebwe tubikora. Si uko bataba babizi ko bajayo ahubwo n’uko bobo bamaze gutahura akamaro ko gukunda no guha agaciro ivyabo. » Akabona ko abarundi bakwiye kubanza gushigikira no gukunda ivy’iwabo imbere yo gushuhira ivy’abanyamanga.
Abaririmvyi b’abarundi boba batazwi mu Rwanda ?
Cédric Nigaba avuga ko abaririmvyi b’i Burundi mu Rwanda bazwi kandi cane. Mbere biremezwa n’abaririmvyi bo mu Rwanda ubwabo kuko harimwo abivugira ko Big Fizzo ariwe yabigishije kuririmba ndetse bakuze bamwumva kandi banamukunda.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kw’iradiyo Buja FM ku wa wa 29 Nyakanga 2023, umuririmvyi The Ben yivugiye ko mu gihugu c’Urwanda yakuze abanyeshure bigana bamwita Big Fizzo canke Kidumu kubera yakunda gusubiramwo indirimbo zabo hafi ya zose. Uwo muririmvyi yamenyesheje ko atangazwa n’ingene umuririmvyi Big Fizzo ashaka kumwubaha mu gihe nyabuna nawe yari azi ko ariwe yari akwiriye kumwubaha, kuko ariwe yamwigishije kuririmba. Ati « Ariko ni vyiza kwubahana ».
Alex Muyoboke nawe asanzwe ahagarariye ibikorwa vy’uwo muririmvyi The Ben mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku wa 29 Nyakanga 2023, yavuze ashimangira ko umuziki w’i Burundi wigeze kuba warifatiye imihingo yose y’igihugu c’Urwanda kugera naho ubunywero canke ubuvyiniro bwose usangamwo indirimbo z’i Burundi. Ati : « Harageze aho n’ivyamamazwa (publicités) mu Rwanda vyakorwa n’abaririmvyi b’abarundi ».
Ku bwiwe, kuba The Ben yakiranywe iteka n’abantu benshi, ngo vyavuye ku bateguye igiteramo bibutse gutumira abamenyeshamakuru. Ivyo rero ngo bikwiriye kubera icigwa abasanzwe bategura ibiteramo n’abaririmvyi bo mu Burundi kuko ngo nibaja mu bindi bihugu ntibabwire abamenyeshamakuru baho baje kubakira ata n’umwe azobimenya ko bagiyeyo aje kubasanganira.
Ngo hari abarundi bamwebamwe badakunda ivy’iwabo…
Olivier Ndayishimiye azwi kw’izina rya Krazzi Bright arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi (Amical des Musiciens du Burundi), avuga ko kubona abarundi benshi bahurumbira kwakira umunyamahanga ariko umurundi w’iwabo ukamenga nta co bibabwiye, ngo bitumwa n’uko abarundi bamwe bamwe badakunda ivy’iwabo. Baha agaciro ivy’abandi gusa, gutyo ugaca umenga abaririmvyi b’abarundi bakora ibidashimwa.

Agira ati : « Ivyo rero ni vyo abanyamahanga badusumbije kuko bobo baramaze gutahura akamaro ko gukunda no guha agaciro ivyabo. Kandi birashika n’abaririmvyi b’abarundi bikabaca intege ». Anavuga kandi ko biva no ku bamenyeshamakuru b’abarundi baba bakiriko bararondera kumenyekana baba bashaka ko abaririmvyi bakomeye b’ahandi baca ku mbuga zabo kugira ngo zimenyekane. Ati : « Ni vyiza cane ko bamenyekana, ariko umwe wese yari akwiye gushiramwo umutima wo gukunda abaririmvyi b’abarundi no kubaha agaciro. Akabona no gukunda ab’ahandi ».
Olivier Ndayishiye akavuga ko kwanka kuja kwakira abaririmvyi bavuye mu bindi bihugu atari wo muti ahubwo we nyabuna akabona ko hoshirwaho urunani rukomeye cane ruhuza abamenyeshamakuru n’abaririmvyi bagaheza bagakorera hamwe. Ati : « Natwe mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi tugiye kugwiza amahimiriza n’ibiganiro hagati y’abaririmvyi n’abamenyeshamakuru kugira dukorane dushigikirana ».




