Ngozi ni igisagara ca gatatu mw’iterambere aha mu Burundi inyuma y’igisagara ca Bujumbura na Gitega. Abashaka gufungura ntibavunika iyo bari mu gisagara ca Ngozi kuko inzu z’uburiro, ubunywero, amahoteri, biri hose muri ico gisagara kandi nka hose bateka ubwoko bwinshi bw’imfungurwa.
Ku wa kane igenekerezo rya 4 ndamukiza igihe c’isaha indwi n’igice, umugwi w’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Jimbere ni ho twashika mu gisagara ca Ngozi. tuhashitse turabaza abari aho duti: « Ni hehe twofungura hameze neza »? Na bo bati: « Ni mwaba mushaka imfungurwa zimeze neza, nimuje kwa«Mama tantine». Mbega ukuntu abo bahungu batwakiriye neza! Umwe muri abo bahungu aca aratujana gushika ahari inzu y’uburiro. Mu vyukuri, iyi nzu y’uburiro yanditseko «Fildaus» iri hambavu y’umusigiti nko ku metero 50 uvuye kw’isoko nkuru. Muri ubwo buriro, abantu baguma basunikana kugira baronke aho bicara. « Ni mwinjire, haracariho ivyo gufungura: umuceri, ipilawu, ibiharage, ubwishaza, ifiriti, ifi, ubutsima bw’umwumbati, inyama ku gitunguru,kw’isosi,…» izo mfungurwa zose zadondagurwa n’umukozi ahakora yitwa Céleste Nganji.
Ku mutaga, abafungura kwa «Mama tantine» bakunda gufungura ubugari bw’umwumbati ku nyama n’isosi. Shabani Mossi, akunda gufungura aho, agira ati: « Bateka neza, barafise akabirya ugereranije n’ubundi buriro buri hafi y’aha. Aha, uraronka ico ushaka kandi ku mwanya uziyeko wose. Ni uburiro bw’akarorero kandi banakira neza abantu». Twihweje ubwoko bw’ifungurwa zitekwa aho, twasavye ibitandukanye, tugize turatamira: « Yoo, mbega ukuntu biryoshe»! Umengo ntiwohava.
Bukeye bwaho, imbere yuko tuduga mu ntara ya Kirundo, twabanje guca kwa «Mama tantine», ngo twihereze icayi, umukate canke umurete w’amagi nkuko dusanzwe tubimenyereye mu buriro bumwebumwe bwo mu gisagara ca Bujumbura, ariko siko twabisanze. Aho kuri «Fildaus», no mu gatondo batanga imfungurwa nk’izo ku murango. Bamwe mu bahafungura bahitamwo gufungura: umuceri, ibiharage, imboga n’inyama, abandi bagafungura igitoke gitetse hamwe n’ ‘amakaroni’, abandi na bo bagafungura ibiharage n’icapati. Fatouma Murekatete nyene ubwo buriro, amenyesha ati: «Benshi mu bafungurira ngaha bakora ibikorwa biruhisha, ni yo mpamvu bahitamwo gufungura ibifungurwa bibafata mu nda». Gushika igihe c’isaha z’ine imfungurwa zo mu gatondo ziba zigitangwa. Murekatete yongerako ati: « Iziko riguma ryaka gushika ku mugoroba. Dushaka ko atawufungurira aha abura ico afungura kandi ku mwanya wose ashakiye».
Ivyamwa vyo gute?
Ucinjira Fildaus, uhasanga ivyamwa vy’ubwo butandukanye: imicungwa, amatunda, ‘ipasiteke’, imavoka, amabungo n’imihwi ku bwinshi. Ariko ivyamwa bafungura usanga bitandukanye bivanye n’imfungurwa bafunguye. « Abakunda ivoka baba bariko bafungura umuceri, abandi n’ubwo atari benshi basaba imvange y’ivyamwa. Abenshi mu badushorera usanga bari mu myaka yitereye», bivugwa na Nganji umwe mu bakozi bo ngaho.
Nganji abona ko ivyamwa bidahurumbirwa cane. Agira ati:« Bake ni bo basaba ivyamwa iyo baheje imfungurwa canke imbere yo gufungura. Bavugako ivyamwa ari ivy’abana bagikura, kandi ko bibazimbira ubusa. Ariko barihenda. Jewe nibaza ko ivyamwa bifise akamaro kanini cane ku magara y’umuntu gusumba mbere n’inyama».




