Jimbere

ikirundi French English
Jimbere Mukenyezi

Abakenyezi 6 basubije umutahe bahawe n’abasomyi ba Jimbere inyuma y’amezi 6

©Jimbere | Umwe mu bakenyezi bafashijwe n'abasomyi b'ikinyamakuru Jimbere

Bankuwiha Séraphine wo muri quartier Shikiro zone na komine Ngozi yari yahawe 200.000Fbu, yaciye agura umwagazi n’impene ku mafaranga 40.000Fbu, akotesha ikivi co kurimamwo ku mafaranga 40.000Fbu, ayasigaye yaciye abandanya kudandaza itomati, intore n’imboga.Inyuma y’amazi 6 gusa avuga ko yungutse cane ubu n’umutahe yahawe aza yarawusubuje kuko inyungu yakuyemwo irenga 250.000Fbu.

Nayo Ntakarutimana zilfa yahawe umutahe nkuwo nyene, yaguze impene ikiri ntoya arayorora, arangura amasaka atangura kudandaza n’impeke. Uwo mukenyezi ashikiriza ko kuva ahawe 200.000Fbu, yaramusahirije mu rugo kuko, ubu aragaburira abana, akarihira amashure 2 vyoroshe, yarashobora no gusanura uruhome rw’inzu yiwe rwari rwahenutse. Ivyo vyose yabikoze mu nyungu yasigaranye inyuma yo gusubiza umutahe yahawe n’abasomyi ba Jimbere Magazine, Fabien Cishahayo na Isaïe Ntidendereza.

Uwundi mukenyezi yagiriwe ibakwe mu guhabwa 200.000Fbu ni Ciza Marie, wewe ngo ntiyagize amahirwe yo kunguka kanini kuko impene yaguze yapfuye itarunguka. Ni bwo biruko ikimushimisha n’uko yashoboye gusubiza ingurane yari yahawe, kandi abandanya yi yungunganya.

Abandi bakenyezi Hategekimana Mariam na Marie na bonyene Bari mu bahawe uwo mutahe, bavuga ko bashoboye kudandaza imboga, amavoka, imyihwi n’ibindi. Bemeza ko bungutse ibitari bike kuko barashoboye gutunga imiryango yabo.

Abo bakenyezi barasaba jimbere magazine n’abayifashije mu kubaronsa uwo mutahe, ko bokwongerwa ayandi mahirwe bakongerwa uwo mutahe nyene ndets n’ikiringo c’amezi 6 bayasubiriza ko kikongerezwa.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top