Kiretse ibiterwa bimwe bimwe biri mu mugwi w’ibinyamikerera nk’ibiharage bisanzwe bitarinda amazi menshi, umwimbu w’agatasi k’umwaka wa 2019-2020 wagenze neza nk’uko vyemezwa n’ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije. Naho biri uko, bahanurwa kutawigina ngo bawusesagure…
Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko umwimbu w’agatasi wimbuwe ku rugero rwiza cane, nk’uko bwavyiboneye ku rubuga, bigizwe ahanini n’ibinyantete (ibigori, umuceri) eka n’ibishorera mu kuzimu (ibiraya, ibijumbu, imyumbati n’ibindi).
Ku biharage ho, biturutse ku mvura nyinshi yagiye iragwa muri ico gihe c’irima, ngo abarimyi nta co bashoboye kuhanoba. Ariko ngo hari icizere c’uko igihe gikurikira hazoba akarusho, nk’uko umushikiranganji Déo Guide Rurema avyizigiza abarimyi yisunze ivyigwa vyakozwe n’abahinga b’ivy’ihindagurika ry’ikirere.
Ariko rero…
Uwo mushikiranganji ashikiriza ko bimaze kugaragara ko iyo umwimbu wabonetse abanyagihugu bawigina, maze bakawiyariramwo abatawugurishije bakawengamwo inzoga zitanemewe n’amategeko nk’umugorigori, umudiringi n’izindi. Akabahamagarira kwikebuka bagaheba iyo ngendo.
Hari n’abandi rero baba bakibona umwimbu wa mbere, bagaca batangura kuwushorera hanze mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi, biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko. Abo, bakagabishwa ndetse n’ibihano bakazobihabwa baramutse bafashwe babirenzeko.
Abadandaza bikika mu kiza bakarangura umwimbu mu banyagihugu ku giciro kivuna ku kugira ngo bo bazoce babishorera hanze y’igihugu biyegeranirize agafaranga gatubutse, ngo bagiye gukurikiranirwa hagufi uwufashwe ahanwe n’amategeko kuko bisa n’ugupfukama abarimyi mu nda.
Hari ivyo ubwo bushikiranganji bwirata
Kuba umwimbu wagenze neza muri rusangi, ntivyashitse ku gihamana. Déo Guide Rurema, amenyesha ko ari ivyamwa vy’ukuboko reta y’Uburundi yashizemwo ibicishije mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije mu kuronsa abanyagihugu ifumbire, imbuto zirobanuye hamwe n’imiti y’ibiterwa ku giciro kitavuna.
Ikitokwibagirwa, ni uruhara rw’abarimyi bo bakoranye umwete udasanzwe mu kurima bakurikije inyigisho z’Ubushikiranganji biciye ku bahinga basanzwe babakurikirana, bagakingira isi ndimwa mu guca imikobeko nayo imisozi ihanamye bakayitera ko ubwatsi.
Umushikiranganji Déo Guide Rurema agahamagarira abarimyi guhora barima bisunga impanuro bahabwa n’ubushikiranganji arongoye. Umwimbu ubaye mwinshi cane na ho, reta y’Uburundi ifise umugambi w’uko izohora iwugura, hanyuma iwusubiza abanyagihugu batarinze kuvunika.




