Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Lycée Busiga: « Dossier yobazwa abavyeyi n’ubushikiranganji bw’indero »

Abanyeshure 7 b’abakobwa bo kuri Lycée Busiga, bavuye mu buraro bwabo mw’ijoro ryo ku wa 21 Nyakanga 2024 bambaye impuzu zo kurarana, baja kwiba amavoka ku giti kirekire giteye ku metero 200 uvuye ku buraro bwabo. Mu kubahana, ishuri ryabirukanye burundu. Impari zikaba ziri ku buremere bw’ico gihano…

Igiti c’ivoka curiwe n’abigeme co kuri Lycée Busiga

Ino dossier yasubiye kuvugwa cane kuri lycée Busiga muri kino gihe, yatanguye isaha zitandatu zo mw’ijoro ryo kuwa 21 buca ari kuwa 22/09/2024.
Umwe mu banyezamu bari ku kazi igihe nya voka zibwa, yikanze ibinyagara mw’ijoro hatabona arasoboka asanga ni inkumi imwe ihahagaze. Haciye akanya, abandi batatu barahava baranyeguruka. Umunyezamu yaciye aza kuvyura abarezi, bano nabo bashima kuraza abafashwe mw’ishure rimwe, mu kurindira ko buca.

Bukeye kuwa 22/09/2024, abayobozi bahavuye batora n’abandi bakobwa batatu bari binyegeje mu buraro. Mu matohoza yakozwe, abana baremeye ikosa, mbere basigura uko vyagenze.

« Hari aho bitwaye, ntibatunganirizwa? »

Mu vyo Marie Spès Kanyange, umuyobozi w’iryo shure yahamenyeye yishimikije amajwi yabafashe abo bana aho bariko bariba, ngo bamuye amavoka yuzuye indobo zibiri, izindi voka bazitekera mu bikwembe bari bategekanije.

Kuri uyu wa 28/11/2024, umuyobozi wa Lycée Busiga yamenyesheje Jimbere ko dossier yaheze, ati abavyeyi n’abana barakiriye ingingo zafashwe n’abayobozi b’ishure hisunzwe ingingo zitandukanye ziri mu ndinganizo z’amashure (règlement scolaire) yashizweho n’ubushikiranganji bw’indero mu Burundi.

Marie Spès Kanyange, Umuyobozi wa Lycée Busiga, ati « mu mategeko, uwutanezerejwe n’ingingo zafashwe yitura umushikirnganji. None abariko bidogera ingingo twafashe, bituye nde atabatunganirije ? Kuber’iki impari zadutse inyuma y’amezi abiri dossier iherahejejwe neza ? »

Col. Pierre Nkurikiye

« Ingo yakoreshejwe mu guhana abana siyo »

Mu bagiye baraserura uko babona ico kibazo c’abana, harimwo umuhinga ariko anonosora ibijanye n’agateka k’abana, Col. Pierre Nkurikiye, agira ati: « Abana bararenganijwe mu kwirukanwa, kubera ko imvo z’amategeko zakoreshejwe atari zo. Ingingo ya 35 y’indinganizo y’amashure (Règlement scolaire) ntiraba abana baba mu ndaro (internat), kuko bo barabwa n’ingingo ziva kuri 49 gushika 69. »

Akavunira akagohe ishuri ati « Urwego nyobozi rwa Lycée Busiga rwosubiramwo ingingo kugira ijane n’amategeko, nayo ahandi ho, harashobora kwaduka amatati mu minsi iri imbere, maze ishuri rigasabwa indishi y’akababaro n’abana kubera ko birukanywe hisunzwe ingingo zitari zo. »

Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana FENADEB, bati nivyo ikosa abana bararikoze, ababirukanye na bo bisunze ivyanditse, ariko « ikiboneka ni uko iyo ndinganizo y’amashure irimwo ibihano ruhasha bitangana n’icaha cakozwe. Ivyo bihano ntibishira imbere ineza y’umwana. »
FENADEB rugahamagarira Umushikirnganji w’indero gusubiramwo iryo tegeko « ku neza y’abana. »

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top