Ibice 85% vy’abanyeshure bo ku mashure cumi yo mu ntara z’indero za Karusi na Ngozi babajijwe utubazo, inyishu batanze zagaragaje ko amagara yabo yo mu mutwe atifashe neza, mu gihe abashika 8% ari berekana ko amagara yo mu mutwe ameze neza.
« Ingorane zo mu miryango nk’ubukene, ukutumvikana kw’abavyeyi, gutukwa canke guturubikwa n’abavyeyi canke ikibano, gukumirwa, amatati y’amatongo, akarenganyo n’izindi ngorane biri mu bihungabanya amagara yo mu mutwe y’abana, bigatuma n’ubumenyi bwabo kw’ishure butagenda neza ». Ivyo vyashikirijwe na Mwigisha Léandre Simbananiye, umuhinga muvy’inyifato akaba n’umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi, hari kuri uyu wa 6 Kigarama 2024 mu nyubakwa za Kaminuza y’Ubuvuzi.
Hari ikiganiro co gushira ahabona no kwemeza ivyigwa vy’isano riri hagati y’ukugeramirwa mu vyiyumviro n’ihungabana ry’ivyigwa kw’ishure catunganijwe n’igisata ca Kaminuza y’Uburundi c’ivyigwa vy’inyifato kibicishije mu kigo caco c’ubushakashatsi n’iterambere « Crisis » gifashwe mu mugongo n’ubushikiranganji bw’indero n’ubw’amagara y’abantu, gifadikanije kandi n’ishirahamwe Louvain Coopération n’umufatanyabikorwa waco BADEC-Caritas, gifashwe mu mugongo n’ubuyobozi bukuru bw’iterambere bw’ingoma y’Ububirigi.

Uwo muhinga asigura ko bamwe mu bana bashikirwa n’izo ngorane batangura kugaragaza inyifato mbi batahorana nko kwigunga, kurwana, kutubaha, gusiba cane mw’ishure, kugumuka, kutumva impanuro, abo rero imbere yo kubahana, abigisha ngo bakwiye kubanza kubitwararika.
Kugaburira abana kw’ishuri vyofasha
Pr Léandre Simbananiye abandanya avuga ko hari abana baca bahitamwo kwihereza ibiyayuramutwe kugira ngo biyibagize ibibazo, nya biyayuramutwe bikonona amagara yabo, ubwonko ntibugishobore gufata neza mw’ishure.
Kugira ngo ivyo bibazo bitorerwe umuti, abo bashakashatsi basaba Ubushikiranganji bw’indero gushiraho inyigisho zihabwa ikibano, abaganga, abavyeyi, abigisha n’abanyeshure ku bijanye n’amagara yo mu mutwe kugira ngo bamenye ingene bogwanya ihungabana ry’amagara yo mu mutwe no gushira ku mashure igisata kijejwe gukurikirana ingene amagara yo mu mutwe y’abanyeshure aba yifashe.
Hambavu y’ivyo, basaba ko umugambi wo gufungurira abana ku mashure wokwira igihugu cose kugira ngo n’abahanzwe n’ubukene bw’umuryango bige borohewe, batiyumvira inzara n’iyindi myitwarariko. Basavye kandi ko hotunganywa udukino mu mashure dufasha abana kugabanya imyitwarariko, tukongera tugafasha ababakurikirana kuko umwana adakunda gukina n’abandi vyoshobora kwereka abamukurikirana ko ashobora kuba afise ikimuhungabanije, gutyo bakabona kumwitwararika.
Abitabiriye ico kiganiro bo basavye ico kigo gufasha gutorera umuti ingorane basanze abana bakoreyeko ivyo vyigwa bafise.
Nayo Mwigisha Claver Nijimbere, umuyobozi w’ubuhinga n’ubushakashatsi mu bushikiranganji bw’indero, yiyemeje ko Reta igiye gutunganya inama rukokoma hagati y’ubushikiranganji bw’indero n’ubw’amagara y’abantu hamwe n’abafasha Uburundi kugira ngo barabe ingene boshira mu ngiro ivyavuye muri ubwo bushakashatsi maze ibibazo vy’abana bayoberwa mw’ishure bivuye kw’ihungabana ry’amagara yo mu mutwe bigabanuke.




