Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Gufungura ingaburo yikwije birashoboka mu mitumba?

Imfungurwa z’umurundi wo hasi, wo mu mitumba ya kure nka za Muruta, Bugabira, Cankuzo canke Giheta zitandukaniye ku tuntu duto. Bakunda gufungura ivyo birimira, kandi kuri bo, igikuru nuko bironkera ico barya, ibijanye n’akamaro k’imfungurwa, ntubabaze. Ibi biri mu matohoza twakoze i Muruta mu ntara ya Kayanza no mu Giheta mu ntara ya Gitega.

Kayanza, intara izwi cane ko ibamwo abantu benshi kandi baguma biyongera uko bukeye n’uko bwije. Muruta ni imwe mu makomine agize iyo ntara, na yo ikaba irimwo ibiterwa bitari bike bitandukanye, ariko bitewe mu mirima ubona ko iriko iratituka. Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Jimbere barishikiye muri komine Muruta bagiye kuganira n’abenegihugu ibijanye n’ivyo bafungura. Tuhashitse, D’Arie Ndarugirire umukamakare w’imyaka 60 yatwakiranye urweze ku muhana iwe. Aca ategura imfungurwa. Ni ho yagira ati: « Mushitse hageze. Mu minota mike ndabafungurira». Yakora ibikorwa vyinshi mu mwanya muto. Mu rugo iwe, hari abana benshi, kandi avuga ko ari abiwiwe. Agira ati: « Ni abuzukuru banje. Ndabafise ari 30. Harimwo rero abibera iwanje», aca aratwenga.

Samunani zuzuye neza, imfungurwa zari zihiye. Abana ni bo batangura gufungura imbere y’abandi. Yabagaburiye ibijumbu bihakwa kwuzura isani, harimwo n’ibiharage n’imboga z’amashu. Abana bari buzuye akayabagu, mu vyukuri batebejwe n’ugukaraba gusa. Mu minota ibiri gusa, isahani yari isigaye yera, kandi ntibahaze. Wa mutamakazi aca abasohokanira amazi ababwira ati: « Ni mwakire amazi na yo musozeko».

Ahejeje kugaburira abana, uyo mukamakare yatubwiye ko, afise umwitwarariko wo kugaburira umuryango wiwe hamwe n’abandi babayeho nabi bo mu kibano, ariko asanga uburyo afise butabimworohereza neza. Agira ati: « Ibijumbu ni vyo nirimira. Ibiharage nta vyo nsigaranye. Ivyo nari narasumye vyaraheze, kandi ntegerezwa gusuma ibindi ku mafaranga y’amarundi angana n’1300 ku kiro. Imboga ndaziterera mu karima k’igikoni, ntizigera zibura. Nipfuza kuza ndahindura ingaburo ariko uburyo ntibubinyemerera. Ariko n’ubwo biri uko, ndagerageza kuburyo hatigera haburako utuboga. Nibazako na vyo ari vyiza gusumba».

« Dufungura ibibonetse »

Muhira kwa D’Arie, icayi co mugatondo ntikiboneka buri gihe. Agira ati: « Hari igihe nteka icayi co mugatondo dukoza ibijumbu, ariko sikenshi. Tumenyereye gufungura kabiri ku munsi, ku murango no mw’ijoro». Kuri we, icayi co mu gatondo si co cihutirwa muri iki gihe. Agira ati: « Ibihe vyarahindutse. Ubu umuntu arwana n’uko yofungura kabiri biba bikwiye, kandi ababishikakako ni abatunzi. D’Arie, ntakenye cane. Ararima kijambere, kandi aho aba, hari umurima w’ibitoke, ibiharage, imyumbati n’uw’ibijumbu. Ariko n’ubwo arima ubwoko butandukanye bw’ibiterwa, nta bwo vyerera mu gihe kimwe.

Agira ati: « Ubu, dufungura ibijumbu kuko ni vyo vyeze. Ibitoke na vyo, ndavyengamwo inzoga kugira ndonke amahera yo kugura akunyu, utuvuta n’agafu k’ibigori. Rero, ku mutaga dufungura ibijumbu n’ibiharage, mw’ijoro tugafungura ubugari bw’ibigori n’utuboga ».
Avuga ko gufungura ingaburo yikwije canke guhindagura imfungurwa, kuri we bisa nk’ibikigoye.

Lazare Nzojiyobiri umwirimizi wo mu Giheta ku mutumba Nyamugari, na we nyene abayeho mu buzima bumeze kimwe n’ubwo kwa D’Arie. Nzojiyobiri, arubatse kandi avyaye kane. Avuga ko akora ibishoboka vyose, kugira umuryango wiwe uronke ingaburo yikwije.

Bihinduka ku minsi mikuru

I muhira iwe, bakunda gufungura imyumbati, ubutsima bw’imyumbati canke bw’ibigori, ibijumbu, isombe, n’izindi mboga. Mu vyukuri, igihe twamugendera ku muhana iwe, twasanze bagire baheze gufungura ibiharage n’intete z’ibigori zigeretsweko imboga. Izo mfungurwa ziheze, baciye bazana imyumbati ihoze yo guhekenya. Mathilde nyina w’abana, yatwakiranye akanyamuneza agira ati: « Ni mushike yemwe. Imyumbati ihoze mwohekenya ni yo dusigaranye. Ni mwumvirize ku vyo twirimira ino iwacu mu Giheta».

Yaboneyeho akaryo keza ko kutwiganira neza ivyo bafungura. Agira ati: « Izo ntete z’ibigori mwabonye dufungura, burya twazisaruye mw’iyimbura riheze. Turiko turazimara mu bubiko. Nari narimbuye imyumbati, ibijumbu n’ibiharage, ubu rero twikora ku mboga z’amashu n’irengarenga ziri mu karima k’igikoni. Ni vyo duca tuba turafungura mu kurindira ko ibindi vyera. Aha ntidufungura ivyo dushaka, ahubwo dufungura ivyo twejeje. Umuntu aguma agwanagwana kugira ntabure amavuta n’umunyu vyo kurunga imfungurwa, nta kindi ».

Ku bijanye n’ivyamwa bafungura, Lazare agira ati: «Abana bakunda gufungura amavoka iyo ahari, kandi yo aranadandazwa cane kw’isoko». Imihwi na yo gute? Lazare avuga ashize amanga ati: « None irya twengamwo inzoga si imihwi? Bayirya iyo tugira twenge inzoga».

Ku bijanye n’imfungurwa bafungura mu bihe vy’iminsi mikuru, Lazare avuga ko bahindura ivyo bahora bafungura. Agira ati: « Namwe murabizi ko utogaburira umwana ibijumbu ku Noheri, utegerezwa kubatera iteka na bo bakarya umuceri n’akanyama, canecane ak’ingurube. Ni ukwinezereza. Kubera ko iminsi mikuru ari imbarwa mu mwaka, umuntu aba arayitegurira imbere y’igihe».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top