Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Ku matafari: «Urukundo» rwatumye umugabo yica mukiwe, ahereza kwiyahura

Mu bucagucagu bwo kuruyu wa 19 munyonyo, ibara ryaguye aho umushingantahe yacumise umugore wiwe, amuziza ko yoba afise uwundi mugabo, nawe aca arimanika. Mw’ikete yasize yanditse, Adronis yagize ati «Ibikundanye birajanye»

Ababanyi bajumarariwe. Nkukwo bivugwa n’ikibondo cari gitunzwe muri uwo muryango, ngo bose bagiye kuryama mwijoro ibintu bimeze neza, ata ngorane nimwe ihari.

Bugingo bukeye, nka cumi na zibiri zo mu gitondo, uwo mwana azindukiye kuvoma, niho yabona abantu bashengereye, ku kiraro co ku matafari, agize atya abona ni wa mugabo amuhaye indaro, Adronis Niyonkuru, w’imyaka 42. Nikwo kuyiha umunwa, yiruka asubira muhira kuraba umu mama, ngo amwiganire ivyo ahejeje kubona. Ageze ku muhana, aradodora ku cumba ntiyitaba, nikwo kwitura ababanyi. Bagize ngo barinjira mu cumba, basanga igitanda cuzuye amaraso, ikiziga c’uwo mu mama, Mukamana Denise, w’imyaka 36 cuzuye ibiguma vy’aho yacumiswe. Vyaboneka ko yacumiswe agashika 4 ku gikiriza no kw’izosi.

Intandaro y’iryo bara

Adronis Niyonkuru yasize abisiguye neza mw’ikete yanditse, basanze mu cumba c’abo ba nyakwigendera. Umuhisi rero yandikiye imiryango yose, uw’iwe n’uw’uwo mu kenyezi wiwe, ababwira ko impamvu yo gukora amaraso vyavuye ku guhemukigwa, yagiriza uwo bari babanye.

Adronis yanditse ati: «Umukenyezi wanje namukunda, kandi cane. Vyanse ko nokwihanganira ko aja mu minwe y’uwundi mugabo. Ntakwo ntagize kugira umuryango wacu utere imbere. Twari tumaze gukoresha amahera agera kuri 6.500.000, dukora imigambi, naramuguriye na terefone ya 350.000 kugira ibikorwa vy’iwe aho akora bigende neza, none mukunshimira yahisemwo kumvanga n’uwundi mugabo. Igisigaye n’ukwo abakundanye bojana. »

Naomi, umubanyi wabo, ashikiriza ko abo bantu bari bamaranye amezi icenda, uwo mupfasoni akaba yarafise utwana tukiri duto 2, kandi ko bari babanye neza: «Ivyo twabonesha amaso, wari umuryango w’akarorero. Uwo mushingantahe yizindukira gupagasa mu bijanye no kwubaka amazu, nayo uwo mupfasoni nawe yakora mw’ishirahamwe ridandaza. Mbere rimwe rimwe iyo umugabo atashe yahora ashika amugwa munda, akanamusoma. »

Naomi yongera akavuga ko uwo mugabo yoba yari asanganywe uwundi mugore mu ntara ya Cibitoke, i Nyeshenza muri komine Mugina, ngo bakaba bari batabanye neza. Mu giporisi bashikiriza ko amatohoza yatanguye, kugirango bamenye ko kuvyukuri ari Adronis yoba yishe umukenyezi wiwe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top