Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

Uko umugenzo wo gutera intobo wagenda

Gutera intobo vyakorwa n’abatama ba kera. Ntikwari ukuzitera mw’ivu. Bazinuga abakazana babo nk’ikimenyetso c’uko bipfuza ko bayaga akayago k’abakuze (baryamana). Uwo mugenzo ntiwakorwa na bose, wakarirwa n’abatama b’amero n’akariro kenshi, abatama gito. Kaze!

Mwarumvise canke mwarisomeye ko aho hambere hahise ata muhungu yirehereza. Se w’umuhungu yaragendereza mu mihana yo mu kibano canke akambuka kure ahaba abandi batama bagenzi biwe basanzwe basangira agakanywa canke bagemuriranira, yahabona umwigeme yubaha yarezwe neza, akazoza kumusabira umuhungu wiwe. Se w’umuhungu ni we yagomwa uwuzomubera umukazana kubw’ indero, ubwiza, ikimero n’uburanga yamubonanye (umuhungu we hari n’aho bamumushikanira bugorovye akaja kubona neza uwo bararanye bukeye).

Nuko rero umutama vyakomeranye yarumva ko ubwiza yagomwe ku mukazana wiwe yipfuza kububona bwose maze agatangura guteka imitwe y’ingene yobigenza kugira ngo amuhonje. Jeanne Bapfekurera, umwe mu bakurambere avuga ko imyaka yiwe atayibuka, yagize ati : « Burya atari ubu ibintu vyatitutse, umukazana na sebukwe ntibashobora n’uguhuza amaso nayo kwicarana ho cari nk’ikizira. Ntivyari vyoroshe rero ko baronka akaryo ko kuyaga gushika aho amusaba ngo baryamane. Ni co gituma yarondera kumuha utuntu twose dushoboka mu kumuryosharyosha kugira ngo umunsi wo kumutera intobo ntazomwankire.»

Uku ni kwo yamusaba ngo baryamane

Umutama amaze igihe adatora agatiro kuko yipfuje kuva kera umukazana wiwe akabura aho ariburikocorere, yaraheza akaja mw’ishamba akaha intobo akayikorokereza mw’ikoti ryiwe akama ayigendana kugira ngo akibona umuhungu wiwe akuye akarenge yikorere umuti. Uno muhungu ahavuye gato, akabona wa mukazana wiwe ahagaze nko mu muryango canke ariko arakorera udukorwa ahantu habona, yaraheza akegereza mw’irembo agahagarara hakurya y’igicaniro caba hagati mu rugo, agatera ya ntobo mu muryango winjira mu nzu. Hari aho vyahurirana n’uko uwo mukazana na we yabishaka kugira ngo atone mu bandi bakazana ariko akabura uko ari buturukire sebukwe. Muri ico gihe, yaca ayitora akayimusubiza, aho yaba amwemereye . Ariko asanze ari umwana yatojwe indero yayirekera aho yatembagariye, kikaba ikimenyetso c’uko amwankiye. Umutama yaraheza akazinga yisubirira inyuma, ariko riniga .

Pascal Niyongabo umwigisha w’ikirundi akaba n’umuyobozi w’ishure rya Ecofo Rumonge II, asanzwe yakurikiranye ivyigwa vy’imico n’imigenzo nyafirika, amenyesha ko ivyo vyashobora kuba intandaro y’ukwankwa canke ugukundwakazwa ku bahungu bubatse: « Iyo hageze kugabana amatongo bamwe yarashobora kubaha ahamera, akabaha ibipimo vy’ikawa, ibitoke eka n’inka akabagabira mu gihe abandi yabahaye mu nyovu canke ku bugararwa, ahantu hatamera ».

Kuki none bahitamwo gukoresha intobo ntibakoreshe ibuye ?

Kubwa Pascal, ibuye ririca, ariko intobo ni ingwiza . Intobo ziva ku giti bita « umutobotobo ». Ni igiti co mw’ishamba cama utubuto twinshi. Kirasagarara kandi ntigipfa guhona. Cari igiti gifise akamaro kadasanzwe haba mu kumesa impuzu eka no mu kuvura abagwaye ibinenge (ibivunja). Ico giti cafatwa nk’umugwiza kubw’utwo twamwa twaco. Carakoreshwa no mu majambo y’imanza zo guca mu marembo aho bamwana bagira ngo : « …..twaraganiririye munsi y’igiti c’umutobotobo cama intobo nyinshi zasanzara zigasiga imbuto zizomeza izindi…. ». Pascal akabona ko abo batama boba bakoresha intobo kugira ngo bereke abakazana babo ko babipfuriza kurondoka bakagwira kurya ututubo turi muri irya ntobo tungana. Ni inkuru tuzobandanya tubatohoreza.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top