- Hari ibintu vyeze mu bisagara. Urumbanza rwo mu muryango utarimwo abakobwa bafise ubwiza bwo ku mubiri, baryosha amafoto, rukorwa n’abakobwa bakoteshejwe, kugira gusa rurangwemwo amafoto meza.
- Imiryango n’incuti za hafi za nyene urubanza zikicarikwa inyuma, aho imiravyo y’ivyuma bifotora itabashikira ngo bohava bonona amafoto …
Je, Njebarikanuye, ndatera ivyatsi uwu muco wadutse mu banyagisagara.Nagize gutya nsimbira mu rubanza rw’umugenzi wanje twiganye tukiri ruguru. Ariko ubu, ni umunyabujumbura kubera akazi ahakorera. Nabaye nkihashika ntangazwa no kubona incuti n’imiryango yiwe bicaritswe inyuma ahataboneka. Ariko ngo vyoba vyavanye n’uko amasura yabo adasa nk’ay’abanyagisagara. Nta nkeka ko wohava uca umbaza ngo : « None imbere hari hicaye ba nde, ko urubanza rumarwa n’umuryango n’incuti » ?
Bagenzi, abarundi ni bo bakunda gutebura bavuga bati :« Ndajorewe yahitanye Ndanyuzwe baja gutaha ubukwe kwa Sinkivuga ». Mbaye nka ba bandi ngo « ndadamwe » bashatse kuvuga ngo ndumiwe, nanje naradamwe, pe. Ni ukuri kwose ibibanza vy’imbere bitari vyiyicariyemwo abantu ata n’igisanira namba bafitaniye.
Abantu ata n’umwe azwi mu muryango ! Icibagiye co, ni ba bigeme basereva ibifungurwa n’ibinyobwa canke bamwe bicara impande z’abanyene urubanza (« filles d’honneurs»), ngo baje ari uko barinze kubakota inoti iboneka. Abo na bo, ngo batorwa hisunzwe ubwiza bafise ku mu biri kugira, mu gihe bariko baraca imbere y’abantu bagume babaraba bongera babasamarira. Hari n’uwambwiye ngo baryosha amafoto, gutyo urubanza rugasa neza.
Akagohe nkebuzi …
Abaswahiri ni bo bakunda kwivugira bati : « Mzarau kwao ni mtumwa (uwugaya iwabo ni umuja). » None ga bagenzi, ubwo mu miryango yacu hobura abadufasha urubanza rwacu kandi rukagenda neza ? Ubwo urubanza rukorwa n’ubwiza bw’abarurimwo canke n’imiryango, incuti n’abakunzi ? Abibaza ko amafoto y’abakobwa barinze kugurwa kubera ubwiza bwabo boyarutisha umuryango, turakwiye kwikebuka. Tugaterwa iteka n’abacu mu birori, imiryango n’incuti bagaseruka. Bakavuga ijambo, bakishimana natwe. Kukabankako, urwo rubanza ruba ari urwabo. Murazi induru n’imivumo bakuvuma mu gihe wabinuvye ukabanyegeza ? Ese ukuntu kaba ari n’akaryo ko guseruka bakibona mu birori vy’uwabo !




