Mu Burundi, ibiharuro bihari vyerekana ko ibice 6% vy’ingo ata misarani zifise. 94% na zo zirafise imisarani ariko ntibereye, ingo 16% gusa akaba ari zo zifise imisarani ibereye. Ivyo vyashikirijwe na Prosper Muyuku akora mu gisata c’isuku n’isukura mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Mu gihe kw’igenekerezo rya 19 Munyonyo hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umusarani ubereye, uburundi buzowuhimbariza i Taba mu ntara ya Gitega ku civugo kigira Giti: «Dukoreshe akazu kasurwumwe kabereye duhangane n’ihindagurika ry’ibihe».
Kubw’ivyo, umurundi wese, arakwiye kwiha iteka agasezerera umugenzo mubi wo kwituma aho ari ho hose. Urugo rwose rukagira umusarani ubereye kandi rukijukira umugenzo mwiza wo gukaraba n’isabune n’amazi meza mu gihe bavuye kwiherera. Ivyo bikaba bifasha mu kurwanya indwara zo gucibwamwo, inzoka zo mu nda, n’izindi zituruka kw’isuku rike. Gukoresha umusarani neza bigabanya ingwara ziterwa n’umwanda ku rugero rurenga 50%.
Burya ivyigwa vyakozwe vyerekana ko umuntu 1 kuri 3 iyo aramukije uwuvuye mu musarani atakaravye, umwanda wiwe uruhukira mu kanwa kiwe mu masaha 2 gusa biciye mu kwikora ku munwa. Kandi ibice birenga 80% vy’abantu bavuye mu musarani umwanda bawusohakana ku ntoke, nk’uko bishikirizwa na Prosper Muyuku.
None imisarani isabwa yoba imeze gute?
Nizigiyimana Jeanne, umuyobozi mukuru w’amazi meza n’isuku ry’ibanze mu bushikiranganji bw’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, aravuga uko umusarani ubereye uba umeze. Ngo ubwirizwa kuba ufise ikinogo gitunganijwe neza, n’imiburiburi c’imetero 2 kuri 2 hama ukagira ubujakuzimu bw’imetero 2. Hejuru y’ikinogo hakaba hariko isaso y’aba iy’ibiti, imbaho canke isima ariko hagasigara intoboro imwe gusa kandi ipfundikirwa. Kwitwararika gusukamwo umunyota birakenewe kuko bituma itanuka. Uwo musarani ubwirizwa kuba wubakiye, usakaye kandi uriko n’urugi rwo kuyugara. Hampande y’umusarani habwirizwa kuba hari honyorukarabe ku buryo umuntu avuye kwiherera aronka aho akaraba kugira ntiyanduze abandi canke nawe nyene ngo yiyanduze indwara z’ituruka kw’isuku rike.
Hariho imisarani ihumanya ibidukikije
Prosper Muyuku atanga akarorero mu gisagara ca Bujumbura canecane mu Buyenzi no mu ngo zegereye inzuzi, imiserege n’ikiyaga Tanganyika. Aha, abantu baho bacumita ama”tuyaux” mu misarani ikajana gusesera muri ivyo bibanza. Ugasanga bariko barahumanya inzuzi n’ikiyaga Tanganyika kirimwo. Uyo muhinga avuga ko ikimenyamenya cerekana ko bahumanya amazi ya Tanganyika ari uko mu 1980 Regideso yafata amazi ku metero 800, igaca iyatora ku metero 30 y’ubuja kuzimu. Ariko uno munsi Regideso ifata amazi ku birometero 3,5 ku metero 40 z’ubuja kuzimu. Umuntu afatiye aho gusa, arashobora kubona ko ugucafura kw’amazi yo mu gisagara vyiyongera umunsi ku munsi. Akagabisha abantu bariko barakora ivyo, ko bariko barakosha, bakoshereza Uburundi kandi bakoshereza ibidukikije.
Ikibazo c’ubwiherero rusangi…
Muyuku ati: «Mu bituro vy’amabisi abantu bari bakeneye kuronka imisarani ibereye naho yoba iriha». Mu gitabo kivuga ivy’isuku n’isukura biranditswemwo ko mu bibanza vyose bihuriramwo abantu benshi haba hari imisarani ibereye kuri buri metero 500 hagati y’ikibanza yubabatswe n’ikindi. N’igisagara ca Bujumbura categerezwa kuba ica karorero mu Burundi mugabo si ko bimeze. Amazirantoke uyasanga hose. No kwihagarika umuntu yibeta aho ageze. Ivyo vyose rero babigira batari buronke n’aho gukaraba. Naho ivyo vyose biba, amategeko abibuza aranditswe neza nuko batayashira mu ngiro. Rero Muyuku, asaba abajejwe kwubahiriza amategeko y’isuku gukora akazi kabo kandi bagashira mu ngiro ivyanditswe, vyaba ibiraba igisagara ca Bujumbura canke ivyo mu bibanza vyo hagati mu gihugu bihuriramwo abantu benshi.
Mu buriro no mu bunywero ikibazo ni ca kindi…
Mu mategeko, umuntu abwirizwa kwugurura akabare mu gihe afise uruhusha rubimwemerera. Urwo na rwo, aruronka ari uko babona akwije ibisabwa n’isuku ry’aho hantu ririmwo. Ariko siko biri. Hari ahantu udashobora ku mara akanya kubera umwanda uharangwa. Uranywa, ugafungura ariko umusonga wagufata ukabura aho uwikurira. None nk’uburiro bwiza bwoba bumeze gute? Prosper Muyuku ati: «Ni ubwo bwose ibikorwa vyabwo bituma abantu batarya ivyanduye, kandi bakaguma bahakunda kubera ingene hifashe». Mugabo igihe uzosanga mu buriro hari isazi, ibinyenzi, ukahanywa amazi arimwo ibikeremanya, ukarira kw’isahani yanduye, ugasanga ntihakuburwa, aho hantu ngo amategeko arahagwanya. Ikibabaje n’uko ubwo bubare n’uburiro bucafuye buri aho abajejwe kubwiyamiriza babona.
Nizigiyimana Jeanne avuga ko mu bushikiranganji busanzwe buraba izo nyubako z’imisarani, ikibazo c’imisarani mu mitumba no mu bisagara bacijukiye. Ngo batanguye canecane mu bibanza vya Reta nko mu mabanki, mu masentare, amashure babahimiriza gutunganya imisarani neza. Ibijanye n’imisarani Rusangi na ho ngo batanguriye hagati mu gihugu kuko bafise ikigo AHAMER kijejwe gukwiragiza amazi n’isuku mu gihugu hagati kiriko kirakurikirana ibijanye n’iyubakwa ry’imisarani ku mabarabara. Akamenyesha ko no mugisagara ca Bujumbura hariko harigwa ingene hoboneka ikigo coshira mu ngiro uwo mugambi.




