Brarudi siyo izoteza imbere umuziki mu Burundi
Niho benshi twihendera. Primusic, ni ihiganwa ry’ishirahamwe rishaka kuronka abakunzi benshi. Kur’ivyo, rikorera kubaririmvyi bakundwa cane mu Burundi, baba ababa mu gihugu, canke abava ahandi.
Abaririmvyi n’abandi bose bitaho ivy’umuziki bo bari bipfuza ko ayo mamiriyoni yokoreshejwe muri Primusic, bayazana kugira umuziki ndundi utere intambwe. Ntabizoba, kuko akazi ka Brarudi si ako guteza imbere umuziki w’Uburundi. Mukuzana amahiganwa nka Primusic, Brarudi iraterera aho abaririmvyi b’Abarundi baba bageze. Iyaba Sat-Ba canke Fizzo batigwanako ngo babe bafise igihagararo, ntiyari kubatumako nk’abahagarira Primusic uno mwaka.
Akazi gakomeye rero kari imbere yacu, twebwe abamenyeshamakuru, Reta, abakora muvyo kumenyekanisha abantu n’ibintu, abanyamitahe, n’abo bose bafise ico boterera mu muziki ndundi.
Mbega, twokorera hamwe gute, kugira mu minsi iri imbere haboneke ba Sat-B na ba Fizzo bane canke batanu, hanyuma tuzohave turonka umuririmvyi ahagarira igihugu ku rwego rwa Afrika nka Diamond?
Iyo uravye ibiteramo biceregwa amasaha ane, canke ubukene (bw’amahera n’ivyiyumviro) buri mubaririmvyi, hari uwogira ati ico gihe si ica vuba.




