Jimbere

ikirundi French English
Umuziki

Inyigisho 5 zikomeye twakuye mu giteramo gisozera Primusic 2019

Utubazo tubiri kuri Tetero

Umwigeme Tetero yaheruka guheza amashuri y’isumbuye mwak’uyu niwe yatahukanye umudari w’uwatsinze Primusic y’uno mwaka. Mugabo mubantu bari bahari, hagumye utubazo tubiri dukomeye:

– ubwo Brarudi izogumana umukenyuro wo guha agaciro kanini amanota y’abatora baciye kuri za Facebook na za Twitter? Kuko iyo ngingo izotuma abaririmvyi bava mu bisagara, na canecane Bujumbura, aribo bazoguma batorwa. Niho hari za telephone ngendanwa nyinshi, hari amatara, n’ibindi.
Birumvikana ko Brarudi yo, mugushinga iyo ngingo, iba ishaka kuronka ama « likes » menshi, maze abayikunda bakongerekana. Mugabo ni ukwibuka ko hari imiyabaga iba izi kuririmba, ntigire abayishigikira benshi kuri za Facebook na Twitter…

– ubwo Tetero azoshika aho abandi bose batsindiye Primusic batashitse ? Nk’uko abandi bavyanditseko, ico kibazo kirakomeye: yaba Rally Joe mu 2012, Patient Matabaro (2013) canke Christian Ninteretse (2014), canke abatwaye ibibanza bikurikira, ntawashitse kure mubijanye n’umuziki kubera ihiganwa rya Primusic. Tetero, umwigeme w’imyaka 19, yoba agira yereke igihugu ubudasa? Ko ariho yaragiheza amashuri yisumbuye, ubwo ntazobanza ahagarike ivyo kuririmba kugira atoze kaminuza? 

Ivyo bibazo bishikana ku nyigisho yanyuma, ari nayo ihambaye ku ruganda rwa Jimbere: 

Sabikanya kuri

Pages : 1 2 3 4 5

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top