Mu bihe vy’imisi mikuru, canke imanza nyinshi, mu Burundi, hama hibonekeje ikena ry’ibinyobwa. Iruhande yo gukena, ibiciro vy’ivyo binyobwa biraduzwa aha n’ahandi, n’uyu canke uriya, ku buryo n’abavyihereza bibacanga. Njebas yasohoye agakete kubo vyega ….
Bimwe muvyo Njebas yandikiye ishirahamwe Brarudi risanzwe rihingura ibinyobwa:
Ba nyakugira inka musanzwe muduhingurira ibinyobwa twihereza,
Mu bihe vyo kurangiza umwaka no gutangura uwundi mushasha, kaba ari akaryo keza ko kwisanzura tukaryoherwa tugasuzugura ubukene, tukikura akuya. Kwiha kamwe muri ivyo bihe, jewe n’abagenzi banje twabigize umugenzo.
Mu gihe impera z’umwaka wa 2020 wagiye kurangira mwatugarukaniye akanyobwa ka Amstel Bock ndetse naya Coca-cola vyari vyarabaye umuzi w’ibuye. Twari twiteze yuko n’ikibazo c’ikena ry’ibinyobwa muduhingurira kitazosubira kuvugwa.
Haba namba ntabwo vyagenze uko. Kuva noheri yegereje ibinyobwa vyaza bitanguye kubura. Gushika kuri uyu musi. Aho udasanze vyahereye icarimwe, usanga Bajou twikundira cane, bechou, canke ya Amstel ndende ibera abakire atayihari. Ndabamenyeshe yuko, mu kabare, ifanta n’amazi bisanzwe bitankundira nk’abandi.
Njebas, ihindagurika ry’ibiciro rimugeze ahantu
Kugira inoti yawe, ariko ukabura ico wivunisha akanyota birababaje cane. Aho ntihavuzwe kugenda wateguye amikoro yawe make usohokanye umukunzi ugaheza ugasanga ibiciro bitakiri uko wari uvyiteze. Birarisha ivyatsi gutinya fagitire muri kumwe n’uyo muntu, murabimbaza je vyashikiye.
Kuri uyu wa gatanu uheze numvise nokwigira neza nk’abandi ubona ko n’idwi y’imirimo yari irangiye. Narahejeje nkora ku rutsinga mbwira Ruzalia aze turabe aho twicara. Aho tubajije ifanta bakatubwira ngo ni 800 F, Amstel 2.200. Duca turahava. Aho twungururije ho bayiciye umurya : ifanta yari kuri 1.000, Amstel nayo 2.500, eka no ku bindi binyobwa ibiciro vyari vyadugijwe.
Ukwezi kwa mbere ntimuyobewe ivyakwo. Mu gihe twari tumenyereye kuri ubwo bunywero nyene ibiciro biri hasi nk’uko ubwanyu mwabishinze (1.800 kuri Amstel ndende, 1.500 kuri Primus mini, 1.400 kuri Amstel ngufi l, 1000 Primus ntoya, 700 kw’ifanta, 1.200 Amstel Bock, 2000 Amstel Royale …), uyo musi ntivyoroshe kuko amikoro nari nitwaje atari ikirenga.
Barabinyegeza canke ntabisanzwe Bihari? Njebas arabandanya …
Kuw’Imana uheze naho nditora nti abavyeyi n’incuti mw’iyi misi mikuru ntabashitseko naho vyoboneka nabi. Gutyo narihevye itike risigaye atari icoroshe naryo nyene mw’iyi misi ndaririha. Nshitse mu muryango zari impundu kabisa. Nikwo kubabwira nti raba muheze mutume kamwe twihereze.
Barakwiye impinga barabura. Ku ma depo hari humye. Eka no mu misozi ya kure bibaza ko abaziranguye boba batarazimara barahize barabura. Sinatevyeyo bukeye ku wa mbere naragarutse mu gisagara intuntu n’akanyota biniga. Nshitse kugituro nahise nitura ubunywero buhegereye. Ngize ngo ndacabaza bambwira ngo zaheze. Ariko ndavye irya n’ino nkabona abariko barasoma.
Naramwinginze cane, uwupima mw’iryo bare, aranyongoreye ambwira ati : « Ko ari wewe, wokwongerako 500, notimba nkaguha iyo nari nabikiye bosi. » Nta kundi nari kubigira ariko ivyo vyose agashavu vyanteye niko gatumye ndabandikira.
Ehe rero Brarudi, muvyeyi utumara akanyota, mukorane n’abajejwe intwaro, umutekano, abadandaza n’abandi bose vyega, maze ivyo bibazo bihagurukirwe. Murakenuye.
Maze icivugo kira inyota mugenzi” cubahirijwe ku mpande zose.




