Jimbere

ikirundi French English
Umuziki

Inyigisho 5 zikomeye twakuye mu giteramo gisozera Primusic 2019

Abarundi ntituramenyera ivy’ibiteramo bikomeye

Ejo vyaragaragaye. Ntawuzi ko ari kubera umunezero urenze wo kubona umuririmvyi bama bumva kumaradiyo, canke ko kari akayeri ka Brarudi kari kabashitse… Diamond yarihenze avuga ati « Reka abakunzi banyegere ! », emwe abari hano baranduye vyose ku nzira kugira begere aho yariko araririmbira.

Mur’ako kavuyo, ivyuma vy’abamenyeshamakuru vyararanduwe, ibindi birahonyangwa, abasuma imifuko baroza, intsinga ziracomorwa, … Haraciye nk’iminota cumi imbere yuko imitima isubira guturura. Handi hato, Diamond atanguye gushusha ibintu, amacupa araguruka, aba buri buhagarike igiteramo. Ati: « Mu Burundi abantu bakunda amahoro, nta kuntu abakunzi banje botangura kwumviriza umuziki bariko bikeka ko ikidaji kibahitana. Mushaka ko tubandanya, munyemerere kuboha uwusubira gutera ikidaji hejuru tumuhe abajejwe umutekano! »

Hari n’urukurukuru rwaraye ruragenda igihugu, ngo hoba hari abapfiriye mur’ico giteramo. Igipolisi kirabeshuza ivyo bintu, kiti hari abakomeretse gusa. N’ikigo Croix-Rouge cari cashitse kuri ETS Kamenge carabeshuje iyo nkuru, ejo mw’ijoro ikirori giheze kikaba cariko kironderera ibitaro abari bakomerekeye mu misunikano. Mur’abo, umumenyeshamakuru Alain Majesté Barenga akorera Radio Culture yarababaye cane, mugabo ubu bivugwa ko ubuzima bwiwe butakigeramiwe.

Igiharuro: Igipolisi kivuga ko kuri ico kibuga cabereyeko igiteramwo canyuma ca Primusic 2019, no kunkengera yaco, hari haje abantu bababa 20.000 …

Sabikanya kuri

Pages : 1 2 3 4 5

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top