Jimbere

ikirundi French English
Umuziki

Inyigisho 5 zikomeye twakuye mu giteramo gisozera Primusic 2019

Diamond yarerekanye ko ari ku rundi rwego mu vy’umuziki

Abari bamaze iminsi bidoga ngo uyo muririmvyi avuye muri Tanzaniya yahawe amahera menshi, ngira barabonye ico arusha bagenzi we b’Ibirundi. Uriko urakurikirana igiteramo ciwe, warumva ingene agenda araduza uburyohe bw’ikirori, mu gucokoza abari baje ati « Duza terefone zanyu mu kirere ndabe ko mu Burundi mufise terefone ngendanwa », haciye akanya gato ati « Rino joro turara ngaha », handi hato ati « Ubu rero tugira dutangure ibihambaye, ambura udupira twanyu »…

Uravye igishika abamukunda bari bafise, ayo majambo yose yabatuma baca bashuha gusumba, akaruru ku munwa, inkungugu iratuma, akuya karabira.

Mugabo Diamond yagiye aducishijemwo akajisho, kuko yagumye yidoga ko mikoro n’ibiduza amajwi bidashika kure, aranahakwa guhagarika igiteramo bamwe mu baje kuraba ico kirori batanguye gutera ibidaji hajuru.

Sabikanya kuri

Pages : 1 2 3 4 5

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top