Jimbere

ikirundi French English
Umuziki

N’iki catumye Fizzo yururutsa abahungu biwe kuri « scène » ?

Label ya Bantu Bwoy, uyu munsi, ni yo iriko iravugwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi. Ivyo bikaba biterwa n’ukuntu bamwe na bariya bakiriye inyifato Fizzo yagize mu rubanza rwa DJ paulin, nyene inzu y’ubutambiro Cristal Lounge Bar, aho yigina imyaka indwi imaze ibayeho. Iyo nyifato nayo si iyindi, n’ukuntu Fizzo yaduze kuri scène yaka « microphone » Kirikou na Double-Jay basanzwe bafitaniye amasezerano n’iyo label.

Muti vyagenze gute ? Mu gihe Double-Jay na Kirikou bari bacinjira kuri scène, bahejeje freestyle, biteguriye kuririmba indirimbo imwe imwe kugira baryohere abakunzi, nk’uko abandi baririmvyi bose bariko babigira, abari ngaho bagiye babona Fizzo kuri scène, yarakaye, ahita yaka « micro » Kirikou yagira atangure kuririmba aca amubariza hamwe na Double Jay ati : « Ni nde yababwiye muze kuririmba ? » babuze ico bamwishura yaciye ababwira bave kuri scène. Nabo babikora uko. 

Mukurondera umuco wavyo twaciye twegera MC Sadiki, wewe yarasanzwe ariwe vyacako kugira umuntu ashike kuri scène. « Igihe baza gusaba ko nabo boririmbira aba fans babo, baje bazananye na Endo Mike, asanzwe ari umuhinyanyuzi wa Bantu Bwoy. Fizzo na Stein hari haheze akanya batashe. Amatwi ansumira stein yibutse ko asize umuntu wo mu muryango wiwe yari yemereye ko batahana, aca aragaruka ku mutora. Niho Fizzo yumva abo bahungu biwe bari kuri scène agaca adugayo akavyifatamwo uko yabigenjeje».

None mu vy’ukuri ni igiki coba carateye uwo muyobozi wa Bantu Bwoy kuvyifatamwo gutyo ? Inkwezi y’amarere ni open mic Dj Paulin yateguye urwo rubanza. Mu ntumbero yo kuryosha ibirori, yarahaye akaryo umuririmvyi wese yari ngaho ngo yikore mu gahogo ateramishe abakunzi biwe. Mu gihe abaririmvyi bandi nka MB Data, B.face, n’abandi bariko bararirimba, MC Sadiki yagiye kubaza imeza Bantu Bwoy yari yicayeko ko na bo batipfuza kuririmbira aba fans babo. Yagize ati : « Stein yanyishuye ko ata kibazo, ndetse aranampa urutonde rw’ukuntu nobakurikiranya mu kuririmba. Hari gutangura Drama T, hagakurikira Kirikou hagahereza Double-Jay. Ntihaciye akanya ndabahamagaye kuri scène ntanumwe yanyitavye. Twagiye kumenya icabaye, ari uko Fizzo na madame wiwe, bari bahagurutse batashe, Stein atubwiye ko Fizzo yanse».

Abari ngaho ntibakiriye kumwe inyifato ya Fizzo

Bamwe bavuga ko Fizzo yavyifashemwo ukutabereye. Kolly the Magic, asanzwe arongoye umugwi w’abaririmvyi Ingo Band, ugezweho mu gisagara ca Bujumbura, aranegura iyo nyifato. Kuri statut ziwe agira ati : « Ibintu vyaraye bibereye muri Crystal birateye isoni, mu gihe vyaraye bikozwe n’uwitwa ko ari mu bagwanira agateka k’umuziki ndundi », arongera akarungikira ubutumwa Fizzo ubwiwe aho agira ati : « Fizzo urankuriye kandi ndakwubaha cane urabizi, ariko abahungu bawe waraye ubasuzuguje imbere y’abakunzi b’umuziki ndundi. Ntiwari ukwiye gukora ibintu nka birya imbere y’abantu. Nimba abana bari bakoze amakosa, ivyo mwari kubihereza mu nzu ya Bantu Bwoy. Hari ibintu bimwe bimwe dukwiye kurengera inzira ishika tuyitondere, dutosore utunenge ».

Cedric Bangy, inararibonye mu muziki, wewe ntabibona uko. Atangura akeza Fizzo ku kuntu yavyitwayemwo. Yaboneyeho n’akaryo ko guhanura abo wewe abona ko bakoze amakosa. Agira ati : « Abarongora ibikorane nibamenye gutandukanya gutumira umuntu gutera iteka urubanza, n’igihe yatumiwe kuririmba. Benshi bakunze kubafatiraho. Abaririmvyi bo ma Label barakwiye kwubaha aba boss babo kuko kirazira guhaguruka ukaja kuri scène boss wawe atarashikayo ».

Big fizzo tumusavye ngo adusigurire ivyabaye yagize ati : « Ntanakimwe mfise ndabivugako kuko nta kamaro. » Yongerako ati : « Abamenyeshamakuru bariko bavuga : « Du n’importe quoi » mu gihe DJ paulin nawe ngo Fizzo sindaronka umwanya wo kuvugana na we ngo ntahure icabaye. Ico nzi co dusanzwe turi abagenzi, ari na co gituma dusanzwe dutumirana ». Double-Jay tumubajije ku bihuha vyariko bivugwa ko yoba yavuye muri Bantu Bwoy, kubera ivyabaye, yagize ati : « Ndacariyo kandi nta n’imigambi yo kuvayo mfise ». Ushima akiriyo,  ngo n’ico gihe twamuhamagara yari yicaye muri studio ya Bantu Bwoy.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top