Kuri uwu wa 24 Kigarama 2020, Ubushikiranji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije bubicicishije mu mugambi wabwo PRDAIGL, bwatanze inka 240 ku bantu b’amikoro make ariko bashoboye kuzitunga bo muri komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura.
Ku mutumba Mutara wo muri komine Mutimbuzi ahariko hatangirwa izo nka, akanyamuneza kasomeka ku maso y’abari bahari. Abari bamaze kugabana inka, eka n’abari barindiriye gushikirwa bose bari bahimbawe. Zirampa Pierre, ni umwe mu bagabanye. Amaze kwambika ikiziriko inka yahawe, uwu avuga ko atumva n’ingene yoshima kubera kurengerwa n’umunezero. Agira ati: « Kuva navuka sinari bwigere ntunga inka. Bubaye ubwa mbere. Narayipfuza ngo ndayorore nze ndayinwa amata, inampa amase none ndayironse. Umugambi wa Reta PRDAIGL, uranteturuye, nopfuye ntayituze. Ubu ndaje ndayiteho, ndayigaburire kuko nizeye ko iyi inka igiye guhindura ubuzima nahora ndimwo. Ngiye gukira inzara. »
Na we Mariya akanyamuneza afise, wohora uraraba. Uyu yishimiye ko kuva akigabana inka yinjiye mu mugwi w’aborozi, hampande y’uburimyi yahora akora ariko ntiyimbure neza kubera ata mase yahora aronka. Ubu rero ngo iyo nka ni inyishu y’indoto ziwe.
Agiye kuza arayigaburira neza, ayigurire “ituruto” n’ “isondori”, irye ivyibuhe maze izomuhe umwimbu mwiza. Akarusho Mariya ayibonamwo, izo muha amata anywe n’umuryango wiwe, ayandi ashore aronke n’amahera yo kwikenura, aronke n’amase yo gusuka ku rubingo yateye n’ayo gushira mu mirima y’ibiterwa kugira bizoze birakura bisa neza.
Intumbero y’itangwa ry’inka mu mugambi wa Reta
Dieudonné Nsengiyumva, umuyobozi mu buyobozi bukuru bw’ubworozi ajejwe kugwiza ibitungwa n’umwimbu ubikomokako mu Bushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije, avuga ko igitumye batanga ivyo bitungwa ari uko bisanzwe biri mu ntumbero ya Reta yo kugira abantu b’amikoro make bashobore kwisununura mu buzima bwabo bwa minsi yose.
Ubu rero, muri iri tangwa rya mbere ry’inka bitegekanijwe ko hazotangwa inka 750 mu karere k’Imbo. Uyo muyobozi akamenyesha ko izo nka bazikura mu gihugu c’Ubuganda, kandi ko uburyo PRDAIGL ishiramwo kugira inka imwe ishike aho itangirwa ku mwenegihugu burenga amafaranga y’amarundi 1.500.000.
Ariko kandi Dieudoné avuga ko izo nka zahawe abantu b’amikoro make batazibagabiye ubu, ahubwo nyabuna ngo ziri mu rukurikirane rw’abasangiye urugendo mw’iterambere, kugira imaze kuvyara bazoce bokorera bagenzi babo baba baratororokanijwe. Rero mu ntego y’igihugu n’uko abenegihu bo ku mitumba iba yaracaguwe ngo irangurirwemwo umugambi PRDAIGL bose ata n’umwe avuyemwo babwirizwa gushikirwa n’ivyo bitungwa, ndetse n’abuzukuru bakazoshikirwa kuko bazoguma bazihanahana.
Ibitegekanijwe muri uwo mugambi
Gérard Niyongabo asesukira PRDAIGL mu ntara ya Bujumbura avuga ko, mu gisata c’ubworozi, umugambi PRDAIGL watanguye guhimiriza abenegihugu kwijukira ubworozi bw’inka za kijambere zitanga amata, waramaze no gutanga ubwatsi inka zizorya. Urabigisha kwiyegeraniriza hamwe mu makoperative. Ibindi bitegekanijwe, Niyongabo avuga ko bazobandanya batanga inka. Harategekanywa uburyo bwo kwegeranya amata, hazotangwa ibikoresho vya nkenerwa kugira amata bakamye azobe afise isuku. Hazubakwa n’inyubako zo kuyegeranirizamwo ku mitumba, hazubakwa ibigo 3 binini vyo kwegeranirizamwo amata, 2 muri komine Mutimbuzi na kimwe muri komine Kabezi kugira amata yose avuye mu borozi abe ariho azoza aregeranirizwa. Hazubakwa kandi inyubako zizofasha guhingura imfungurwa z’inka kugira zizoze zirakamwa amata menshi.
Mwomenya rero kandi ko muri uwo mugambi wose, hategekanijwe kutangwa inka zose hamwe zingana 3000 mu ntara 5 uwo mugambi PRDAIGL urangurirwamwo arizo: Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, Rumonge na Makamba




