Abatari bake mumenyereye Thomson ari izina ry’umuntu. Ariko ubu ni Thomson izina ry’ifi. Iyi fi iriko irahurumbirwa mu gisagara ca Bujumbura. Mbere ngo iriko iratwara isoko umukeke kubera igiciro cayo kitavuna. None Thomson iva he?
Ubu bwoko bw’ifi ya Thomson burobwa mu mabahari (Océans). Nyinshi mu zishika i Bujumbura ngo ziva i Mombassa zikaza zitekeye mu makarato hama zigashika zibikwa mu ma «congélateurs» kugira abazigura bazitore zitarononekara, nk’uko bishikirizwa n’umudandaza wazo akorera kuri Cotebu. Izo fi rero, usanzwe utazizi neza ntiwopfa kuzitandukanya n’umukeke wo mu kiyaga Tanganyika. Zirasa cane.
Mu gisagara ca Bujumbura ahantu abantu bazi ko hoba hashorwa ifi nyinshi ni mw’isoko yo kuri Cotebu. Aho rero ukihashika si ukuzigura gusa ahubwo abantu baratanguranwa. Uri indagara, nyamunyamu, imikeke, Thomson n’izindi nyishi amazina yazo aheba agacangana mu mutwe. Hari abagura ku biro izo baza guteka, abarangura izobajana kudandaza mu makaritiye eka ntiworaba.
Benigne ni umwe mu bariko bararangura ifi muri iyo soko yo kuri Cotebu kugira ace azijana kuzidandaza muri karitiye akoreramwo. Rero Thomsom ngo ni zo fi we akunda kurangura cane kuko arizo abakiriye basigaye bahurumbira kurusha imikeke kubw’ingene zisumika ku giciro gito. Uyo muranguzi avuga ko, ku kiro Thomson zishobora kuranguzwa amafaranga ari hagati ya 5000Fbu na 7500Fbu mu gihe umukeke ushobora kuwuronka ku mafaranga ari hagati ya 12000Fbu na 20.000Fbu ku kiro bivanye n’ubunini bwazo.
Thomson n’umukeke ziratandukanye ku kanovera…
Abamenyereye kwinovora akanovera kazo bavuga bemeza ko isose ya Thomson iteguye neza imanura ubugari, mbere n’abana bagasigara barikomba intoke. Ariko, ngo ntizoshikira umukeke. Estella ni umwe mu bamaze gutegura no gufungura izo fi zose uko ziri ubwoko bubiri. Ku bijanye n’akanovera agira ati: « Naho abantu tutaryoherwa kumwe, umuntu wese ariye izo fi zibiri, yo kwemeza ko umukeke wo muri Tanganyika uryoshe cane kurusha izo fi ziva mu mabahari. Nako ifi zo muri Tanganyika umenga zisanganywe umunyu muri zo. Thomson irasanzwe. Ariko uyitetse neza na yo iraryoha, mugabo umukeke uracari kw’isonga. Iyaba ibiciro bingana ntawogura Thomson abona umukeke».
Umwe mu badandaza aranguza ifi z’umukeke na Thomson kuri Cotebu avuga ko izo fi zose zikundwa ariko hasohoka cane Thomson kubera ibiciro vyazo ari bito. Na yo ku bijanye n’impamvu umukeke uzimvye gusumba Thomson kandi ariwo uva hafi, uwo mudandaza agerageza gusigura avuga ko uburovyi bubera mu mabahari buteye imbere cane gusumba ububera muri Tanganyika. Agira ati: « Mu mabahari baroba ifi nyishi cane kubera ubuhinga bafise buteye imbere kandi bagaca baronka n’uburyo bwo kuzibika butuma zitononekara. Biturutse rero k’ukuba ari nyinshi baca baziranguza hirya no hino mu bihugu ku biciro bito kugira bagume baroba izindi. Ariko umukeke harobwa muke kubera uburovyi bukiri hasi cane mu Burundi kandi n’uwubonetse ugaca uronderwa n’abantu benshi. Baca bawuzimbako rero».
Uwo mudandaza w’ifi rero akabona ko kugira ibiciro vy’ifi zirobwa mu Burundi bigabanuke ari uko hobaho umugambi wo guteza imbere uburovyi bu bebera mu biyaga n’inzuzi biri mu gihugu. Reta n’amashirahamwe abijejwe agashiramwo uburyo, ifi zikarobwa ku bwinshi kandi hagatunganywa n’aho kuzishingura kugira ntizononekare. Bigenze ukwo, abarundi bofungura ifi zizimbutse mbere honaboneka n’izo gushora hanze y’igihugu.




