Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Kwubahuka, umushinge w’iterambere ry’urwaruka mu burimyi n’ubworozi

©Jimbere | Ku matoni ashika ku 30 y’ifu y’ubuyi adandazwa ku kwezi na koperative COJELUD, habonekamwo amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni 60...

«Ubwo vy’ukuri jewe nogera kuri iyo ntambwe? Umutahe wova he»… Ivyo ni bimwe mu bibazo nyamukuru bishikirizwa n’urwaruka rugera kuri 45 ruva mu mihingo yose y’igihugu ruriko rugira urugendo-shuri kuva kuri uyu wa 24 kugera kuri 27 ruheshi, mu ntara za Bubanza, Kayanza na Ngozi. Urwo rugendo rukaba rwatunganijwe n’ikigo AgriPro Focus, gifasha urwaruka rukorera mu burimyi n’ubworozi mu kwuguruka no kumenya ukugene bogwiza umwimbu bakongera bakadandaza ivyo babiriye akuya

Urugendo nyezina rwahereye mu ntara ya Bubanza ku musozi Kizina uri muri Komine ya Bubanza. Koperative COMICOPO, ikora mu bworozi bw’amafi n’ukugwiza imbuto niyo yakiriye urwaruka ruri mu rugendo. Cyriaque Ndayiragije yatanguje Koperative COPIMIKOPO, yigana ko umutahe yatanguje ari inguvu n’ubwira, ibindi biza mu nyuma. Agira ati: «Vyose vyatanguye mpejeje amashure yisumbuye muri 2014.Nta kazi nashotse ndonka kandi nategerezwa kubaho.Nikwo kwegera iyindi misore mike twiganye ndabatura iciyumviro co kworora amafi, bamaze kunyemerera duca turasaba ikibanza muri komine c’ahantu twokorera, na cane cane hari amazi. Nukwo umugambi uba uratanguye, abatwuhirira babonetse arukwo tumaze kugira ico dukoze. »

Cyriaque atanga intahe ko vyose biva mu gushaka no kugira ihangiro. Nikwo guca amenyesha ko kugeza ubu baronka umwimbu uri hagati y’itoni 10 na 13 ku mwaka, bakagwiza imbuto zigera kuri 240.000. Yongerako ati: « Urufi rumwe rwo mu bwoko bwa Terapiya ruvyara izindi zirenga igihumbi, nayo isomvyi yoyo ishobora kuvyara izirenga 10.000. Ukwo twunguka rero, nuko nk’agafi kamwe tukagurisha 200 y’amafaranga y’amarundi, kamaze imisi 30. Nayo izikuze, ikiro ni 5.000 Fbu. Murumva ko harimwo akunguko kanini». Cyriaque agirako ahanura urwaruka kudatinya gushira imitahe mu bworozi kuko hariyo akunguko katari gato.

Muri iyo ntara nyene ya Bubanza, ku murwa mukuru, abari mu rugendo barashitse aho ikigo CITA gikora ifu y’ubuyi buhinguwe mu binyantete 7 arivyo: ibiyoba, isoya, umuceri, ibigori, amasaka, ingano, na sesame. Kuri ivyo binyantete baca bongerako ifu y’ibitoke, bagahez bakaronka ifu y’ubuyi ikwije ivya nkengwa.Nkukwo bishikirizwa na Reveriyano Niyonkuru yatanguje ikigo CITA, intumbero nyamukuru yo gutanguza guhingura ifu y’ubuyi ni ukurwanya ugufungura nabi kuzingamitse intara zitari zike zo mu gihugu, na cane cane intara zo mu bu burengero. Reveriyano aramenyesha kandi ko yari afise umugambi wo gukorera mu burimyi kuva akiri umuyabaga, gutyo akiteza imbere kugatwe kiwe akongera agatez’imbere igihugu.

Intango ntiyoroshe

Reveriyano Niyonkuru yayagiye abari mu rugendo ko intango yama igoye. Niko gutanga intahe: «Jewe natanguje umutahe wa 600.000 Fbu ngura ibikoresho vyogutangura umugambi, ico gihe natanguye gukorera imuhira kwa data, nkakora ifu ingana ibiro 20, amezi atatu agahera ya fu ikiriho. Naragize ibinca intege bitari bike. Hari abatemera ivyo nkora, abandi nabo bakantega imitego kugira banyibe umugambi wanje, ariko narashoboye ku birengera, ndabandanya gukora naho bitari vyoroshe. Igihambaye mu rudandazwa ni ukwiha ihangiro, ukemera ugasonza mu ntango. »
Reveriyano yateye abamenyesha ko ageze ku rwego rwo kudandaza hagati y’itoni 20 na 30, ku kwezi, bikinjiza amahera agera ku miriyoni 60 buri kwezi. Reveriyano amenyesha ko ivyo akora bitunze imiryango igera kuri 50 adashizemwo abo arangurira ibifungurwa bakoresha.

Ico gishingantahe barongeye barakironswa na Yohani Bosiko Nshimirimana arongoye koperative COJELUD rikorera mu burimyi n’ubworozi ku mutumba wa Rukeco, muri komine ya Busiga intara ya Ngozi. Nkukwo bishikirizwa na Nshimirimana, Ikigo COJELUD gihurikiyemwo urwaruka rwinshi rwo mu mihingo myinshi. Agira ati: «Mu ntara ya Ngozi, maze kuronka urwaruka rugera kuri 500, ubu tukaba turiko turakwira mu zindi ntara nka Mwaro, Gitega, n’izindi. Mukwiyumvira gufadikanya n’urundi rwaruka, narimfise intumbero yuko ijambo ubushomeri ryosa n’iritaye agaciro, urwaruka rugakora rutarinze kurindira abaruha ubuzi canke imitahe».

Icatangaje cane abari mu rugendo shuri, Yohani Bosiko Nshimirimana yize kugera mu mwaka wa gatandatu w’amashure mato. Nawe asigura icamutumye yuguruka, akavuga ati. «Jewe natanguye ivy’uburimyi n’ubworozi mu mwaka wa 2016, mvuye mu rugendo shuri nk’uru murimwo, nkaba narukoreye mu ntara ya Bubanza. Naruhejeje numva nshashaye gukora cane, mugabo nta buryo narimfise. Naragurishije udutafari narimfise, abantu bakambona nk’umusazi, nca ntangura kurima ibiharage n’ibigori nkoresheje ubuhinga nari nasumye mu rugendo shure. Nagiye ndasaba utudeni dutoduto. Maze kwimbura, narakuyemwo amatoni ashika kuri mirongo ibiri, ndayadandaje nkaheza nkaca ngura amatongo y’ukwagura, ndatinda ndaronka ahangana ama hegitari 18». Avuga kandi ko amaze gushika kuri iyo ntambwe yaciye atangura kwiyumvira gushinga koperative ihurikiyemwo urwaruka rwinshi ruza ruraharonkera ingurane ntonto rukiteza imbere, kandi rugakorera hamwe. Kugeza ubu, Yohani Bosiko n’abo barikumwe baharura umutahe ugera ku miriyoni 80 ziri muvyo bariko barakora.

« Kubugurura amaso »

Bafadikanije n’amashirahamwe ICCO Cooperation, ADISCO na YAIN, yose yitaho iterambere ry’uburimyi n’ubworozi, muri AgroPro Focus bashikiriza ko intumbero y’urwo rugendo-shure ari kugira urwaruka rusanzwe rwaratanguye gukorera mu burimyi n’ubworozi ariko rutaragera ku ntambwe iteye imbere cane, ruronswe akaryo ko kugendera abababanje imbere bakagera ku ntambwe ishimishije, kugira ngo babaratire ukwo babigenjeje, bongere babavunire akagohe ku bintu nkenerwa kugira bashobore kuja ku rundi rugero.

Bakiva mu gisagara ca Bujumbura, abari mu rugendo bari bafise igishika co kwibonera iyo bagiye n’ivyo bagiyemwo. Belyse Igirukwishaka asanzwe ari umurimyi w’imyumbati, akanorora ibitungwa bitobito, eka mbere akaba anadandaza imiti y’ibikoko mu ntara ya Muyinga, avuga ati: «Uru rugendo nari ndarushashaye. Hari haheze igihe kinini rutegurwa none imvugo irabaye ingiro.Nditeze cane kuharonkera ubumenyi busagutse ku bijanye nivyo nsanzwe nkora, ndetse no kubindi bishasha nshobora kuharonkera».

Aristide Nihorimbere, umurongozi w’ishirahamwe YAIN, rihurikiyemwo urwaruka rukora urudandazwa rw’ibiva mu burimyi n’ubworozi, arahanura urwaruka kw’ubahuka, bagakora imigambi yabo, ntibarindire ibirenze urugezo rwabo kugira batangure gukora. Ati: «Ha guhera hejuru umanuka, wohera ku busa uja hejuru. Igikuru ni ukugira ihangiro».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top