
Nimba hari urwaruka ruzwi cane ku murwa mukuru wa poritike ruri mu muvuduko udasanzwe mu bikorwa vyo kwiteza imbere, uretse uwatanguje Gasape, ni Kaze Delphin. Uwu musore atwara ishirahamwe KAGE (Kaze Green Economy), yipfuza kuba imboneza mu Burundi bwose, mu bijanye no guhingura amakara adatitura ibidukikije… Hagati aho ngo buca iryo shirahamwe ritangura guhingura amatoni arenga 10 ku munsi.
Kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2020, aho hahimbazwa umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, ni ho uwo musore w’imyaka 25 yahabwa agashimwe na komine Gitega. Amenyesha ko kuva atanguza KAGE, ata buryo bufadika yari afise ariko akamana iciyumviro co kugira ico akoze cofasha mu kibano. Uko ni ko Kaze Delphin yatanguje KAGE. Agira ati : « Aha i Gitega, biragoye kuronka ico umuntu yokora kidasa n’ivy’abandi bamaze gutangura ku buryo n’urundi rwaruka rwogifatirako mu kwiyumvira ingene rwokora ivyoruteza imbere. Jewe nagiriwe ibakwe ryo gukurikirana inkuru z’abanyamigambi batwitangiye imbere mu gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere nka Gateka Saxe Perry w’ino I Gitega na Strive Masiyiwa wo muri Zimbabwe bashoboye gushika ku rugero rukomeye cane kandi bahereye ku busa ».
Mu 2017, Kaze Delphin yiga kuri kaminuza yigisha ivy’ubuhinga nsukiranya mu gisata c’ivy’ubuhinga n’ibidukikije, i Gitega. Ico gihe yari mu ntango y’umwaka wa kabiri. Ni ho yatangura kuza arahingura amakara ayakura mu micafu idashobora gutitura isi, mu nyuma ahava atandukira ibitiritiri. Agira kandi ati : « Kuba nari niga mu gisata cigisha ivy’ibihe n’ibinyabuzima bidukikije « Climat et Biodiversité », vyaranyoroheye cane kugira iciyumviro co gukingira ibidukikije. Hejuru y’ivyo, birazwi cane ko amakara akorwa mu biti akoreshwa ku rugero ruteye ubwoba mu Burundi. Ubwa mbere nahingura amakara mu micafu idatitura isi ariko amakara yavamwo ntiyari ameze neza. Ni kwo kwiyumvira guhindura nkakoresha ibitiritiri, amakara ahurumbirwa cane na benshi kubw’ubwiza bwayo ».
Mu kiringo c’imyaka 3 KAGE igiye gukora itoni zirenga 13 z’amakara ku munsi ivuye ku biro 40 …
Ntivyari vyoroshe namba kurangura uwo mugambi wiwe w’amakara ata buryo afise, akiri no ku ntebe y’ishure. Agira ati : « Nta ho narimfise na hamwe nkura udufaranga usivye utwo data n’abagenzi vyashika bakandonsa, rimwe na rimwe nkikora no kutwo narintunze i muhira. Kuronka ivyo mpinguramwo amakara, kubihingura no kuronka amasoko cari ikigoye cane kuri jewe kuko nagira kubura umwanya, nkabura n’amafaranga vyose bikambana urudubi. Ariko, ndabifashijwemwo n’abagenzi banje 2 twarinanase turashobora gukora n’iminwe yacu ibiro biri hagati ya 10 na 40 ku munsi vy’amakara ».
Buhorobuhoro KAGE yahavuye itera imbere : « Tumaze kuronka imashini zakorewe ino nyene hamwe n’abakozi 7, umwimbu wahavuye wigwiza 6 eka mbere na 7. Uno munsi turakora ibiro vy’amakara biri hagati ya 300 na 350 ku munsi ». Igitangaje rero iryo shirahamwe ntirinakenera ibirasi vyo kubikamwo ayo makara aba yahinguwe : « Dukora amakara twisunze ibiro abayadutumye bipfuza. Inyuma yo kuyahingura turaheza tukayasohora yose ku giciro c’amafaranga 500 ku kiro. Uno munsi ingo z’i Gitega ari na zo zidushorera ku bwinshi zikoresha n’imiburiburi ibiro 3 vy’amakara yo gutekesha ku munsi ».
Bivanye n’uko urugero rw’abarondera ayo makara ya Kaze Delphin rwateye rwiyongera, n’ivyiyumviro vyiwe vyateye vyaguka : « Ubu twatumyeko hanze imashini nshasha kugira ngo tuduze umwimbu. Mu gihe Bujumbura na Gitega ari vyo bisagara birigita amakara akorwa mu biti ku rugero rwo hejuru mu Burundi, twipfuza kugira ico duhinduye. Tumaze gushinga izo mashini, tugomba guhora duhingura amatoni arenga 13 y’amakara ku munsi : 10 agenewe intara ya Gitega hamwe n’ayandi arenga 3 azohora akorerwa i Bujumbura ».
Si ivyo gusa, indoto za Delphin zigana kure : « Nk’uko ihinguriro Brarudi rizwi cane ku binyobwa rihingura, rikavugangwa mu Burundi buzima eka no hanze, ni kwo n’inzozi z’ishirahamwe KAGE ziri aho yipfuza ko mu kiringo c’imyaka 5 canke 10 iri imbere umurundi wese yoba akoresha amakara akorwa na KAGE. Si amakara gusa, n’abazoba bakenera gukoresha, biogaz, n’ibindi bijanye n’igikoni tuzobatunganiriza. Ngizo indoto zacu ».
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu




