Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Amahinguriro 7 kuri 10 akomakomeye mu Burundi  akorera mu gisagara ca Bujumbura

Si kuri gusa kuba Bujumbura, igisagara giteye mu burengero bw’igihugu c’Uburundi, ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, caragenwe ngo kibe umugwa mukuru w’ubutunzi : ivyigwa vyakozwe na kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika mu kwezi kwa Gitugutu, umwaka wa 2011, vyerekanye honyene ko ibice vyababa 83% vy’igisata c’imbuka biri i Bujumbura…

Urutonde rw’asohowe n’ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro Isteebu (2019), hisunzwe amafaranga yinjiye n’igitigiri c’abakozi bahawe akazi n’amahinguriro, ku mahinguriro 10, aza imbere y’ayandi, 7 akorera mu mazone yo ku mugwa mukuru w’ubutunzi ari yo Ngagara, Buyenzi, na Rohero, nayo 3 asigaye agasangwa muri Muramvya na Rutana. Nguku uko akurikirana uhereye kuyiza imbere y’izindi uja ku yihereza : Brarudi, OTB, Sosumo, Savonor, Azam, Buceco, Minolacs, Afritextile, BTC et Stecol Corporation.

Igisata c’ikigo Isteebu kijejwe ivyigwa n’ugutororokanya ibiharuro ku mahinguriro kiratanga umuco kur’ivyo biharuro : « Ku mahinguriro akorera mu turere dutandukanye, dufata ko zikorera aho ibiro bikuru biri. Arashobora kuba afise inganda, amadandarizo, ubushinguriro bw’ibidandaza, za « laboratoires » ahatandukanye, ariko kenshi usanga ibikorwa nyamukuru vy’iryo hinguriro biba birangurirwa ku biro bikuru. »

Hamwe n’ivyo, nk’uko biri no mu bindi bisata bigize ubuzima bw’igihugu, ivyigwa vyakozwe vyerekana ko abagabo bakorera muri ayo mahinguriro ari bo benshi : ku bakozi 7500 (ica kabiri c’abo bakorera mw’ihinguriro Sosumo), abakenyezi baserukiwe ku bice 7%. Mwokwibuka ko umwimbu w’igisata c’amahinguriro mugihugu ukiri hasi cane : ku mwimbu w’ibice 17% ku mwaka (PIB), hakoreshwa abakozi bangana ibice 2%.

Mu mpera y’umwaka wa 2019, ikigo ISTEEBU camenyesheje ko ku mahinguriro 10 akomakomeye, 5 ari ayahingura ibifungurwa canke ibinyobwa.

Mu mwaka uheze, igihe mu Burundi hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe amahinguriro nyafirika, Olivier Suguru arongoye ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi AIB, yagarutse ku ntambamyi ico gisata gifise. Yagize ati : « Amahinguriro yo mu Burundi afise ingorane nyamukuru yo kubura inyubakwa eka no kutagira abakozi bavyigiye, kuko hari n’abo usanga ivyo bize bidahuye neza n’ivyo baba bakenera hato na hato ».

Hejuru y’ivyo vyose, twomenya ko ibiharuro vyo gusahiriza amahinguriro mu mabanki biri hasi cane muri iki gihe : « Mu myaka ya 1980-90, ico gisata cashigikirwa ku bice 16%, mu gihe igisata c’ubudandaji co cahabwa ibice 40%. Mu ntango y’imyaka ya 2000, igisata c’amahinguriro cari munsi y’igice 1%, mu gihe ic’ubudandaji caduze gishikira ibice 70%. Naho biri uko, uno munsi igisata c’ubudandaji kigenda kirahomba buhorobuhoro amafaranga kironka, amahinguriro akaboneraho, naho agifise nyene ibice biri munsi ya 10% », nk’uko vyagaragaye mu gice kigira kabiri c’Ihuriro ridasanzwe ry’amahinguriro.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi Tuyage ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top