Abitaho ibijanye n’uburumyi n’ubworozi bategerezwa gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo igihugu kironke umwimbu mwiza. Kubera dusanzwe tuzi ko ico gisata gitunze abantu benshi, impande zose zitegerezwa kuvyitaho, gutyo ivyaduka bigabanuke. Biturutse ku mugambi washizweho n’ikigo kijejwe gukinga impanuka zo mu burimyi PARM, hariho ibikorwa vyinshi bizorangugwa mu kugwanya ivyaduka mu burimyi n’ubworozi, canecane kwiga ivyo vyaduka hamwe no kumenya ingaruka ku butunzi bw’igihugu.
Mu nama y’ukungurana ivyiyumviro ku bijanye n’ivyaduka vyibonekeza mu burimyi n’ubworozi yatunganijwe na PARM ifadikanije n’Ubushikiranganji bw’Uburimyi n’Ubworozi mw’ihoteri Kiriri Garden kuri uyu wa 24 Gitugutu 2023, abegwa n’igisata c’uburimyi n’ubworozi barahanye ivyiyumviro k’ukugene ivyaduka bibera mu burimyi n’ubworozi vyokingwa.
Gukorera hamwe n’umushinge w’iterambere ry’umugambi

Uwaserukiye Ubushikiranganji bw’Uburimyi n’Ubworozi amenyesha ko ubushikiranganji aserukira bwafashe ico kibazo mu minwe kandi ko buzokorana n’abashaka gukorera muri ico gisata. Noneho ngo biri mu ntumbero ya Reta y’Uburundi : « Umugambi PARM uje umwanya mwiza kuko ushira imbere poritike ya Reta y’ugutezimbere igihugu biciye muri ya mbonakazoza y’Uburundi y’igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060».
Abari muri iyo nama bararonse akaryo ko gukurikira ivyigwa vyinshi ndetse barahanahana ivyiyumviro vy’ingene uburimyi n’ubworozi vyoterimbere. Bose bahurira ku ciyumviro c’uko iyo ata makuru akwiye atangwa, bituma umwimbu ugabanuka cane.
Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Ndimanya Patrice ati : « Hariho intambwe imaze gushikwako mu bijanye n’Uburimyi n’Ubworozi. Abakora mur’ico gisata benshi baravyigiye kandi cane. Abarimyi borozi batobato bakunda kugira ingorane yo kubura ababaha ingurane abandi nabo bakabura inkuru zitomoye. »
Amashirahamwe amwamwe, amaze kubona ko kubura amakuru ari intambamyi ikomeye cane mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, yaciye yiyumva ingingo zimwezimwe zokworohereza umurimyi. Nico gituma ishirahamwe AUXFIN, risanzwe rifasha abarimyi batobato mu kuronka amakuru biciye muri bwa buhinga bwa none bwitwa TIC, ryashizeho umugambi witwa G50. Ubwo buhinga bwa none bukoreshwa mu guha amakuru abarimyi borozi mu bijanye n’ivyaduka, bugafasha kandi abanyagihugu mu bijanye n’ukwisununura mu vy’ubutunzi.

Léonidas Niyongabo ajejwe ibikorwa muri AUXFIN ati : « Dufise ubuhinga 12 (applications). Mur’ubwo buhinga usangamwo amareresi 565 atanga inkuru ku bijanye n’uburimyi, amagara y’abantu, kwitunganiriza imigambi, ivyo vyose tukabikora kugira ngo abarimyi borozi batobato boroherwe. Iyo bakurikije impanuro ziri muri ayo mareresi, barashobora kugura ifumbire hamwe n’imbuto zirobanuye babicishije mur’ubwo buhinga. »
Ishirahamwe mpuzamakungu OIM rijejwe abimukira ryaramaze gutunganya icirwa ku rwego rw’igihugu aho berekana ibiza bituruka kw’ihindagurika ry’ibihe. Basanze canecane ari imyuzurira, imvura y’isegenya, imiyaga y’ibihuhusi.
Ni ukuzitira tutaronerwa…
Kubwa Denis Daniel Bazirutwabo Ngenzi wo muri OIM, « hamwe atacokorwa mu maguru masha, ibiza birashobora kuzotuma uburimyi busubira inyuma, ivyo navyo bikagira inkurikizi z’uko umwimbu ugabanuka cane. Inyishu z’ugushira imbere ni nk’ugukinga ivyaduka imbere y’uko vyibonekeza, kwerekana neza ubwoko bw’ivyaduka bijanye n’uburimyi bituruka kw’ihindagurika ry’ibihe, gufasha abahuye n’ivyo vyaduka,…bigafasha gukinga ibindi vyaduka ».

Francesca Nugnes, umuhinga mu gukinga ivyaduka muri PARM agira ati : « ni vyiza kumenya ibikoresho wokoresha mu gukinga ivyaduka n’ingene vyokingirwa muri rusangi na cane cane ku vyaduka bikuru bikuru bivanye n’ibikenewe kwitabwaho cane haba ku ruhande rw’abakorera mu gisata c’uburimyi hamwe no ku gihugu muri rusangi ».
Arongera ati : « Kugire ivyo bikorwe navyo harakenerwa kumenya ubwoko bw’icaduka n’icatumye cibonekeza ,kuraba ibikoresho vyokoreshwa hakabaho gufata ingingo zotuma gikingwa ».
Abari mur’urwo ruganda bararabiye hamwe ivyaduka bikunda gushika mu gisata c’uburimyi n’ubworozi kugirango bizoje mu cegeranyo ca PARM ndetse ibikorereko.
Umugambi wa PARM watanguye mu burundi mu kwezi kwa Munyonyo 2022 inyuma yaho reta ibicishije mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi iboneye ubushobozi bafise n’akamaro uzomarira igihugu mu gukinga ivyaduka.
Ihuriro ry’abishinze gutora umuti w’ingorane z’ivyaduka zishikira abarimyi n’aborozi- PARM (Plateforme pour la Gestion des Risques Agricoles) ryatanguye mu 2013 rikaba ritwarwa na FIDA ishirahamwe mpuzamakungu risanzwe riraba ibijanye n’uburimyi, rikorera cane cane mu bihugu vya Afrika y’ubumanuko bwa Sahara harimwo n’Uburundi.




