Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Igituma imyuga ya benshi mu rwaruka isa n’iyizingamye

Kuva kuwa 18 gushika kuwa 20 Munyonyo, mu ntara ya Gitega, ishirahamwe mpuzamakungu SFCG-Burundi, rifashwe mu mugongo n’ikigo USAID, mu mugambi « Tuyage », ryaratunganije ihayanishwagurishwa ry’ivyahinguwe n’urwaruka rurangura imigambi yo kwiteza imbere ku civugo : « Ibitari bimenyerewe mu rwaruka n’abakenyezi mw’iterambere no kunywanisha abarundi. »

Bose hamwe, abari baserukiye intara zitandukanye  zigize igihugu c’Uburundi muri iryo hayanishwagurishwa bashika 90. Umwe wese yari yaserukanye ivyo yahinguye, yakoze canke yacapye. Kabaye akaryo keza kuri SFCG (Search For Common Ground) ko kuronsa urwo rwaruka inyigisho n’impanuro zijanye n’irangurwa ry’imigambi yo kwiteza imbere.

Nk’uko Jerôme Niyonzima yari yaserukiye ishirahamwe SFCG yabishikirije, iryo shirahamwe ryatunganije iryo hayanishwagurishwa, mu ntumbero yo Kwegeraniriza hamwe urwaruka rufise ubuhinga butandukanye kugira ngo ubwa mbere rumenyane, rurahuriranire ubumenyi, ruhane inomero za terefone bamwe n’abandi babone ko batari bonyene kandi ko ivyo bahingura bifise agaciro. Nkako, ababibonye babiguyemwo babisuma.

Zimwe mu ntambamyi bagira

Kubura abafata mu mugongo urwaruka ruriko rurangura imigambi yo kwiteza imbere mu kubamenyekanishiriza ivyo bakora, ni imwe mu nzitizi z’ibikorwa vyabo nk’uko babishikiriza. Dani Kasembe akorera umwuga wo gushushanya, mu ntara ya Rumonge, agira ati : « urwaruka rw’abarundi turashushanya ibintu vyiza kandi vy’ukuri turabishoboye. Ariko rero ikibazo dufise nuko tubura isoko nziza yavyo. Bigira kudutwara umwanya, n’uburyo bw’ibikoresho  twifashisha mu gucapa, abaje kudushorera na bo bagaca baduha amafaranga y’inticantikize

Kubwa Gilbert Irankunda, bikwiye ko abarundi muri rusangi bahimirizwa bakamenya ko hari benewabo bashoboye gukora ibintu vyiza kurusha mbere abatari bake bo mu bindi bihugu. Kuko hari aho baja hanze bakaza bazanye ivyakoreweyo, bakaba ari bo bashorera aho guteza imbere ab’iwabo bakiyumvisha ko bo batobikora neza.

Kubura abagwizatunga batahura ibikorwa vyabo ngo babishigikire, babone kugira inganda zikomeye ku buryo n’abo mu bindi bihugu bamenya intara izo nganda  ziherereyemwo, gutyo ababikeneye bashike kubashorera, niyo ngo ni intambamyi idasanzwe.

Si ivyo gusa, ngo hari aho usanga urwaruka rufise imigambi  irashe ariko kugira ngo bashikire inyungu bigafata igihe kirekire kandi wagomba bafise n’ababitura benshi ariko bakabura ivyo babaha bivanye n’uko bafise umutahe muto.

Kuki batitura ibanki yabo ku bwinshi?

Zimwe mu mvo urwaruka rwashikirije zituma urwaruka rutitura ibanki BIJE “Banque d’Investissement pour les Jeunes” ku bwinshi, ngo nuko iyo hageze ko rujana imigambi yarwo iyo banki iguma iyisubiza inyuma ngo ntikwije ibisabwa kandi batavyigishijwe. Si ivyo gusa ngo iri kure y’intara zimwezimwe. Bagasaba gusigurirwa neza ibikenewe kandi banayibegereze.

Godeberthe Ndayisenga, icegera c’uwurongiye ibanki BIJE, ati:«Benshi mu rwaruka usanga aho kwiyumvira neza imigambi irashe borangura, bakoporora iy’abandi. Mu bisanzwe bisabwa ko bandika imigambi yagutse, itagana guteza imbere bo n’abo gusa ariko uwushobora kugirira akamaro bo, ababo, umutumba n’igihugu. Imigambi ironswa ingurane n’imigambi bigaragara ko itazohomba kuko amafaranga atangwa atari ingabire. Ni ayazosubizwa n’inyungu y’ibice 7% hejuru. kugira ngo uronswe ingurane muri BIJE, urasabwa kwuguruza ikonti muri iyo banki

Godeberthe Ndayisenga, icegera c’uwurongiye ibanki BIJE

Si  urwaruka rwose rwatahuye agaciro k’imigambi yo kwiteza imbere

« Nubwo hari urwaruka rwatahuye akamaro ko kwikorera ibikorwa vyoruteza imbere, haracariho abandi baheza amashure bakaguma  bahanze amaso  Reta kandi itagishoboye kubaronsa ubuzi bose ». Umuhanuzi wa buramatari w’intara ya Gitega ajejwe ivy’ubutunzi akeburira bene urwo rwaruka kwigira ku bandi ngo bikangure,  bahatorere icigwa na bo bakure amaboko mu mpuzu kugira ngo bahamvye abandi mu kugwiza umwimbu no gutsimbataza umubano mwiza.

Jerôme akaba yaciye atera intege urwaruka rwamaze gutahura akamaro k’amakoperative, aho yagize ati : « Murahore muzirikana ko ishiga rimwe ryarika ariko ridacumba, nyamwigendako atarimira impeshi kandi ko inyakamwe inyaga imwe ».

Tubamenyeshe ko umwe wese mu rwaruka rwari rwitavye iryo hayanishwagurishwa yasubiye inyuma amenyanye na mugenzi we, azi intara avamwo, n’ingene bazokorana mu ntumbero yo gushigikirana no kurushirizaho kwungurana ivyiyumviro mu myuga bakora. Mu kworosha ivyo bikorwa, SFCG yaciye yugurura umuhora urwo rwaruka ruzohora ruyagiramwo ivy’imigambi yarwo yo kwiteza imbere.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu    

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top