« Iyo utanguye gutera imbere ukiri muto, haba hamaze kuza abandi bagusumba bashaka kubitwara… ». Mu ntahe ashinga, uyu musore w’umunyamigambi aherutse kurenganurwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, agira ati : « Ivyanshikiye hari n’abandi benshi vyoba bimaze gushikira bakabura aho bitura. Abacamanza ni bikebuke ».
Umwidondoro wawe, n’ivyo ukora
Nitwa Ndayihimbaze Isaïe. Mfise imyaka 32. Mvuka mu Gasekebuye muri komine Muha mu gisagara ca Bujumbura. Ndongoye ishirahamwe Maison Isan, uruganda rukora ibikoresho vyo kugira isuku (produits d’hygiène) n’amavuta yo kwisiga (produits cosmétiques) ruri inyuma y’isoko yo kwa Siyoni mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bikorwa nkaba nabitanguye nyezina mu 2021.
Ivyo bikorwa bifise akunguko kanini, kuko usivye ko natanga amakori n’amatagisi muri Reta, naragwiza n’umwimbu abaguzi bakaronka ibikoresho vy’isuku, naratanze akazi ku bashika 11. Ntarugara kubera izi ngorane mazemwo iminsi, hari imiryango myinshi yafungura kubera ibi bikorwa.
Mu kiganiro n’umukuru w’igihugu, vyumvikanye ko wari waranyazwe urwo ruganda rwawe. Vyari vyagenze gute ?
Mu bisanzwe ibintu dukoreramwo ntivyoroshe. Kubera ko iyo utanguye gutera imbere ukiri muto, haba hamaze kuza abandi bagusumba bashaka kubitwara. Aha nkorera naje kuhakota hari ikibanza kigaragara, kirimwo ivyatsi vyinshi. Tumaze kugira amasezerano yo gukorana na beneho ndaza ndahatunganya, ndahashira ama mashini, mpejeje baba baranyandikiye ngo bashaka kunyirukana.
Nti biyumviriye iyo nakuye amafaranga, canke agaciro k’ivyo nari mpejeje kwubaka. Bati : « Genda… »
Aho niho intambara yatanguriye. Kugira ngo baronke impamvu yumvikana yo kugira ngo banshire hasi, baciye bahiga ibindi bintu banyagiriza, kugira ngo mbanze ncafure mu bantu, hanyuma bazoronke ukuntu bampenura neza…
Naritwariwe, guhera ku bajenama bo ku mitumba, mu masentare atandukanye, ariko uravye ivyo bintu bariko baragira vyari irementanya kugira banshire hasi. Baragerageje gukora impapuro zitabaho kugira ngo bamfate…
Kuva ryari ?

Ivyo bintu ndabibayemwo umwaka urenga. Vyatanguye muri Kigarama 2023 gushika ubu muri 2025.
Harageze igihe nanje ntangura kwitura amasentare. Mugabo mu kwitura Sentare, jewe si nipfuza kuburana. Ariko ni kumwe ata mahitamwo uba ufise, uvuga uti ntegerezwa kugwana iyo ntambara uko imeze.
Incuro zose nitura sentare, ni jewe natsindwa. Hama no mu gutsindwa kw’iwanje narabona ko ndi mu mukino ugoye. Narabona ko nshobora no kuhagirira ingorane. Kuko hari n’abambwiza ukuri bati : « Ubandanije ubikurikirana tuzokwereka. » Ariko nabandanije kugwana intambara gushika ku munsi wa nyuma…
Ukujuragizwa
Maze kubona ko abakuru b’amasentare bose bariko barampebuza bambwira ngo : « Ntaco urimwo », bakanavuga ko ibintu bimwe noba narabigurishije, Sentare y’ubudandaji yaraciye urubanza rwa mbere (les Mesures provisoires) ruvuga ko bazonsohora inyuma y’ukwezi kumwe, mugabo nta muntu yigera avuga ko bazonsohora ahantu nkorera, n’ivyuma vyose bavuga ngo ni ivy’abandi bantu.
Sentare yaciye imanza zibiri zidasa: rumwe ruvuga ko bonsohora ku mezi 6, urundi ku kwezi 1…
Nanje ndavuga nti: « Ntaco naho ndiko ndarenganywa, reka mpfume ngendera ku vyo banditse ».
Ariko umunsi uri izina, barandondera kuri terefone, bambwira ko bankeneye, ngire ndaza nsanga abajejwe umutekano (police), Sentare, n’abatware, baraheza baransinyisha. Nanje nkurikiza ivyo bantegetse kugira ngo ndahasohoke amahoro.
Ariko mu mutima wanje naguma nshimitse ku co itegeko rivuga, kandi ata buryarya ndimwo. Inyuma y’aho narunguruje urubanza, ariko abakuru b’amasentare baguma bambwira ko bidashoboka, ko badashaka no kunyakira, ndetse badakeneye no kumbona.
Barantera ubwoba, bakambwira ko ata co maze. Maze kubona ko n’uwari afise ijambo rya nyuma ata co ashaka kumfasha, nahisemwo kwitura umukuru w’igihugu, Sebarundi, umucamanza mukuru. Kw’ijambo yavuze, abakoze amakosa bose baciye bikangura barabikosora.
Ni ikihe cigwa uhakuye ?
Entrepreneuriat ni umuhamagaro. Nta muntu n’umwe ayinjiramwo ngo agiye kworoherwa. Intambara nti zihera. Uba uyirimwo, uyivuyemwo canke wimirije kuyijamwo. Turi mu gihugu aho abantu benshi umuzirikanyi wabo utarafatana neza n’urugendo rw’iterambere.
Nti vyoroshe, birasaba kwihangana. Hariho igihe baba bariko barakurenganya, wahaguruka ugire ngo uje kugwana nabo, n’uwubanguranya arabura uwo abanguranya. Jewe icamfashije gutsinda, ni inyifato nagize.
Nohanura urwaruka, ni rutohoze amakuru neza rumenye ivyo rurimwo. Utanguye igikorwa ntugende ngo wijajare. Umenye ko Satani ariko arakora. Urwaruka, aho kwigira ko rushoboye rwohanuza rukamenya ingene rwokwifata gushika rutsinze.
Inzira z’Imana ?
Kuntumira muri kirya kiganiro c’Umukuru w’igihugu, Imana niyo yabibayemwo. Kuko urya munsi nyene hari hariho umugambi w’uko abakuru b’amasentare baza kugira ngo babisenyure, vyitwe ko ata n’ivyigeze bibaho. Bari bamaze kuzana n’ibindi ngo bace bashingaho. Rero kuba vyarahuriranye mbona ko habaye Imana.
Ndashimiye Imana yo yangiriye neza. Ndashimiye n’umukuru w’igihugu yandenganuye, ndamukunda cane.
Nta bwoba ufise ko umutekano wawe wozohava ubangamirwa?
Nta bwoba na bukeya mfise, kuko twese turiko tugwana intambara kandi dutegerezwa gutsinda. Abafise ivyiyumviro vyabo nibaza ko bazokizwa, atari ukwo naho bazohanwa. Ubuheze naje ngaha umunsi baza kuhadushikiriza, imoto yanje nayitwaye bayikase amapine. Ariko ivyo nta co bitwaye. Tuzogwana iyo ntambara, gushika umunsi tuzobona igihugu cacu ari ciza.
Jewe nategerezwa kuba nahejeje kuriha ingurane ya PAEEJ y’imiriyoni 60 biciye mw’ibanki BBCI. Kandi ku bikoresho nari nashizeho, mba narahejeje kuyiriha kera.
Ni iyihe mpanuro uhaye abacamanza bakurenganije ?
Abacamanza bamenye neza ko intambara zose ziba muri iki gihugu, ziterwa n’ubutungane butameze neza…
Ni bumve neza ko harya hantu bicaye bategerezwa kuba abantu b’abagabo, bakarya bike bakaryama kare, bagatunganiriza abantu bose.
None nk’ubu umuntu atagira ikimuvugira nawe abayeho gute? Abacamanza ndabahanuye. Ni bavuge ukuri, kandi banarabe inyungu rusangi, bareke kurenganya abantu.
Maze umwaka n’inusu ndi umukene. Ibanga ntigeze nshira ku mugaragaro ni ukwo nasohotse hano hantu, ngenda gukorera mu cumba iwanje. Nagiye mu nzu kwa Data ntangura gukorerayo amasabuni, ari kugira ngo abakiriya banje bagume bamerewe neza. Narabayeho nabi, ndakena kandi narubatse, narabize icuya, narahaye akazi abantu. None koko iyo niyo mpembo woha umuntu yakoze ?




