Ibihe vyarahindutse. Aho ha mbere umukenyezi yarazwa ishinga n’ugushira inkono ku ziko gusa. Turi muri kanyosha Rural iri mu ntara ya Bujumbura Rural no muri Butaganzwa yo mu ntara ya Kayanza, aho dusanga abakenyezi, n’abana mu mugongo, ibisate vy’inkwi ku mutwe, bagenda umwe umwe, bakura ibibazo biri mu makomine yabo. Ubuhabara, ukwahukana, ugufatanana ku nguvu, bikaba ari vyo biza kw’isonga. Donavine, Godeberte na Seconde, ntibareze amaboko imbere y’ico kiza. Abo ni abavuzwe.
˃ Domitille, ntiyerekwa abagabo b’ibitabanga
˃ Dushirehamwe :Abakenyezi bo muri Kanyosha ya Rirare bahagurukira ibibazo bibahanze
˃ Seconde Sindihebura, umuti uvura biciye mu gutwenga
˃ Donavine, umukiza w’abapfakazi bo muri Kanyosha ya Rirare
˃ Godeberte Sindayigaya, indongozi ibushitse
˃ Abakenyezi ntagereranywa b’i Butaganzwa
Ikinyamakuru Jimbere caragiriraniye ikiganiro n’izo mboneza z’iriko ziratsimbataza amahoro mu Burundi kandi zifashwe mu mugongo n’ishirahamwe Search For Common Ground.




