Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Seconde Sindihebura, umuti uvura biciye mu gutwenga

Ubushurashuzi, inda z’indaro, amabi afatiye ku gitsina, ubuhabara, ni bimwe mu bizira bidatinya kugera umutwe ikomine ya Butaganzwa. Naho biri uko, Seconde aripfuza kubigwanya abicishije mu gukinira ivyese aho aherereye. Tubikesha uwo mukenyezi asanzwe ari umwigisha afise urupapuro rw’umutsindo bita D7 akongera akaba n’umukinyi w’ivyese.

Ni nde yavuze ko amajambo atogira ububasha ku bitagenda neza ?« Ikebuke » ni ryo zina yise umukino w’icese wari wakiniwe mu gasagara bita Bwiza (aho ni mu Kayanza). Seconde Sindihebura asanzwe yacaguwe n’ishirahamwe REJA, yahavuye ahabwa akaryo ko gukinira imbere y’isinzi ry’urwaruka ruhurikiye mu mihari ya katorika (MAC) kugira ngo abigishe biciye mu gikino c’icese kibahuza.

Iyo mpano yo gukina yari ayifise kuva akiri ku ntebe y’ishure. Ariko arakina ishengero ryadukira rimwe rigatwenga kubw’umunezero. Aho rero rikaba rironkeyemwo inyigisho, uwo ari we wese biciye mw’ico gikino, akibona nk’uwiraba mu kiyo. Abavugwa mu gikino usanga ari abantu bamenyerewe eka n’abakinyi usanga ari abazwi cane.

Umuyobozi w’ishure shingiro rya Songa agira ati : « Ntivyoroshe na gato kuvugira hejuru ibivugirwa mu bwongoshwa mu kibano na canecane ari nk’ingeso mbi ziri hagati mu rwaruka rugifise amaraso ashushe canke abarenga ibigo. Ariko umuntu arashobora kuva mu gacerere agatabaza ivyari mu ntwitwi bikaja ahabona, gutyo imigenzo myiza ikagarukirwa ». Igikino ikebuke gitanga umwisanzuro wo kuvuga ibisanzwe bitavugwa eka no ku bidakunda kuvugwa cane biza gutosekaza ikomine ya Butaganzwa. Si umukino w’icese wa mbere Seconde yarakinye. Agira ati : « Nabonye ko bibereye ko nama nkoresha imvugo yoroshe kugira ntihagire abo ntsitaza. Vyinshi mu bibazo nkunda kubariza imbere y’abarorerezi biva mu bintu abantu bafata nk’ibitavugirwa ku mugaragaro mu kibano : Inyigisho ku bijanye n’imibonano mpuzabitsina, ihohoterwa ribera mu ngo, uguheba amashure biturutse ku mbanyi zitwarwa bitipfujwe ». 

Uwo mu kinyi yataguye kwimenyerereza ku dukino dutotuto (Sketchs), mu nyuma ahava ahabwa inyigisho n’amashirahamwe nka « Terre des Hommes » na « Menya umenyeshe » imbere y’ugutangura igikorwa ciwe nyezina yisunze umugambi w’ishirahamwe wishinze guteza imbere abakenyezi b’imboneza ryatangujwe na SFCG ; nakare yarasanzwe ari imboneza. Ni umwe mu bagize komite ijejwe gukingira abana ku mutumba iwabo.

« Urwaruka rwishinga gutwarwa n’ubushuhe bw’imyaka yarwo ntirwibaze ku ngaruka bishobora kurukwegera. Baja kubibona haciye iminsi, bisanze bireranye abana, birukanywe kw’ishure canke naho bahanganye n’ingaruka zo gukorora inda aho usanga n’ikibano kihahombeye kubw’uburyo buhahonera eka n’imigenzo yacu myiza igatituka ».

Mu kurangiza agira ati : « Inzira yanje y’ ugutanga inyigisho ndabicishije mu vyese irahita neza kandi nzohora ndayisunga mu ntumbero yo kurondera umuti, ibiganiro, eka n’ugukwiragiza ivyiza vy’ukuba imboneza muri komine yanje ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top