Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Dushirehamwe :Abakenyezi bo muri Kanyosha ya Rirare bahagurukira ibibazo bibahanze

Inyuma y’amezi 12 aheze batanguye umugambi w’uburongozi bwiza bw’abakenyezi, Kanyosha yisanze irimwo abakenyezi b’imboneza bashobora guhangana n’ingorane ziziziye ikibano cabo. Ni amakuru mwatohorejwe.

Kanyosha ni ikomine iri mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, ihana urubibe n’umurwa mukuru w’ubutunzi, aho naho rero abantu bakaba bahagirira akarusho ko kuronka ubuzi vyoroshe. Naho biri uko, n’ukwandukizwa imico mibi yaho biroroha, nk’uko vyemezwa na bamwe mu benegihugu bahaba. Umwe mu bari bitavye ikiganiro cari categuwe kikongera kikaremeshwa n’amashishirahamwe Dushirehamwe na CPAJ, agira ati : « Abagabo bakunda kwifatanira n’abandi bagore i Bujumbura ». uguhohoterwa, ukwahukana, uguharikwa, abagabo bihariza ubutunzi bw’umuryango ni zo ngorane nyamukuru zihanze ako karere. Imboneza zari zimaze guhabwa inyigisho ziritanga ubutiziganya kugira zirabe ko zogabanya iyo ngeso.

Abakenyezi b’abanywanyi b’ishirahamwe Dushirehamwe, mu gateka kabo bahindutse abigisha abandi amahoro. Umukuru w’umutumba mu ntahe yashinze, yarerekanye ko yishimira ibikorwa vyiza bikorwa n’imboneza zo mu Kanyosha. Agira ati :« Narakurikiranye ikibazo c’abagabo bafashwe nabi mu ngo ». N’abagabo barabashigikiye muri urwo rugamba. Hari uwari yitavye ico kiganiro yagize ati : « Narahanuye ndabikuye ku mutima umugenzi kurongora babanje kwandikwa mu bitabo vy’imibano, kandi niko vyagenze ».  

Abakenyezi bo mu Kanyosha bararwanya ikumirwa. Ku bwa Béatrice Hakizimana, ngo birakwiye ko boza baratorera umuti ingorane icaduka: « Mu rugo iwanje, baba abahungu canke abakobwa bose ndabagabanganya ibikorwa vyo gukora. Vyaraheze bimwe vya kera vyuko boguma ku mabarabara batera inkuru ngo nuko ari abahungu mu gihe abakobwa bo baba batetse».

N’ubwo bafise ishaka rizira agahonzi, abari bitabiriye ikiganiro, imboneza zishasha zari zimaze gukarihirizwa ubwenge, ngo baracafise ingorane mu bijanye no kurangura igikorwa biyemeje, maze ivyo ngo bikava ku kudakorana neza hagati yabo, hamwe no kutubahiriza isango baba basezeranye. Ivyo navyo rero bikaba bituma batavugwa neza iwabo.  

Mu ntumbero yo gushira inguvu hamwe kugira ngo bashigikire umugambi wabo rusangi, izo mboneza zigiheza kwigishwa zaciye ziha ihangiro ryo gukora ibarabara riva kuri RN7 ryerekeza kw’ikomine Kanyosha mu gutsimbataza amahoro. Ivyo bikorwa bikaba bidategerezwa gutwara uburyo burenga amafaranga y’amarundi 1.65 0.000Fbu.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top