Godeberte Sindayigaya, imboneza akaba anarongoye ishirahamwe Gir’umwete, aboneka neza kubw’ibikorwa bw’iryo shirahamwe ryamaze kwishiriraho ihangiro ryo : « Kunywanisha abantu bari mu matati no gufashanya hagati y’abanywanyi b’iryo shirahamwe ».
I Butanganzwa, ntibarinda ku muranga. Azwi na bose (urwaruka n’abana bato). Ivyo bigatuma aba umukenyezi abushitse. Ni mu buryo azi gutunganya ibintu neza kandi akaba ari n’imboneza yabunyoye.
I Buraniro, bari biteze guhura n’umukenyezi y’itereye mu myaka (mu minsi arakwiza imyaka 50, umukenyezi wo mu mitumba). Igihe yarenguka yiyambariye umwambaro w’igitenge, twasanze ari umukenyezi w’inryamunyu. Godeberte, w’imyaka 49, ni indongozi y’abantu 6 akaba anaserukira ishirahamwe Gir’umwete. Godeberte agira ati :« Maze ku bona ko mu kibano ndimwo abakenyezi bahura n’ingorane z’ubwoko bubiri : ubukene hamwe n’ukutumvikana, naciye mbona ko ibintu bikwiye guhinduka, ni kwo gushiraho umugambi wo kuziganya w’amahera makeyi no kugurana abayakeneye cane kurusha abandi « .
« Gode » mu bikorwa vyiwe
Ubukene nk’intandaro y’ukutavuga rumwe mu miryango hamwe n’ukutumvikana mu kibano, umuryango wa Ntahizaniye warabubayemwo.
Urugo rwa Ntahizaniye-Nkurikiye ntirwahuriza ku kungene rukoresha ubutunzi bw’umuryango. Gushika aho umugabo afata ingingo yo kugurisha inka atagishije inama umukenyezi wiwe Nkurikiye.
« Umugabo yagiriza umugore wiwe ko aja mu bandi bagabo, mu gihe umugore we yagiriza umugabo wiwe ko asesagura ubutunzi bw’umuryango. Bari baramaze kwemeranya kutongera no kuryamana ». Ni vyo umugore yibuka
Bari bageze aho batoreranira imbugita, ni ukuvuga ko bari bageze aho barangiza ivy’umubano wabo naho bari bamaranye imyaka 30. Niho « Gode » yahaseruka, umuhuza yabunyoye, yarumvirije umwe wese ivyo yigana hanyuma atora inkomoko y’ukwo kutumvikana, ababanyi b’urwo rugo rwa Ntahizaniye ni bo babishingira intahe.
Bukuru, umunywanyi w’ishirahamwe Gir’umwete, agira ati : « Si nigera niyumvisha ko umugore ashobora kuba imboneza imbere yuko mpura na Godeberte. Jewe niyumva ko nciye ubwenge cane, ariko yanyeretse inzira yo gutorera inyishu mu mahoro ibibazo vyo mu kibano ».
Umunega wa Nkurikiye ntavuga ibitandukanye n’ivyo. Agira ati :« Godeberte arafise ubuhinga yisangije bwo kunywanisha abantu bari mu matati. Ndibuka ukuntu nterekwa impanuro z’abagenzi banje, ariko igihe « Gode » yaza, yarampaye umuco. Ubu urugo rwacu ni akaroruhore ».
Batatura amatati bongera bafashanya
Amaze kubona ko intandaro y’ingorane ziri mu miryango myinshi ari ubukene, Godeberte yaciye atangunza umugambi wo kugarukira ba ntahonikora.
Umunywanyi wese w’ishirahamwe atanga amafaranga y’amarundi angana n’2000 Fbu kandi ayo mafaranga aca ahabwa umuntu abayabaye gusumvya abandi kugira ashobore kwitanguriza umugambi muto woshobora kumufasha mu kwiteza imbere ; aha twovuga nko : kworora, kudandanda, n’ibindi.
Nkurikiye amenyesha ko ataraja mw’ishirahamwe yama arindiriye ko umugabo ariwe azana ibitunga umuryango, ariko amaze kuronka amafaranga y’amarundi angana n’20.000 aguranywe n’abagenziwe yaciye nawe aja mu vyo kudandaza ivyamwa n’imboga. Agira ati : « Ubu ndunganira muri vyankenerwa vyo mu muryango, kandi n’abana bari kw’ishure ».
Mu gihe asigaje amezi make ngo akwize imyaka 50 y’amavuka, iyo mboneza yo ku mutumba Musema ikibano cose cikugura, igira ati : « Kuba imboneza si ikintu wiga mu mwanya muto. Ahubwo ni ivyo tubamwo mu buzima bwa minsi yose. Ni ibiva mu ndero tuba twaragiye turaronka kuva tukiri bato ».




