Muri RDC, kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga indege yo mu bwoko bwa Antonov 28 niho yava ku kibuga c’indege c’ahitwa Kavumu ija i Kasese mu ntara ya Maniema isaha indwi z’umutaga yarazimiye. Iyo ndege ntiyigeze ishika aho yaja nk’uko bimenyeshwa n’ikinyamakuru Okapi co muri Congo iharanira intwaro rusangi. Iyo ndege ngo yari itwaye ibidandazwa kandi ikaba yari ireruye abantu batatatu : uwuyiyonga, icababa ciwe be n’uwujejwe kuraba imizigo. https://bit.ly/3LzM2S4
Muri Uganda, ubushikiranganji bujejwe ivyo gutumatumanako amakuru bwamenyesheje itariki 11 Nyakanga 2022 abateguye isabukuru Nyege Nyege ryabaye kuva itariki 15 gushika 18 Nyakanga ko kizira kuhagirira imibonano mpuzabitsina, kuhanywera ibiyayuramutwe, buranasaba abana badakwije imyaka cumi n’umunanai kutegera ahategerezwa kubera ivyo birori. Bene kubitunganya bavyita ivyo guhayagiza umuziki wo kw’isi yose. Ivyo ntivyabujije ko bamwe mu bari muri ivyo birori batamba ingoma z’Uburundi bambaye ubusa, ibitanezereje ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo imico mu Burundi bwiyamirije izo ntambo zititura umuco w’igihugu hamwe n’ingoma. https://bit.ly/3UsCfB5
Muri Tanzania, abaranguzi b’ibigori birimwa muri ico gihugu bategerezwa kwandikisha amashirahawe yabo yose i Dar Es Salam ku murwa mukuru w’ico gihugu kugira baronke uburenganzira bwo kurangurirayo ico giterwa. Intumbero ikaba ari ugukingira ivyimburwa vyaco hamwe n’ubuzi kuko ayo mashirahamwe usanga kenshi akorera hanze y’ico gihugu. Iyo ngingo ikaba izogira ingaruka nini ku bihugu vyakarere nka Kenya bisanzwe birangurira ibigori muri Tanzania kugira bisahirize umwimbu wavyo. https://bit.ly/3DIavCO
Igihugu ca Uganda cararishe kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo imiriyoni 65 z’amadorari nk’indishi y’akababaro ijanye n’iterwa ry’ico gihugu haraheze imyaka 20. Ivyo vyashikirijwe na Rose Mutombo, umushikiranganji w’ubutungane wa Uganda. Intumbero ikaba ari ukwubahiriza ingingo ya sentare mpuzamakungu y’ubutungane yo muri Ruhuhuma uno mwaka. Aho iyo sentare yategeka Uganda kuriha Congo imiriyoni 225 z’amadorari ku bantu batakaje ubuzima muri iyo ntambara, imiriyoni 60 z’amadorari ku busuma bwahabereye, imiriyoni 40 ku busuma be no gucukura ubutare bwa Congo bidakurikije amategeko hamwe n’imiriyoni 40 zijanye n’ivyasambuwe muri iyo ntambara. https://bit.ly/3S5HFR8




