Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Hayazwe amaki mu karere mu ndwi iheze ?

Muri Uganda, inkino zo gutigira ziragisibije mu rwaruka, Tanzaniya yipfuza kurwiza umwimbu w’ibishorerwa mu Bwongereza, uruganda rwa mbere rutunganya urumogi rwaratanguye kwubakwa mu Rwanda, nayo muri Sudani y’epfo, ivyigwa vyarahagaritswe kubera ubushuhe bwinshi… ido n’ido ry’amakuru yavuzwe cane mu bihugu vyo mu karere k’Afurika y’Ubuseruko

Kagame na Tshisekedi boba bagiye guhurira ku meza y’ibiganiro, naho Urwanda ruheruka kwitwarirwa na RDC.

Inyuma y’umubonano hagati y’Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Kagame Paul, na Joao Lourenço, Umukuru w’igihugu akongera akaba umuhuza mu muryango w’ubumwe bw’Afrika, kuri uyu wa 11/03/2024, Téte António, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire, yamenyesheje ko Kagame Paul yemeye kwitaba umubonano womuhuza na mugenzi we w’igihugu ca RDC, Félix Antoine Tshisekedi.

Ku rubuga X, rwahoze rwitwa Twitter, ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Urwanda, vyamenyesheje ko abakuru b’ibihugu vyompi, Angola n’Urwanda, bemeranije ko hofatwa ingingo zotuma hatorwa umuti ku kibazo c’umutekano kiri mu buseruko bwa RDC, na cane cane habanjwe kwirwa inyanduruko yaco.

Nkuko vyandikwa n’urubuga rw’insamirizi y’Abafaransa RFI, abegereye Umukuru w’igihugu ca RDC, bavuga ko Félix Tshisekedi ku ruhande rw’iwe yiteguye kwitabira ivyo biganiro, mugabo harinze gufatwa ingingo zo gukura abasirikare b’Urwanda hamwe n’umugwi M23, ku butaka bwa RDC.

Ivyo biri uko, mu gihe mu kwezi kwa Ruhuhuma guheze, i Addis Abeba, mu gihugu ca Ethiopia, Kagame na Tshisekedi vyanse ko bicara hamwe ngo baganire, inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bw’Afrika.

Hagati yaho, Urwanda ruheruka kwitwarirwa ku ncuro ya kabiri, na RDC muri sentare y’umuryango w’akarere k’Afrika y’Ubuseruko, cagirizwa kuba kimaze imyaka irenga 25 kivogera igihugu kibanyi ca RDC, ndetse gikora n’ibikorwa vy’ubugizi bwanabi butagira izina. Vyandikwa na The East African.

Uganda : inkino zo gutigira ziragisibije mu rwaruka, bamwe barahevye amashure

Kuri kaminuza y’i Makerere, abanyeshure barenga 1.000 ku mwaka nibo bimaze kumenyekana ko baheba ishure bivuye ku mikino yo gutigira. Benshi muri bo bakaba batakaza amafaranga menshi muri iyo mikino, bigatuma uburyo borishe amashure buhatakarira, nkuko vyashikirijwe n’icegera c’uwurongoye iyo kaminuza, hari kuri uyu wa 12/03/2024.

Uyo asanzwe ari n’umwigisha kuri iyo kaminuza avuga ko abanyeshure benshi bahabwa uburyo n’abavyeyi babo kugira barihe ishure n’ivyankenerwa, ariko bagaca baja kuyashira mu nkino zo gutigira. Umwe mu banyeshure yaganiriye n’ikinyamakuru The Monitor, avuga ko yatanguye gukina inkino z’akamari no gutigira mu 2020, akaba yabihevye mu 2023, inyuma yo gutakaza amafaranga aharurwa mu miriyoni y’amashiringi.

Bamwe mu baserukira abandi banyeshure mu ma kaminuza atandukanye, bavuga ko bimaze kugaragara ko inkino zo gutigira zitwara umutima urwaruka rutari ruke, ariko bagahamagarira bagenzi babo ko bofata inkino zo gutigira nk’izindi nkino zisanzwe, maze bakirinda gusesagura mu kuzijamwo.

Tanzaniya yipfuza kurwiza umwimbu w’ibishorerwa mu Bwongereza

Intumbero niyo gushika ku buryo bugera ku muriyaridi w’amafaranga y’abongereza yinjira ku mwaka biciye ku bidandazwa bishorwa mu gihugu c’Ubwongereza, mu gihe kugeza ubu ubwo buryo bugera ku miriyoni 200 y’amafaranga y’abongereza.

Kubw’ivyo, Tanzaniya iriko itegura inama izoba kw’igenekerezo rya 28/03/2024, ikaba izohuza aberwa n’igisata co guteza imbere ubutunzi, kugira ngo barabire hamwe ingene iyo ntego yoshikwako, nkuko bivugwa n’umuserukizi w’igihugu ca Tanzaniya mu Bwongereza. Hambavu y’ivyo, ngo Reta ya Tanzaniya iriko irakora ukwo ishoboye, kugira ngo ibidandazwa vyo muri ico gihugu, vyame bija ahabona mu mahanisha gurisha mpuzamakungu, ndetse n’indege za « Air Tanzania » zemererwe gukorera ku butaka bw’Ubwongereza imbere yuko umwaka w’i 2024 uhera. Tubikesha The Citizen.

Kenya : inyuma yo gushurashuza ku nguvu umukecuru w’imyaka 92, yaciriwe gupfungwa imyaka 15

Uyo ni umugabo aba mu gisagara ca Kisumu, yaciriwe na sentare nkuru y’ico gihugu, inyuma yo kwagirwa n’ivyaha bijanye no gufata ku nguvu, hamwe n’ugushaka gukora ibikorwa vy’ibiterasoni. Ivyo uyo mugabo yagirizwa akaba yabikoze mu kwezi kwa nyakanga 2023.

Umukuru wa sentare avuga ko ivyabona bigera kuri 7 ari vyo vyagirije ubwo bubisha, uyo mugabo. Si ivyo gusa, n’ibipimo simusiga (ADN) bikaba vyaragaragaje ko uyo mugabo yakoze ico caha co gufata ku nguvu uyo mukecuru. Nyene kwagirizwa ico caha akaba afise imisi 14 guhera ku wa 15/03/2023, kugira yunguruze urubanza, nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru The Citizen.

Rwanda : uruganda rwa mbere rutunganya urumogi rwaratanguye kwubakwa

Mu karere ka Musanze, ni ho hatangujwe imirimo yo kwubaka uruganda ruzoza rukora imirimo yo guhingura no gutunganya urumogi, vyose bikorewe mu Rwanda ku mpamvu z’ubuvuzi.

Mu mwaka w’i 2021, niho hasohotse itegeko  ryerekeye ivy’ituganywa ry’urumogi, n’ibikomoka kuri rwo mu Rwanda. Rigena ibigo n’ahandi hantu hakorerwa ibikorwa bijanye no kurima, gutunganya, gukwirakwiza no gukoresha urumogi n’ibirukomokako, itangwa ry’uburenganzira bwo kubikora n’amabwirizwa y’umutekano yo kubahiriza.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe avuga ko ikigo cya KKOG Rwanda Ltd catanguye imirimo yo kwubaka uruganda ruzoza rutunganya urumogi ruri ku buringanire bwa hegitari zitanu. Vyitezwe ko ruzuzura imbere yuko uno mwaka w’i 2024 uhera. Bitegakanijwe ko ibicuruzwa uru ruganda ruzoza rukora mu rumogi bizohora bijanwa kw’isoko mpuzamakungu, aho kugurishwa mu gihugu.

Iki kigo ca KKOG Rwanda Ltd ni ishami rya King Kong Organics Global, ikigo c’ubudandaji mu bijanye no kurima no gutunganya urumogi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Muri Afurika gikorera mu bindi bihugu birimwo Zimbabwe, aho gifise uruganda rutunganya urumogi ruri ku buringanire bwa hegitari 1.000 mu gace ka Msasa. Rwatanguye ibikorwa mu 2022. Gikorera kandi muri Malawi, Lesotho, Sierra Leone, Uganda, Tanzania na Afurika y’Epfo.

Mu 2023, urwego rw’igihugu rujejwe iterambere, RDB, rwagaragaje ko rutegekanya gushishikariza abantu gushiramwo imitahe mu rudandazwa rugezweho rw’urumogi, aho rukeneye n’imiburiburi umutahe ugera mu miriyaridi 19 z’amafaranga y’u Rwanda.

Ibiharuro vyerekana ko ku rwego rw’isi, umusaruro w’urumogi witezwe kuba munini, aho uzoja winjiza n’imiburiburi imiriyaridi ibihumbi 197,7 z’amadorari mu 2028, avuye kuri miriyaridi 28,3 mu 2021.

Muri raporo yayo, urwego RDB ruvuga ko “ivyo bigaragaza ko ari amahirwe akomeye u Rwanda rushobora kuvyaza umusaruro.”

Urumogi rwagaragajwe ko rushobora gufasha mw’ikorwa ry’imiti yifashishwa kwa muganga, rugakoreshwa mu nganda, amavuta ndetse n’ibiribwa muri rusange.

Urwego RDB rwerekana ko urumogi ruri mu biterwa vyunguka cane kubera ko n’imiburiburi kuri hegitari imwe hashobora kuva umusaruro w’ibifise agaciro ka miriyoni 10 z’amadorari. Bitegekanijwe ko amasoko akomeye ashobora gushorwamwo urumogi rwo mu Rwanda, nko muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, Canada no mu Burayi.

Sudani y’epfo : ivyigwa vyahagaritswe kubera ubushuhe bwinshi

Mw’itangazo Reta ya Sudani y’epfo yasohoye kuri uyu 16/03/2024, rimenyesha ko ivyigwa vyohagarikwa mu gihugu cose, mu kiringo c’indwi zibiri. Iyo ngingo ikaba yafashwe inyuma yaho hibonekeje ibipimo vy’ubushuhe bigera hafi kuri 45°C, bikavurwa ko bimaze gutuma bamwe bahasiga ubuzima.

Ivyo biri uko, mu gihe igihugu ca Sudani y’epfo kizwi nkigikunda gukarirwa n’ubushuhe, aho ahanini biva kw’ihindagurika ry’ibihe ritumwa n’ubugararwa buhibonekeza, kuko ata biti canke amashamba ahari. Vyandikwa na Africa News.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top