Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

RDC igiye gushora ubutare muri Angola biciye mu nzira y’itereni

Muri Uganda : « Rolex » yaduze igiciro. Imodokari 3 zarahiye ziratokombera mw’isanganya ry’umuriro mu Rwanda. Muri Kenya, abantu 6 barahitanywe n’imyiyerekano yo kwiyamiriza iduga ry’amatagisi. Nayo RDC igiye gushora ubutare muri Angola biciye ku nzira ya gari ya moshi. Ni amakuru yaranze ibihugu vya EAC mu ndwi irangiye yo kuva ku wa 10 gushika ku wa 16 Mukakaro 2023

Iyo nzira ikaba izohuza ibisagara vya Lobito muri Angola na Kolwezi muri Reta iharanira Demokarasi ya Kongo, ahasanzwe hacukurwa na cane cane ubutare bwa « cuivre ». Amafaranga yababa imiriyoni 555 y’amadorare y’amerika akaba ariyo akenewe kugira ngo uyo mugambi wo gusubiramwo inzira y’itereni y’ibirometero 1.700 (yari yubatswe n’abongereza haraheze imyaka 100) ushobore kuja mu ngiro.

Ivyo ngo bizotuma ikiringo co kwunguruza ibidandazwa hagati y’ivyo bisagara vyompi kigabanuka gushika musi y’amasaha 36 ndetse amatereni agera kuri 6 akaba ariyo yitezwe ko azoza araca muri iyo nzira ku musi ku musi. Igice c’amafaranga akenewe, kikaba kizotangwa n’ishirahamwe IDFC, ryegukira Reta Zunze Ubumwe z’Amerika (USA).

Ubufasha nkubwo bwa USA bukaba buje inyuma yaho hamaze kwibonekeza ugushaka kwurwanira kwimba ubutare muri RDC (mu gihe kiri mu bihugu vya mbere birimwo « cuivre » na « cobalt » nkenerwa mu guhingura ivyuma bigezweho) hagati ya USA n’igihugu ca RDC. Hambavu y’ivyo, bisa nkibibaye impinduka idasanzwe mu bijanye n’imigenderanire, mu gihe Reta ya Angola ifataniye ubucuti budasanzwe n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa (mu bijanye n’ugucukura igitoro), ibihugu bidacana uwaka na Reta Zunze Ubumwe z’Amerika nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Jeune Afrique

Uganda : « Rolex » yaduze igiciro

Iyahora igurwa amafaranga 500 y’amaganda, ubu isigaye igurwa ayagera ku 1.000. Abaguzi bidoga ko hambavu yuko yazimvye, n’uburinganire bwayo bwagabanutse. « Rolex » ni kiribwa gikozwe mu mw’ifarini, amagi n’amavuta, kikaba gikunzwe cane mu gihugu ca Uganda. Ku murwa mukuru Kampala, amazu ateka ico gifungurwa akaba ari menshi cane, ku buryo kw’ibarabara ryose mu ma karitiye atandukanye, uhasanga inzu imwe canke zibiri ziteka « Rolex ».

Abadandaza bico kiribwa bavuga iduga ry’ibiciro vy’ifarini n’amavuta, vyavuye ahanini ku ntambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya, vyatumye baduza ico kiribwa kugira ngo ntibakore bahomba. Umufuko w’ifarini ukaba wavuye ku mafaranga ari hagati 5.500 uja ku 7.500 y’amaganda. Naho biruko abadandaza bico kiribwa bavuga ko badategekanya guhagarika kudandaza kuko bizera gushika ubu ko Reta ya Uganda harico izokora mu kugira ibiciro bigabanuke. Vyandikwa na Africa News

Kenya : abantu 6 barahitanywe n’imyiyerekano yo kwiyamiriza iduga ry’amatagisi

Ivyo bikaba vyabaye ku wa 12/07/2023, bigatuma abajejwe umutekano ndetse n’abatari muriyo myiyerekano bakomereka cane, nayo amazu y’ubudandarizo aribwa, nkuko vyashikirijwe na Kithure Kindiki, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu ca Kenya.

Iyo myiyerekano ikaba itasize abana bakiri bato, aho abagera kuri 53 bakomeretse, abandi bata ubwenge bivuye ku vyotsi vyokera batewe n’igiporisi. Bakaba baciye baja kuvurirwa mu bitaro bibegereye.

Kuva muri Ntwarante 2023, Reta ya Kenya iriyamirizwa cane n’abatavuga rumwe nayo, bavuga ko ubuzima buzimvye ndetse ko yanadugije amatagisi ku rugero rudasanzwe, aho yadugije na cane cane itagisi ry’ibitoro kuva ku bice 8% gushika kuri 16%, n’ikatwa ry’imishahara kugira ngo ishobore gushira mu ngiro umugambi w’inyubako z’uburaro zizimbutse, nkuko vyandikwa n’urubuga rw’imboneshakure France 24

Mwene iyo myiyerekano ikaba yari imaze guhitana abantu 3 hagati ya Ntwarante na Rusama uno mwaka, nayo ngo amafaranga agera ku miriyaridi 3 z’amashiringi arahatakarira buri ndwi.

Reta ya Tanzania itegekanya gushiramwo ama miriyaridi 47 y’ama shiringi mu rudandazwa rw’ivyuka vya « carbone »

Amashirahamwe mvamakungu arenga 20 aramaze kugaragaza ubushake bwo gukorera mu gisata c’urudandazwa rwa « carbone », nkuko vyasiguwe n’umushikir’nganji wa Reta ya Tanzania, Dr Jafo Selemani, kuri uyu wa 16/07/2023 mu nama yateguwe n’ishirahamwe ry’abakorera mu gisata c’abigenga – TPSF.

Ngo ivyo bizotuma ikirere gikingirwa n’ibangamirwa ryaco riva ahanini ku vyuka birimwo na « carbone ». Ihangiro ryo kugabanya ivyo vyuka gushika ku rugero rwa 30% mu mwaka wa 2030, rishobora gushikwako muri Tanzania, bivuye kuri uyo mugambi, nkuko bishimangirwa na Dr Jafo Selemani.

Ibiharuro vyerekana yuko urugero rw’urudandazwa rw’ivyuka vya « carbone » rwongerekanye gushika ku rugero rwa 13,5% mu mwaka 2022, ivyatumye rwinjiza amafaranga y’abanyaburaya agera ku miriyaridi 865. Ibizotuma Tanzania yinjiza amafaranga atari make, mu gihe ifise uburinganire bugera ku miriyoni 48 z’amahegitari bwiziziwe n’amashamba. Mwene ivyo bibanza bikaba arivyo bisanzwe birangwamwo ivyuka vya « carbone ». Tubikesha ikinyamakuru The Citizen.

Rwanda : imodokari 3 zarahiye ziratokombera mw’isanganya ry’umuriro

Ivyo vyabereye mu gisagara ca Gatsata mu karere ka Gasabo. Nkuko ikinyamakuru Igihe dukesha ino nkuru kivyandika, iryo sanganya ryabereye mu kibanza gisanzwe kigorerwamwo imodokari (garage) igihe c’isaha zitanu kuri uyu wa 11/07/2023.

Ababonye iryo sanganya bavuga ko ryaturutse ku ntsinga z’umuriro z’imiduga, ariko ngo ibiduga bijejwe kuzimya ngo ntivyashoboye kuhashika kare mu kugira bizimye uyo mucanwa, ivyatumye zisha zigatokombera.

Ivyo biruko, mu gihe ata kiringo kinini cari giheze hadutse isanganya ry’umuriro ku murwa mukuru Kigali zikaba zafashe uburiro ndetse n’inyubako yakoreramwo ikinyamakuru « Imvaho Nshya », nayo ibintu bifise agaciro k’amafaranga y’amanyarwanda agera ku miriyoni zababa 200  bikaba vyarahatikiriye.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top