Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Umugambi «Twuzuzanye»: nta terambere ry’umukenyezi risiga inyuma umugabo!

Ishirahamwe Care Burundi ryaratunganije kuri uyu wa 12 kigarama,mu gisagara ca Bujumbura, uruganda rw’umwihwezo w’ivyitegererezo vya Care, mu mugambi wiswe «win-win» twuzuzanye, urangurwa mu ntara za Kirundo na Gitega.

Abakenyezi bahurikiye mu migwi ya Nawenuze ari na bo bafashwe mu mugongo n’uwo mugambi mu ntara ya Kirundo na Gitega, bari bishikiye i Bujumbura mw’ihoteri Martha, bicaranye n’abarongoye umugambi «Win-win Twuzuzanye» umaze imyaka 4, kugirango barabire hamwe ivyo bamaze gushikako, baronswe n’impanuro zitari zike, zivuye mu bushakashatsi bwiswe «Mpindure ingendo».

Nkuko bishikirizwa na Domithile Ntacobakimvuna, umuhuzabikorwa muri uwo mugambi, ibikorwa nyamukuru vyawo ni ugukangurira abakenyezi ngo bijukire uburimyi bwa kijambere, na cane cane igiterwa c’umuceri, kimwe mu vyerekanywe mu bushakashatsi bwakozwe, ko kirimwo uburyo butari buke bwotuma umukenyezi ashobora kwiteza imbere, gutyo n’umuryango wose udasigaye inyuma. Arongera akamenyesha ko umugambi wongera ukigisha ukubaho neza, ugutatura amatati, uguhindura ingendo, ukwihangira imirimo ya kazoza ihurikiyemwo bose atawusigaye inyuma, hamwe no gufungurira ibibondo imfungurwa zikwije vya ngombwa, zirimwo imboga n’ivyamwa kandi vyirimiwe mu kibano, biciye mu kugwiza uturima shuri.

Domithile Ntacobakimvuna ashikiriza ko abakenyezi bamaze gukorana bageze kuri 9 911 bari mu mugambi Nawenuze, bakaba na bo baca bigisha abandi ku mitumba, gutyo ntihagire uwusigara inyuma.

Nubwo abakenyezi basa n’abashizwe imbere bivanye n’ukwo ikibano kitabahaye ikibanza bakwiriye kuva muri kahise, umugambi Twuzuzanye ntiwashize inyuma abashingantahe, mukubaha ikibanza bakwiye kugira ikibano gitere imbere.

Abo bashingantahe rero, biswe « Abatangamuco »Domithile Ntacobakimvuna asigura ko babiyegereza bivanye n’imico itameze neza baba bafise mu kibano, gutyo bakabigisha bikwiye, bafatiwe umwanya munini, gutyo, bamaze guhinduka, nibo baheza bagafasha abandi bagisigaye inyuma, kuko intahe zabo ziba ari ibitanyegezwa, bivanye n’inyifato mbi baba barahevye, gutyo bagacika ivyitegererezo.

Intambwe irashimishije kubari mu mugambi

Mbonimpa Fidès, umwe mu bakenyezi bari mu mugambi Win-win Twuzuzanye ku musozi wa Mwumba, komine Mutaho mu ntara ya Gitega, ashikiriza ko yahungukiye vyinshi, mu gihe imbere yuko umugambi ubashikira yari nyamwigendako, atokwibajije ko yogira ico aterereye mu kibano. Amaze kuronswa inyigisho, yafashe iya mbere mu gufasha ugukinga amatati mu kibano, mu kugwanya yivuye inyuma uguharika, abifashijwemwo n’abandi bakenyezi b’imboneza. «Ku gatwe kanje, ndamaze gutatuta amatati arenga 170, aho abakenyezi baba bahohotewe mu buryo butandukanye.Turakora ibikorwa vy’iterambere bitandukanye. Duherutse gusibura ibarabara ringana ibirometero 12, nayo ku bijanye n’uburimyi, na cane cane ku giterwa c’umuceri, ubu turimbura incuro 10 ku vyo twimbura imbere y’umugambi».

Nayo Emmanuel Manirakiza, umutangamuco w’i Mutaho, avuga ko inyuma yaho agiriye mu mugambi, agaheba akaboregwe no guhohotera umupfasoni wiwe, amaze kwigurira inka, ingurube, impene, eka n’inkoko zitarinke, hejuru y’ivyo akaba yaranaguze itongo riciye 450.000 fbu. Emmanuel avuga ati.«Ubu ndumva ko ndi umushingantahe abushitse, afise ijambo mu bandi».

Naho biri ukwo, Jean Baptiste Kwizera, musitanteri wa Komine Vumbi mu ntara ya Kirundo, asaba abarongoye Care Burundi, gukwiragiza uwo mugambi mu zindi ntara n’imitumba, kugirango iterambere rikwire hose. Akongera agasaba abakenyezi n’abashingantahe baronkejwe ubumenyi mu mugambi Win-Win Twutuzanyekutadebukigwa naho umugambi worangira, kuko ibikorwa vyose bibavako bikabasubirako.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top