Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Mu Burundi, imico n’imigenzo ni inzitizi z’iterambere ridakumira

©Jimbere | Dr Juvénal Afurika arongoye ishiramwe Care Burundi ariko arasigura ibijanye n'ivyigwa vyakozwe kw'iterambere ridakumira

Imico n’imigenzo y’ikirundi iri mu bikumira umukenyezi maze bigatuma abagabo eka mbere n’ikibano bayikika inyuma mu guhohotera agateka k’umukenyezi. Ivyo biri mu vyavuye mu cigwa cashikirijwe kuri uwu wa 9 kigarama kuri Royal Palace Hotel na Nicédore Nkurunziza umuhinga mu gisata ca « Inclusion financière, Marché et Genre » muri Care Burundi. Ni mu gihe bariko baraba icokorwa kugira bashikire iterambere ridakumira.

Mu mugambi wa Care Burundi baripfuza ko mu myaka ibiri canke itatu iri imbere bazoba bafise imitumba 200 y’akarorero izira amabi afatiye ku gitsina. Ivyo bishikirizwa na Juvénal Afurika arongoye ishirahamwe Care Burundi aho yamenyesha ko nubwo ishirahamwe Care Burundi rikwije imyaka 25 rikorera mu gihugu c’Uburundi na canecane mu gisata co guteza imbere iterambere ry’umukenyezi, bigaragara ko intambwe ikiri ndende.

Mu ntara zitandatu Care ikoreramwo imigambi yayo arizo Ngozi, Kayanza, Muyinga, Kirundo, Bujumbura Rural na Gitega, harakozwe ivyigwa bitatu, bibiri mu mwaka wa 2017 n’ikindi muri uyu mwaka wa 2019 bifatiye ku kuraba ingene umukenyezi afashwe mu kibano. Nicédore Nkurunziza yashikirije ivyavuye muri ivyo vyigwa avuga ko basanze imico n’imigenzo ishira umugabo imbere maze umugore agakumirwa, agahohoterwa eka mbere bikamuviramwo kudaserukirwa nkuko bikwiye mu nzego zifata ingingo.
Tubonereho kwibutsa ko mu rusansuma ruheruka gukorwa mu Burundi mu 2008 rwerekanye ko abagore n’abakobwa bangana 50,8% mu gihe abagabo bangana 49,2%.

Abagabo 73,25% n’abagore 28,60% bati: «Umugore ni umunyakigo»

Nkuko biri muri ivyo vyigwa vyakozwe, abagabo 75,85% n’abagore 6,56% baremeza ko atamugore yokwubahuka kuvuga ivyerekeye amabanga mpuzabitsina mu rugo, kuko ngo iyo ari ingingo ifata abagabo gusa.
Ivyo rero biraheza bikaba ihohoterwa rifatiye ku gitsina ribera mu ngo kuko umugabo ashobora guhatira umugore wiwe kurangura amabanga y’abubatse batavyumvikanye no mu gihe atoba ari mu gihe ciza. Muri ico gihe ngo umugore ntaheza avuge kuko ngo ababanyi barinze babimenya aca acika ikimena banga bikandurukiramwo no kwahukana.

Nayo abagabo 73,25% n’abagore 28,60% baremeza ko umugore ari umunyakigo adakwiye kurenga umutaru ngo akorere akazi kure y’urugo, kuko ngo ivyo vyemerewe abagabo gusa.
Vyongeye ngo umugore nta n’uburenganzira afise kw’itongo n’ibirivamwo gutyo ngo nta n’ingingo yofata ku butunzi buva mu vy’imburwa. Ariko umugabo ngo ni we afise uburenganzira bwo gukoresha amafaranga uko avyipfuje n’iyo hoba mu kaborerwe canke mu kurenga ibigo.

Nta terambere ritagira akaranga

Vénant Manirambona, buramatari w’intara ya Gitega agira ati: «Ntawovuga ngo ntituratera intambwe ku bijanye n’iterambere ridakumira kuko ubu dusigaye dufise n’abakenyezi bari mu mabanga atandukanye. Ariko rero ni ukuraba nimba iterambere ry’abakenyezi dushaka gushikako ryoba rijanye n’akaranga k’abarundi. Kuri ivyo twomenya ko umugabo uko biba kose aguma ari inkingi y’urugo kuko urugo rukeneye umuntu aruhagararira, bagafashanya gufata ingingo n’umugore gutyo tugateza imbere ibitsina vyose kuko tudashize imbere akaranga tuzohava tumera nk’abazungu, aho ubu umugabo ahitamwo kurongora uwo basangiye igitsina kuko abona ko umugore yahawe ububasha burengeje».

Thierry Ndayizigiye, umunyeshure wo kuri kaminuza Lumière de Bujumbura avuga ko hakenewe inyigisho zo gutahuza abantu ibijanye n’iterambere ridakumira maze zigahabwa abakenyezi hamwe n’abagabo kuko mu gihe higishijwe umugore gusa n’ivyo bihava bivamwo ukudatahurana mu rugo.
Abandanya avuga kandi ko iterambere ari iry’umuryango, umwe wese akwiriye gufashanya na mugenzi we, bakubaka urugo ruzira ubusumbasumbane, ahubwo rurangwa ubwumvikane.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top