Bumwe mu buryo Menyumenyeshe ikoresha kugira ihimirize urwaruka ku bijanye n’inyigisho z’irondoka rijanye n’amagara meza, ni ugushigikira kuziganya no kuguranana ku rwaruka. None bigenda gute ? Jimbere yaragendeye umugwi wo gufatana mu nda w’urwaruka wo ku mutumba Kabwira, mu ntara ya Karusi.
Umugwi wogufatana mu nda (Groupe de Solidarité) wegukira ivuriro mugenzi w’urwaruka rya Masabo muri komine Bugenyuzi y’intara ya Karusi. Aho abamenyesha makuru ba Jimbere barikumwe n’abaserukira Cordaid muri iyo ntara bawugendera basanze ibikorwa babirembeje. Uwo mugwi ugizwe n’abigeme 24 n’imisore 5, ukaba watangujwe muri Ruhuhuma 2018.
Abanywanyi bahura rimwe mu ndwi ku munsi wagatatu hanyuma bagatanga inyigisho zijanye n’ubushobozi bwo kwibeshaho (CVC), hanyuma bagaca batangura ibijanye na Nawe Nuze (VSLA), batanga umutahe umwe ungana n’amafaranga y’amarundi 500. Ntawurenza imitahe 5, ni ukuvuga amafaranga 2500. Baca bongera ko amafaranga 100 y’intega bizoza agenewe gufasha uwugize ingorane canke urubanza. Bahejeje kwegeranya imitahe abafise amadeni baca batangura kuriha hagaca hakurikira gutanga ingurane ku bazisavye bafatiye ku mahera yabonetse mu kigega c’umugwi.
Ukuziganya birabafasha kwirinda ubuhumbu
Turetse ko umuywanyi aje mu mugwi aharonkera inyigisho zimufasha mu buzima bwiwe mu gishingo co kuja gutakaza umwanya mu bitagira mvura, arisununura mu bijanye n’ubutunzi. Bitayeko umugwi w’i Kabwira ugizwe n’abigeme, birabatuma bashobora kuronka utuntu twa nkenerwa nko mu gihe c’ubutinyanka, bityo bikabarinda kuja gusegerereza. Kukaba nkako, iyo umwigeme adafise ico yifashije bimutuma agwa mu ngnso mbi kubw’ukubura ukundi abigenza. Hari igihe acaja no mu busambanyi kuko abona atako ari bugire.
Umwunganirarunganwe asanzwe arongoye uwo mugwi Emelyne Nshimirimana avuga ko iyo umwigeme ari mu mugwi aguma agira ati « Ntawuhora ayo atarize » canke ati « Ejo niheza kubera aba azi ko bitebe bitebuka bazogabura yikenure ». Eka mbere iyo bigoranye aba azi ko ashobora gusaba ingurane. Ivyo biramurinda kugira uko ubukene bugize. Ico ni co gituma Emelyne abona ko umugwi arongoye ufise akamaro gakomeye ku rwaruka ruwuhurikiyemwo.
Mu ntango ya 2019, bagabuye bafise amafaranga yababa 2 500 000 Fbu
Umunsi Jimbere yabagendera, inyuma y’inyigisho zijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, baciye batangura igikorwa gikomeye cokwegeranya imitahe abanywanyi bazana mu ntumbero yo kuziganya no kuguranana. Uwo munsi 45 000 Fbu niyo baziganije. Hose hamwe, uyu mwaka uwo mugwi umaze kwegeranya amafaranga angana 819 650 Fbu, ukaba umaze no kuronsa ingurane abanywanyi bawo zingana 941 100 FBu. Umugwi urasaba inyungu itavuna umunywanyi asavye ideni. Umwaka iyo uheze baca bagabura ayo baziganije bivanye n’umutahe umwe wese yazanye mu mugwi. Igihe bagabura, uwa mbere yatahanye 160 000 nayo uwa nyuma aronka 50 000.
« Nambaye akajipo keza kubera umugwi »
Valerie Ningabiye, umwe mu bigeme bagize uwo mugwi arawishimira: « Amashure ananiriye mu mwaka w’8, sinabona ingene bigiye kugenda vyiyongeye ku ngorane z’uburyo i muhira. Ariko kuvaho ngiriye mu mugambi Menyumenyeshe narafashijwe cane. Naguze agahene kubera umugwi. Umwaka uheze tugabuye naronse amafaranga 64 000 Fbu. Naciye ngura agahene kumafaranga 40 000, ubu karavyaye. Agapira nkaka nambaye karazimvye muga narashoboye kukaronka kubera uw’umugwi ndimwo. Menyumenyeshe yaranfashije cane mu gihe ishure ryari rimaze kunanira. Mu mwaka uza nipfuza gusubira ku ntebe y’ishuri. »
Dieudonné yuguruye ateriye yo kubaza anatangura umwuga wo gufotora kubera umugwi
Ni umusore abushitse kandi ngo umugwi wamubereye inyishu. Ubwa mbere yatanguye afata ingurane y’amafaranga 100 000 aca agura « appareil » yo gufotora. Yaciye atangura kuriha mu nyungu, ingurane amaze kuyiriha yose aca atangura kuziganya. Hageze ko bagabura, yaciye afata ayo yabitse kubera gufotora ashirako ayo bagabuye, aca atanguza ateriye(atelier) yo kubaza. Ubu arakora inzugi, amadirisha, intebe, n’ibindi. Ateriye yamutwaye amahera arenga 130 000 kandi n’ubu ntarakwiza ibikenewe vyose, akizera ko kubw’uwo mugwi arimwo azobikwiza mu gihe gito.




