Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Umwihwezo ku mfungurwa zigaburirwa abantu bari hamwe

Ku mashure y’uburaro hamwe n’ay’akarorero ho bimeze gute?

Aha imfungurwa zirahindagurika bivanye n’amashure canke bivanye n’uko usanga ari amashure y’abigenga canke aya Reta. Tubanze turabe ibikorwa kw’ishure rimwe muri make y’abigenga afise indaro kandi agaburira abanyeshure bashika 200 riri mu gisagara ca Bujumbura.

Uwujejwe ivy’imfungurwa zo kugaburira abana kw’iryo shuri bitakunze ko rivugwa izina, aratwiganira ivyo bagaburira abanyeshure: kiretse tubahinduriye gusa, nay’ubundi ivyo tubaha n’umukate n’icayi mu gatondo; ibiharage, umuceri, igitoke, ifiriti y’ibijumbu kabiri mu ndwi hamwe n’isosi y’indagara ku murango. Ku mugoroba ni umuceri, ibijumbu n’ibiharage. Ku munsi wa kabiri no ku wa gatanu ku mugoroba, abanyeshure bararonka akaboga gatetse neza ariko hari igihe tubumvisha n’ingene akanyama kameze tukabaha n’icamwa(umuhwi canecane) rimwe mu ndwi. Amafaranga y’amarundi ahuye n’izomfungurwa umunyeshuri yandikiwe ku munsi, ni 5500.

Turigereranije n’ayandi mashure y’uburaro, dusanga kuri iryo shure ry’abigenga ariho bafungura neza cane. Mu mashure y’uburaro ya Reta aho usanga uburyo buharuye, bakurakuranya ubutsima bw’umwumbati, intete z’ibigori, umuceri, ibiharage canke rimwe na rimwe bagafungura ibijumbu iyo ari mu gihe c’iyera ryavyo. Amahirwe yo kuronka agafi, akagetu k’inyama canke umukate mu buriro bw’ayo mashure ya Reta, bisa nk’ibitabaho.

Ariko kw’ishuri ry’akarorero ry’i Musinzira, nk’uko bivugwa n’umwe mu banyeshure biga kuri iryo shuri, Abanyeshure bararonswa ‘ubuyi’ n’ibiharage mu gatondo. kw’ishure ry’uburaro rya Ngagara, abanyeshure uko ari 256 bararonswa umwumwe wese igikombe c’icayi n’isahani y’umuceri mu gatondo. Imfungurwa zo ku mutaga zigizwe: ibijumbu, umuceri, ibiharage, ifiriti y’ibijumbu, ifiriti y’imyumbati. Iryo shuri rirafise imirima yagutse irimwamwo imboga, ibiterwa mbumbarugo be n’ivyamwa abanyeshuri bafungura iyo bihiye. Abarezi b’iryo shuri baguma bacungana n’abanyeshuri bashaka kuja barafungura mukinyegero ibifungurwa bitari ivyo kw’ishuri.

Mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi ho vyifashe gute?

Na bo nyene ntibari kure y’imfungurwa z’abasodo, kiretse ko mu bigo vya Kaminuza, za nyama zo mu bikopo zitangwa n’abashinwa zitabashikira. Umunyeshuri afise ikarata yo gufungura, araronka imfungurwa zigizwe n’ibiharage n’umuceri, hari n’igihe ugasanga babashiriyeko igitoke canke ifiriti y’ibiraya bikaranze mu mamesa. Rimwe na rimwe hari igihe basangamwo akababi k’uruboga rw’ishu mu biharage. Nta kanovera ziba zifise. Abafise uko bigenza bahitamwo kuja kwifungurira mu nzu z’uburiro ziri hafi y’ivyo bigo vya Kaminuza y’Uburundi.

Sabikanya kuri

Pages : 1 2

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top