Mu bona gute hamwe twotereza akajisho ku bifungurwa bitekwa ku mashure y’uburaro, ku mashure y’akarorero, mu bigo vya Kaminuza canke vy’igiporisi n’igisoda?
Biroroha cane kuganira n’umurundi ibijanye n’ibinyobwa anywa, ariko kwubahuka kumubaza ivyo afungura bisa n’ugushira isoni. Ku bijanye n’ivyo abaporisi n’abasoda bafungura, ho ni ibindi. Ntibivugwa.
Imfungurwa z’abajejwe umutekano
« Umuceri n’ibiharaga ku murango, ibiharage n’umuceri mw’ijoro. Iyo ni yo mfunguro ntabanduka ku basoda kuva ku munsi wa mbere bijiriye gushika ku munsi wo gusohoka ikambi. Mu vy’ukuri, ntibishemeye kwama ku mfungurwa imwe, ariko ukwo iminsi ihera ni ko tubimenyera», vyemezwa n’umusirikare amaze igihe kuri iyo mfunguro.
Abasoda bamwebamwe akenshi izo mfungurwa ntizikunda kubagwa neza. Baca bishira mu migwi y’abantu batanu canke batandatu bakariha umukozi kugira iyo imfungurwa zibonetse ace azibarungira amavuta n’igitunguru. Ariko ku baba bari mu mabanga y’akazi, amasaha yo gufungura ashobora gushika atariho bari, ibifungurwa vyabo birabikwa bagashobora kuvyitegurira bo ubwabo.
Amagarama 300 y’umuceri, amagarama 400 y’ibiharage, amagarama 200 y’imboga, amagarama 250 y’inyama zirimwo amagufa, igarama 100 z’umunyu, igarama 150 z’isukari, igarama 150 z’ibiyoba, igarama 300 z’ubushaza, igarama 100 z’umukate,… ivyo ni vyo vyanditse kurutonde rudonda imfungurwa umusoda yandikiwe nkuko bimenyeshwa n’umwe mu basoda batanze inkuru. Ariko wihweje ivyanditswe ku rutonde rw’imfungurwa n’izo bafungura ubu, bisa nk’ibitandukanye.
Imboga z’imashu zasubirijwe n’irengarenga biterera mw’ikambi, na yo inyama z’irimwo amagufa zasubirijwe n’izo mudukopo bahabwa nk’imfashanyo n’igihugu c’Ubushinwa( udukopo tune mu kwezi). Na yo ku bijanye n’icayi n’umukate, haheze imyaka 18 ata n’umwe azi ingene bimeze.
Hoba hari ico uzi ku vyo abaporisi bafungura? Uwo twabajije yemeza ko ifungurwa z’abaporisi zihakwa gusa n’iz’abasoda kiretse hamwehamwe. Agira ati: « ubwiza n’ubwinshi bw’imfungurwa bivana n’ubutore bw’umukuru wabo».




