Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Kuva ku mutahe wa 20.000 Fbu ukaja ku wa 6.000.000 Fbu mu myaka 2 gusa…

Salomé Nitegeka ariko araha urwaruka inyigisho z’ibikorwa vyo kwiteza imbere

Ku myaka 32 yiwe, Salomé Nitegeka afise ihinguriro ridasanzwe ry’ivyema ryitwa KeyMax.Uwo mukenyezi yatanguye ico gikorwa mu mwaka wa 2018, atanguza umutahe wa 20000Fbu n’ibiro 5 vy’ivyema yaja arashorera muri kamwe mu tuguriro tw’ibifungurwa turi mu gisagara ca Bujumbura. Uno munsi ihinguriro ryiwe KeyMax rifise abakozi barenga 20 rihemba.

Kuva akiri muto cane , Salomé avuga ko yari afise indoto zo kuzokwikorera ku giti ciwe imigambi imwinjiriza amafaranga . Kugira ngo abishikire, vyabaye ngombwa ko aja ku kivi bidatevye. N’akanyamuneza gaseseka ku maso, Salomé yatwiganiye amwenyura, ati : « Ndibuka ko ngifise imyaka 9 y’amavuka nigeze kwunguka amafaranga ashika 14000 nkuye mu vyema natekera mu dusashe dutoduto ninyegeje kuko Papa atantahura ndiko nkora ibintu nk’ivyo eka mbere vyaranamutangaza cane. N’igihe nari muri kaminuza wasanga ndiko ndadandagiza utuntu dutandukanye, twaba uduhuzu, ibirato … »

Intango yama igora

Salomé yaronse urupapuro rw’umutsindo muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 2017. Yari akiri muto, afise umwete n’ubukerebutsi imirimo. Bidatevye, yaciye aronka akazi mu mashirahamwe atandukanye aharanira gukingira ibidukikije, eka mbere yahavuye aba n’umworoshabikorwa muri rimwe mu mashirahamwe akorana na OXFAM. Ariko rero naho uwo mukenyezi yari anezererewe ako kazi yakora ico gihe, yaguma yumva asa n’uwagiwe kuko wamenga asa n’uwushingiwe akarimbi mu vyo akora : « Wamenga igice c’ubushobozi bwanje gisa n’icamaze gukoreshwa ».

Igihe kimwe Salomé yifatiye ingingo yo guheba ako kazi yariko aca ashinga ishirahamwe SCCF ari kumwe n’abandi bagenzi biwe 2 . Agira ati : «  Iryo shirahamwe ryacu ryafasha mu bikorwa vyo gukurikirana ingene ibikorwa binaka biriko birarangurwa, rigatanga ubumenyi bwo gukundisha abantu imyuga eka rikanaronsa abaryitura inyigisho zikabura ubushobozi bwo kuba imboneza. Ni ho muri uwo mwaka wa 2017 nyene nasekerwa n’amahirwe mbona umuntu anterefonye ngo njane imigambi yanje mpiganwe n’abandi mu ntumbero yo gushigikirwa na AUF. Nikwo kugirirwa ibakwe, umugambi natanze wo guhingura ivyema uremerwa, ushigikirwa mu kiringo c’amezi 11 ».

« Inyigisho ni zo ziza imbere y’umutahe… »

Inyigisho Salomé yahawe na AUF zabaye nk’izibatura gusha ivyiyumviro vyo gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere, atunganya neza urutonde rw’ingene azokurikiranya ibikorwa, muri AUF ahakura ubumenyi butari buke. Uku ni ko ishirahamwe ryatanguranye imigambi yo gukurikirana uko ibikorwa binaka birarangurwa ryahindutse riba KeyMax, ishirahamwe rihingura ivyema. « Natanguje umutahe w’amafaranga 20000 vy’amarundi hamwe n’ibiro 5 vy’ivyema najana mu kaguriro k’ibifungurwa Ko mu gisagara ca Bujumbura». Haheze iminsi, ngo ntiyamenye iyo abakiriya bisuka bazanana. Ni ho yaca atangura gutanga ubwoko 3 bw’ibidandazwa ari bwo: Ivyema bisanzwe, amavuta y’ivyema hamwe na amussa.

« Gushika ubu ihinguriro KeyMax rifise abakozi 8 bahawe akazi burundu na 15 bandi bakora mu kiringo gitegekanijwe ariko atari burundu. Sinigeze ndonka abamfata mu mugongo usivye uguha ibikorwa amaboko yanje ngo ashire mu ngiro ubumenyi nari mfise. Benshi mu rwaruka barihenda bakibwira ko intambamyi ya mbere ari ukubura umutahe. Ni vyo mu ntango umutahe urakenerwa ariko si wo uza imbere y’ibindi vyose »

Naho afise amabanga menshi ajejwe nk’umukenyezi mama w’abana 5, aramenya uko atunganya ibikorwa ku buryo aronka akanya ko kuyaga n’ibibondo. « Ni ivy’ukuri nama mfise imyitwarariko y’ibikorwa bitandukanye ariko ivyo sinobigura uruvyaro rwanje….  ndanezerwa iyo nsohokanye n’umuryango wanje ».

Uwo mu kenyezi Salomé we abona isi yuzuyemwo ivyo gukora vyinshi kandi vuba ngo ategekanya gutanguza ingaburo y’ivyema biriko ikimenyetso c’uko vyakorewe i Burundi : «Hazoba ari mu ntumbero yo kugwanya ingwara abana bagwara zituruka ku gufungura nabi mu Burundi. Vy’ukuri uwu mwuga undi ku mutima ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top