Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

I Nyabiraba, urwaruka rurishimiye kuba mu mashirahamwe

Benjamin Manirakiza, Ivone Nkeshimana, Nestor Nikwigize ni bamwe mu Rwaruka rutarera amaboko ku gikorwa, kandi baritanga mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Ni mu mubonano ikinyamakuru Jimbere cagiranye na bo.

Turi ku munsi wa gatanu, ni umunsi w’isoko. Uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu ntiworaba, akamwemwe ni kose ku bakenyezi bariko baradandaza muri iyo soko. «Umwimbu wama ugenda neza ino iwacu. Ubutaka bw’i Nyabiraba buracimbuka», bimenyeshwa na Benjamin Manirakiza,w’imyaka mirongwitatu.  Uravye ukuntu aguma aramutswa n’abahita bose, biboneka ko yoba yubabashwe mu kibano. Ni imboneza ibushitse. Ni we yashinze amashirahamwe menshi ahurikiyemwo urwaruka. Manirakiza ni umwigisha w’umwuga, ntiyihanganira urwaruka rwamaze amashure ruguma rureze amaboko ngo rurindiriye ko umunsi umwe hoboneka umugiraneza abaha akazi. Agira ati: « Akazi ntikigeze kabura ku wugakeneye, imirima iriho, igikenewe ni ugukura amaboko mu mpuzu tugakora». Kandi urwaruka rumwerumwe rwijukiye ibikorwa.

Ivone Nkeshimana ni umwe mu banywanyi b’ishirahamwe Urunani mu kwiteza imbere i Nyabiraba. Umunyamigambi, yarangije amashure yisumbuye, Ivone yamiriye kure ivyo abandi bakobwa babona ko urukiza rwabo ruri mu minwe yabazoba abagabo babo. Ari mu mashirahamwe menshi atandukanye. Ubu ni ijisho  rya CPAJ, yipfuza gushika kure, ariko ari kumwe n’abandi. Agira ati: « Amashirahamwe ni ngirakamaro ku rwaruka na canecane ku rwaruka rwaciye ku ntebe y’ishure. Turaziganya, tukanaguranana kandi buhorobuhoro twisanga twifashije mu tuntu tumwetumwe twankenerwa».

Gusenyera ku mugozi umwe

Urugamba Nkeshimana ariko ararwana n’urwo guhimiriza abakobwa bagenziwe kuva mu kutamenya bagahagarika kwitega ubufasha buzova ku bazoba abagabo babo. Ivyo akaba yizeye ko azobishikako biciye ku nyigisho yakuye mu mugambi wa SFCG wo gufata mu mugongo abakenyezi b’imboneza b’ubu n’abo muri kazoza mu ntumbero yo gusasagaza amahoro mu Burundi. Ivone akaba aserukira CPAJ ku rwego rwa komine. We, rero akaba yishimira kuba afise ivyazi yoshobora kwigisha abandi ku bijanye n’uburongozi bwiza, ugutatura amatati bidaciye mu gikenye, ubuserukizi, ukugira uruhara mu bafata ingingo, n’ibindi.

Co kimwe na Nestor Nikwigize, umusore w’inguvu n’ubwira bwo gukora. Ubu ni umworozi w’isamaki, ikibazo co kubura akazi yakigize umuziro. Agifise amaboko abiri, Nestor ntaterwa isoni no kwitwa umurimyi n’umworozi ngo ni uko abitse urupapuro rw’umutsindo mw’isandugu. Agira ati: « Nta teka na rimwe mbona riri mu kuja kuyerera mu gisagara ca Bujumbura ngo wishimirije amashure wize, mu gihe iwanyu hari ivya nkenerwa bishobora kugutunga mbere no kuguteza imbere». Nestor abona ko urwaruka rukwiye kwigishwa ibijanye n’uburongozi bwiza no kumenyera kwikorera ivyarwo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top