Ishirahamwe Pax Christi International rifadikanije na Horana Iteka VMIA baratunganije kuva igenekerezo rya 25 gushika irya 27 Ndamukiza 2024 mu Ruyigi inama yo kwigisha urwaruka 20 rw’abigeme harimwo n’abibarutse muri diyoseze ya Rusengo.Inyigisho nk’izo zarabaye kandi ku magenekerezo ya 4 na 5 Rusama 2024 ku rwaruka 10 harimwo bamwe mu bigeme bibarutse bo mu ntara ya Bujumbura.
Inyigisho zigishijwe zari zishingiye ku kurwanya ihohoterwa ,gukinga ihahamuka ,kubumbatira amahoro ,kugira ubumenyi mu bijanye n’itumatumanako ,ubutwari n’ukwiteza imbere.
Kubw’ubwo bumenyi bushasha ,n’izo nyigisho baronkeye hamwe,abazitabiriye baritunganije kugire bashobore kwigisha n’urundi rwaruka mu kibano aho babaye nk’uko avyigana Dieudonne Serukabuza,umuhuzabikorwa ku rwego rw’akarere wa Pax Christi International Afrique.
Ku ruhande rw’abaronkejwe inyigisho,icizere ni cinshi.Key Delicia Manirakiza umwe mu bigeme bibarutse yaronkejwe inyigisho arashinga intahe:”Narize uburyo bubereye bwo kubana n’abandi mu mahoro, mu kubabarira ntibagiye ubwoko bw’imvugo idakomeretsa nokoresha hamwe no kwikorera umugambi kugire niteze imbere nongere ngume ku kivi.”
Co kimwe na Dorine Inamahoro ashima cane cane akaryo ko kuganira kahawe abo bigeme bibarutse bo mw’iyo ntara:”Hejuru y’inyigisho twahawe,twaraseruye akari ku mutima ataco twinona.”
Kugire ushike kure wojana n’abandi
Ku bijanye n’inyigisho ,Dorine arashima cane inyigisho zijanye no kwitunganiriza imigambi :”Vyaranyuguruye amaso kuvyo nshoboye n’intumbero nshobora guha ubuzima bwanje.Guhera ubu mu mutahe muto mfise ndashobora gukora umugambi ushobora kumbeshaho.”
Anitha Niyogusengwa nawenyene yaronkejwe inyigisho arashima ku ruhande rw’iwe ivyigwa yize aramenya uko ashobora gutwara ishavu agahindura n’ingene ayagisha abandi nk’akarorero kuvuga mu mvugo yoroheje.Mu majambo make nk’uko abitwiganira ,izo nyigisho zabaye akaryo k’ukwitahura kuri we no ku bagenzi biwe kuko gushika ubu barumvako umuntu akeneye kugenda anyaruka agenda wenyene ariko uwushaka gushika kure ajana n’abandi.
Inyuma y’izo nyigisho,abaronkejwe izo nyigisho bazoronka mu kwezi kwa Rusama umutahe wo gutangura imigambi yabo kugire bashobore kwiteza imbere mbere baronke n’uburyo bwo kwigisha abana babo.
Mu kwibutsa,izo nyigisho zaje inyuma y’izindi zabaye mu mwaka uheze ku bigeme bashika 18 baronkejwe imitahe bahawe n’ishirahamwe Horana Iteka VMIA kugire batangure ibikorwa bibazanira inyungu ,umutahe wunguka nk’uko bishikirizwa na Benite Irabasumba aserukira iryoshirahamwe akarangiza agira ati:”Turashima intambwe tumaze gushikako kuko abagaruka kutubwira ko bafashijwe ni benshi.”




