Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

“Hakudandaza umubiri mpitamwo gutembereza imyumbati n’ivyema ku mutwe…”

Abakenyezi n’abigeme bakora urudandaza rutoruto batembereza mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko bibafasha kubaho bativye kandi batisutse mu bushurashuzi. Ariko nubwo biri uko bamenyesha ko bahura n’intambamyi zo kuburabuzwa n’abajejwe umutekano bigatuma badakorana umutima uri mu nda kuko hari ibibanza badandazamwo binyegeje. Basaba gutezurirwa badandaze bidegemvya.

Mu gisagara ca Bujumbura harangwa uruja n’uruza rw’abantu bari mu vyabo. Muri bo, usangamwo abigeme n’abakenyezi batandukanye batembereza ku mutwe no mu ntoke ibidanzwa vy’ubwoko butandukanye: ivyamwa, imboga, imyumbati, ivyema n’ibindi vyinshi baguma banyuragirana basemerera ku bahita ko atabagura.

Ku bijanye n’igituma bahitamwo kudandaza umugenda, M.N., umwe mu bigeme yari ahejeje gucuruza ivyema n’imyumbati mu gisagara ca Bujumbura ariko asanzwe avuka mu Kayanza avuga ko yabitewe no kwanka kwisuka mu buhumbu.

“Nta busambanyi mu gihe mfise amaguru n’amaboko…”

M.N., agira ati: “Naje i Bujumbura gukora ikiyaya mpevye ishure kubera amikoro make. Maze gushika aho narera umwana nkora n’isuku, mabuja yahavuye anyagiriza kumuhera umuti umugabo ngo ankunde, nca ndahava. N’ahandi nagiye ntihampiriye kuko databuja yaciye atangura kunsaba ngo turyamane azoza arampa ivyo nshaka vyose. Naravyanse. Nta busambanyi nojamwo mu gihe mfise amaguru n’amaboko. Naciye mfata uduhera nari maze gukorera nja gupanga ahazimbutse ku Mugoboka maze ntangura gukora ivyo kudandaza ivyema n’imyumbati ku kwanka kwisuka mu buhumbu. Ndanguje nka 20.000Fbu ndashobora kwungukako nka 10.000Fbu. Ivyo nkora birantuze kandi birandihira inzu nk’anigurira n’utwo nkenera ntarinze kwandagara mu bantu. « 

K.C., umupfakazi w’umwana umwe asanzwe ava i Gitega avuga ko amaze kubura umucance wiwe i Bujumbura hari abagabo baciye batangura kuza baramusaba ko boryamana ngo baze baramuha ibimufasha gutunga umwana. Ariko kubera ukwigumya n’ubutwari bwo kwigwana ko ngo yahisemwo gukora urudandaza rw’imihwi rudasaba umutahe munini. Ayivyukana mu gatondo agenda araca mu makaritiye hakagera ku mugoroba yayimaze, n’inyungu akayibona.

Agira ati : “Sindiba ikintu ca murundi kandi nta n’uwuransohora mu nzu ngo nananiwe no kuyiriha kuko ivyo nkora bintunze kandi ntibinkura agashambara.” Ahanura Abigeme bava ruguru ngo baje kurondera ubuzima i Bujumbura canke abapfakara bagaca baja mu ngeso mbi gutekana, bakarondera ivyo bakora bitabakura mu bantu ngo bandagere. Akavuga ko anegura abigeme baza bavuye ruguru baje gukora ubuzi bwo mu nzu, ariko ubuzi bumaze guhera bagaca bahitamwo kuja mu buhumbu, ibibazanira ingaruka mbi nko gutwara inda batipfuza, kugwara ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitina, n’ibindi.

Nubwo bigwanako ngo ntibandagare, abo bakenyezi bahura n’ingorane zitandukanye…

Abo bakenyezi bavuga ko batoroherwa mu kazi kabo k’urudandaza bakora bagenda, kuko hari abafatwa n’abajejwe umutekano bababuza kudandariza mw’ibarabara, bakakwa ivyo badandanza, hari abafungwa, ngo hari n’aho abakiriya babashorera bari mu mabisi ntibabarihe ibisi ikarengera bayiraba.

Muri urwo rudandaza nyene, abo bakenyezi bavuga ko hari n’abagabo babasaba ngo babasanze ivyo baba badandaje aho babagenekereje, bahagera bakabwirwa ko bashaka kubongereza umutahe ariko babanza kuryamana. Izo rero ngo ni zimwe mu ntambamyi bahura ariko k’uwuzi ico arondera ngo aragerageza kuzitorera umuti. Bagasaba nyabuna ko Reta yoborohereza abajejwe umutekano bakareka ku baburabuza mu gihe bagwana n’ubuzima bashaka kwibeshaho batisutse mu bibambura agahuzu.

Kubw’abo bakenyezi n’abigeme bagerageza kwiteza imbere, basaba bagenzi babo bitwara nabi ko bobiheba, bakiga kwitunganiriza utwobakora, bakabumbwa n’ivyo baronka bivuye mu nguvu zabo, kuko iyo babirose babiruhiye bamenya n’ingene bavyitwaramwo neza, kandi bibahesha icubahiro gusumba kwidandaza umubiri, ivyohava bibakwegera ukwicuza mu nyuma.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top